Igisomwa ca mbere
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (6, 14-18)
Ncuti zanje,
Jeho, icompa ntihagire ikindi kininahaza, ndetse umusaraba w’Umukama wacu Yezu Kristu, watumye ivy’isi bimbambirwa nanje nkabibambirwa. Nanone, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, nta kamaro, igishemeye ni ukuba ikiremwa gishasha. Abazokurikira iryo tegeko bose, ndabipfurije amahoro n’ukugirirwa ubuntu, ndavyipfurije kandi Israyeli y’Imana. Kuva ubu ntihagire uwucirirwa arangora, kuko ntwara mu mubiri wanje inkovu za Yezu. Benewacu, nimwamane mu mutima wanyu umugisha w’Umukama wacu Yezu Kristu. Amen!
Izabuli 16 (15)
Icitabirizo : Umukama ni we ntoranwa yanje.
Uranzigama Mana, kuko ari wewe mpungirako.
Nabwiye Imana nti: «Uri Umukama wanje,
Umukama ni we cibare natoranye, ni we gikombe canje;
ni wewe ushigikiye umugabane wanje.
Mpezagira Umukama we muhanuzi wanje,
mbere no mw’ijoro umutima wanje uranyigisha.
Namiza Umukama imbere yanje imisi yose,
kuko ari iburyo bwanje ngo sintirigane.
Waramenyesheje inzira y’ubuzima,
imbere yanje haseseka akanyamuneza;
iburyo bwawe hama agahimbare imyaka yose!
INKURU NZIZA.
Alleluya Alleluya
Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza
kuko wahishije ivyo bintu abanyabwitonzi n’abanyabwenge,
ukabimenyesha ibitazi.
Alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 25-30)
Muri ico gihe, Yezu yavuze aya majambo ati: «Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwitonzi n’abanyabwenge, ukabimenyesha ibitazi. Ni ko Dawe, kuko ari ko wabishimye. Dawe yarampaye ibintu vyose kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana ashatse kumuhishurira.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwiremeke umutwaro wanje, mube abigishwa banje, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima, niho muzoronka akaruhuko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, umutwaro wanje nturemereye kandi umuzigo wanje urahwahutse.»