Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 30 yo mu mwaka. (Umwaka C)

Idominika ya 30 yo mu mwaka. (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (35, 15b-17. 20-22a)

(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)

Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi. Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.

IZABURI 33 (34) 2-3, 17-18, 19. 23

Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe.

Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ntizibe zikirangwa kw’isi.
Barasaba Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wabo wose.

Umukama yama yiyegereza imitima ituntuye,
akaremesha abajonjogoye.
Umukama azocungura abasavyi biwe,
nta wumuhungirako azopfa yishuye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (4, 6-8. 16-18)

(Shira ku muzirikanyi ijambo ry’Umukama)

Mwananje nkunda cane,
Jeho ndiko nditangako inkuka kandi igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye rugabo, nararangije urugendo, narazigamye ukwemera. Ibisigaye ni ukuronka rwa rugori rw’ubutungane Umukama, We Mucamanza w’intungane azompereza kuri urya musi, kandi ntazoruhereza jewe jenyene, azoruhereza n’abo bose bazoba baroreranye urukundo iseruka ryiwe.
Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije, ariko bose barampevye. Ese Imana itobobahora ! Umukama ni We yampagarikiye akandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose.
Nanje naravuye mu menyo y’intambwe ; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw’ijuru. Ni We akwiye ubuninahazwa imyaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (18, 9-14)

(Umutozakori ni we yatashe agabanye)

pharisien-publicainUmunsi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani bamwe bagira ngo ni bo beranda bagakengera abandi, ati : « Abantu babiri baraduze mw’isengero gusenga : umwe akaba ni Umufarizayo, uwundi na we Umutozakori.
Nya Mufarizayo, umutwe aranega, ku mutima asenga, agira ati : ‘Mana yanje, ndagushimiye, kuko ntameze nk’abandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana, kandi simeze nk’urya Mutozakori ; nisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga imperezwa y’ivyo ntunze vyose.’
Wa Mutozakori na we, aguma kure, ntiyubahuka n’uguhanga ijuru, mugabo yikubita ku gikiriza, avuga ati : ‘Mana yanje, ngirira ikigongwe, jewe munyabicumuro.’
Ndabibabwiye : uyu ni we yatashe agabanye, na we umwe wa mbere, haba namba. Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, na we uwicisha bugufi azoshemezwa. »


Un commentaire

  1. Jean-Claude MANARIYO dit :

    Umutozakori yavuze ati: « Ngirira ikigongwe Mana, jewe umucumuzi » (Luka 18, 13). Yezu na we ati: « Ndabibabwiye, uwo ni we yatashe agiriwe ikigongwe, na yo umwe wa mbere haba namba. » (Luka 18, 14). Kukaba nkako, umwe wa mbere (umufarizayo), yari yasavye iki? Nta na kimwe yasavye, uretse ko yagiye imbere y’Imana akishima akongera akanebagura abandi. Aho rero, n’ivyo yishima ngo yarakoze, ntazi ko biva ku nema y’Imana! Erega nta muntu n’umwe akora ineza adafashijwe n’Imana! Iyo rero ukoze ineza hanyuma ukaja mu vy’ukwishima, uba wamaze kugwa mu mutego wa Shetani, iba yamaze kugukubita hasi, uba uriko urakumbagara! None rero, murabizi, ku musi w’Imana uheze, Yezu yatubwiye ko twoguma duhozako mu gusenga. Dusengane uwuhe mutima? Nitwicishe bugufi. Dusavye na ho, dusabe iki? Ni vyinshi twoshobora gusaba. Kuko imbere y’Imana, tumeze nk’abana. None, hari ico umwana yotinya gusaba se? Umwana imbere ya se, asaba vyose, kandi agasabana umwizero. Ariko hari aho se atamuha ivyo yasavye kuko abonye ko yasavye ivyomugirira nabi. Ivyo nta co. Muri ivyo vyiza vyose twosaba, twoshimikira kuki? Ikigongwe. None tutaronse ikigongwe c’Imana, twoba turiko turaja he tukava he? Ubuzima bwacu bwoba ari impfagusa. Namaze kuvuga ko twosaba twicishije bugufi: nitwame twibuka igitero kimwe mu bitero vya rwa ruririmbo twama turirimba turiko turashengerera Yezu m’Ukaristiya: « Umenye ubworo bwawe, uze utabuhakanye, uzosanga Uwugukiza, ni we Rutungaboro. »

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :