IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (17, 8-13)
(Igisabisho gihozako ca Moshe kiratsinda abansi)
Mu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe araguma gushika izuba rirenge. Yoshuwa rero aratsinda Abamaleki, abatsindisha inkota.
IZABURI 120 (121) 1-2, 3-4, 5-6, 7-8
Icit : Urukiza rwacu turukesha Umukama, We yaremye ijuru n’isi.
Amaso yanje ndayerekeje ku mataba :
urukiza rwanje ruzova hehe ?
Urukiza rwanje ndarukesha Umukama,
We yaremye ijuru n’isi.
Umukama ntazokureka ngo utirimuke,
Umuvunyi wawe ntazokwigera ahunikira.
Eka nyabuna, Umuvunyi w’Israeli
Ntasinzira kandi ntahunikira.
Umukama azoba umuvunyi wawe,
Umukama azogukingira ikibaba ;
ku mutaga izuba ntirizokunaga,
mw’ijoro ukwezi ntikuzogukorako.
Umukama azokurinda akabi kose,
azigame umutima wawe ;
Umukama azokuzigama mu mazinduka no mu matahuka,
ubu no mu myaka yose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (3, 14-4, 2)
(Umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose)
Mwananje nkunda cane,
Urazigama ivyo bakwigishije, kuko uzi ko ari ivy’ukuri, ukamenya n’ababikwigishije. Kuva mu buto bwawe, wamye umenya Ibitabu Vyeranda : birashobora kuguha ubwitonzi bugushikiriza ubukiriro kubera ko twemera Kristu Yezu. Icanditswe cose cohejwe n’Imana kandi gifise akamaro mu kwigisha, mu guhanura, mu kugorora no mu kurera mu butungane. Gurtyo, umuntu w’Imana aca abangukirwa, akagira ibimukwiye ngo akore igikorwa ciza cose.
Ndakwihanikirije imbere y’Imana n’imbere ya Kristu Yezu azocira urubanza abazima n’abapfuye, ndabigusavye kandi kw’izina ry’uwuzoseruka mu buninahazwa bw’inganji yiwe : igisha udahengeshanya abaguteze amatwi n’abakwihoza, hanura, wihanize, uremeshe, mu bwitonzi no mu bwira bwinshi.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha,
rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mutima.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (18, 1-8)
(Imana izoburana abayo bayiborogera ijoro n’umutaga)
Umunsi umwe, Yezu yaciriye abigishwa biwe umugani, kugira abigishe ko bakwiye guhozako mu gusaba ntibarambirwe : « Habaye mu gisagara umushingantahe atubaha Imana, abantu na bo ntabababare. Muri ico gisagara nyene, hari umupfakazi yama amusaba amubwira ati : ‘Urantunga umburane, unkize uwirirwa arampama !’
Aramwankira kabiri, gatatu. Hanyuma yibwira ati : ‘N’aho ntubaha Imana, abantu sindabababare, uyu mupfakazi arangora, ngira ngo ndamucire urubanza rwiwe, yoye kumena amatwi. »
Umukama arasubira ati : « Nimwumve imvugo y’uyo mushingantahe mubi. None, Imana ni yo itoburana abayo bayiborogera ijoro n’umutaga ? Ni yo yobatevya ? Ndababwiye : izobaburana idahagaze. Ariko, none aho Umwana w’umuntu azogarukira, mbe azosanga ukwemera kw’isi ? »
Mu gisomwa ca mbere batubwira ngo « Musa akirije ikiganza, Israyeli yaca ikomera; amanuye ikiganza na ho, Hamaleki ni co caca gikomera » (Ihunguka 17, 11). Twibuke ko bari mu ndwano nk’uko tubisoma muri ico gisomwa nyene. Mbega bagenzi, bakiriza ibiganza kugira ngo bashike kuki, bakiriza ibiganza kugira ngo bagire iki? Twisunze izaburi, twoshobora kuvuga ko bakiriza ibiganza kugira ngo bambaze Imana, bakiriza ibiganza kuko bariko barasenga (Izaburi 63, 5). Ubuzima bw’abakristu bumeze nk’ubuzima bw’abasoda bari mu ndwano. Aho nibaza ko ntabeshe, kandi n’Ijambo ry’Imana rirabitubwira, iyo ririko rirarubwira ibirwanisho vy’umukristu (Abanyefezi 6, 10-20). Ariko, tweho ngira ngo hari aho ivyo birwanisho tubiheba. E mama, ngo nta mwanya uhari wo gusenga, ngo hari ibikorwa vyinshi, ngo sindakora ibi na biriya, ngo n’uwuriko arakora ibikorwa vyiza aba ariko arasenga, n’ibindi… Kuko Imana yaduhaye kuvyukana amagara, ngo nta mwanya dufise wo gusenga, ngo reka dukore ivyiza (Imana itarimwo)! Murumva ivyo? Mbega umusi twovyuka turwaye malaria canke ibindi bintu bituma tudashobora gukora, twosubira kuvuga ko ata mwanya dufise wo gusenga kuko dufise vyinshi dukora? Uwitwa Jean PLIYA yanditse ko mu birwanisho ishetani ikoresha harimwo canecane kubuza abantu gusenga: ikagerageza uburyo bwose kugira ngo idurumbanye igisabisho, canke mbere ikiburizemwo. Kubera iki? Yo irazi neza akamaro k’igisabisho, irazi neza ko uwuriko arasenga aba ariko arayigirira nabi rwose! Nimuvyiyumvire! Nimuze rero dukurikize ya mpanuro Benedigito mweranda yaduha ati: SENGA WONGERE UKORE.
J’aimeJ’aime