IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (4, 9-17)
Mwananje,
Bandanya uze unsange ino udatevye. Nkako Demasi yarampevye kubera urukundo rw’iyi si kandi yigiriye i Tesalonika, Keresenti na we yagiye mu Bugalati, Tito muri Dalumatiya. Luka ni we gusa twasigaranye. Fata Mariko umunzanire kuko angirira akamaro mu bikorwa vyanje. Ariko Tikiko namurungitse muri Efezi. Mu kuza, uranzanira umutamana nasize i Trowasi kwa Karipo be na vya bitabu, canecane vya bipapuro. Alesandro wa mucuzi yangiriye nabi cane, Umukama azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze. Na wewe nyene umuce kure, kuko yarwanije cane amajambo yacu.
Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije ariko bose barampevye; icompa ntibabihorwe! Umukama ni we yampagarikiye arandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye, kandi rishikire abanyamahanga bose, kandi naboneyeho gukira amenyo y’intambwe.
IZABURI 144 (145) 2-3, 4-5, 6-7
Icit.: Aberanda bwe Mukama,
ni bashemeze ubuninahazwa bw’Ubwamu bwawe!
Nshaka kukuninahaza imisi yose,
izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
Cane cane Umukama ni mukuru, arabikwiye,
ubukuru bwiwe ntibugira ingero.
Egome, uko imyaka ikurikirana,
ni ko abantu bazoyaga ubutwari bwawe;
bazovuga ko inganji yawe ari akaranduramutima,
bazokwigana hose ibikorwa bitangaje wakoze.
Bazoyaga ububasha bwawe buteye ubwoba,
bazomenyesha ubukuru bwawe;
bazokwibuka ubwiza bwawe ntangere,
bazokomera amashi ubutungane bwawe.
INKURU NZIZA
Alleluya, Alleluya
Umukama yavuze ati : si mwebwe mwantoye; yamara ni jewe nabatoye,
nabashinze kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho
Alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 1-9)
Ivyo biheze rero, Umukama atora abandi bigishwa mirongo indwi na babiri, arungika babiribabiri ngo bagende imbere yiwe mu gisagara no mu kigwati cose aho yagira ngo aje hose. Arababwira ati: «Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake. Sabe rero Nyene umurima, arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Gende! Ehe ndabarungitse nk’imyagazi y’intama mu mfyisi. Ntimutware umupfuko w’amahera canke isaho canke inkweto, no mu nzira ntihagire uwo muramutsa.
Inzu yose muzokwinjiramwo, ubwa mbere muvuge muti: “Amahoro muri iyi nzu”. Nayo nihaba hari umuntu akwiye amahoro, amahoro azomujako, ahandiho, azobagarukako. Iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo basanganywe, kuko umukozi akwiye impembo yiwe. Ntimuze mute umuhana mutora uwundi. Igisagara cose muzokwinjiramwo bakabazimana, murarya ivyo babazimanye; kandi muhakirize abarwaye, mubabwire muti: “Ubwami bw’Imana buri hafi yanyu”.