IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (5, 14-17)
Nahamani yemeza icese Umukama
Nahamani, umukuru w’intwaramiheto z’umwami wa Siriya, aramanuka kwiyoga agashika indwi muri Yordani, nk’uko umuhanuzi Elize yari yabimutegetse. Umubiri wiwe uca usubira gutotahara, umera nk’uw’umwana w’ikibunduguru.
Niho rero yaca agaruka kwa Elize, ari kumwe n’abagendanyi biwe bose, yinjira iwe amubwira ati : « Noneho ndemeye ko ata yindi Mana iriho, atari Imana y’Israeli ! Enda rero, niwakire ishikanwa ry’umusavyi wawe. » Elize amwishura ati : « Nkurahiye ubuzima bw’Umukama nkorera, nta na kimwe nzokwakira namba. » Nahamani aramwinginga ngo avyakire, ariko uno aguma yanka. Maze Nahamani aramubarira ati : « Ko utavyemeye, ndagusavye unkundire ntware ivu ry’iki gihugu ringana n’iryo amafarasi abiri yoshobora gutwara, kuko kuva ubu ata zindi mana nshaka guhereza amashikanwa atari Umukama Imana y’Israeli. »
IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 3c-4
Icit : Umukama aramenyesha intara z’amahanga
yuko ari We akiza.
Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yakoze ivyiza vy’agatangaza ;
urukiza turukesha We,
ruva mu kuryo kwiwe kweranda.
Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga
Yuko ari We akiza kandi yuko ari We ntungane.
Yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
Umuryango w’Israeli.
Ba kavantara bose bariboneye
Ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 8-13)
Nitubere Kristu inzigamabanga z’imisi yose
Mwananje nkunda cane,
Ibuka Yezu Kristu yamuka ku muryango wa Dawudi : yarazutse mu bapfuye nk’uko Inkuru nziza nahawe ibivuga. Ni We mporwa mu magorwa bandemetse, gushika bambohe nk’inkozi y’ikibi. Ariko Ijambo ry’Imana, ntawushobora kuriboha. Nico gituma vyose ndiko ndabirinda kubw’abatowe, kugira ngo na bo bashikire ubukiriro muri Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa bwamaho.
Iri jambo ni iry’ukwemera :
« Nitwaba twarapfanye na We,
Tuzorambana na We ;
Nitwaba twararinze amagorwa hamwe,
Tuzosangira n’ubwami ;
Nitwaba twaramwihakanye,
Na We nyene azotwihakana ;
Nitwaba twaramuhemukiye,
We azoguma ari intahemuka,
Kuko adashobora kwihakana We nyene. »
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Muri vyose na hose, nimwame mukenguruka,
kuko ari co Imana ibashakako muri Kristu Yezu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko !
Mu gihe Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, yaciye ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure bati : « Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe ! »
Na We ngo ababone, arababwira ati : « Nimugende mwiyereke abasaserdoti. » Na bo bashitse mu nzira, babona bakize. Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza yishongora aninahaza Imana ; ashitse imbere ya Yezu, akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya.
Yezu rero arabaza ati : « Mbega, ntibakize bose uko ari cumi ? None se, ba bandi icenda bari hehe ? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko! » Araheza amubarira ati : « Va hasi, ugende ; ukwemera kwawe kuragukijije. »