IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (2, 19-21)
Ncuti zanje, ntimukiri ba kavantara canke abatsi b’indaro, ahubwo mucuditse n’aberanda, mugize umuryango w’Imana, kuko mwubatswe ku mushinge ugizwe n’abatumwa n’abahanuzi, Kristu Yezu akaba ibuye ry’imfuruka. Muri we, ni ho inyubakwa yose iteranira kandi igakuka, ikaba isengero nyeranda mu Mukama. Muri we, namwe murubakwa mwese ngo mucike Ingoro y’Imana muri Mutima
IZABULI 18, 2-5
Icit: Ubuninahazwa bw’Umukama bukwiye kw’isi yose
Ijuru rirayaga ubuninahazwa bw’Imana,
ikirere na co kikamenyesha igikorwa c’ibiganza vyiwe.
Umusi ubiyagira uwundi musi,
ijoro rikabimenyesha irindi joro.
Si imvugo, si n’amajambo
ijwi ryavyo ntiryumvikana,
ariko inyigisho yavyo yasamiranye kw’isi yose,
amajambo yavyo ashika ku mpera y’isi
INKURU NZIZA
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko twayishikirijwe na Luka (6, 12-19)
Muri iyo misi, Yezu yagiye gusengera ku gasozi, araheza amara ijoro ryose asenga Imana. Bukeye, ahamagara abigishwa biwe, araheza abatoramwo icumi na babiri, abita abatumwa. Na bo ni aba: Simoni yataziriye Petero, Andreya mwenewabo, Yakobo na Yohani, Filipo na Barutolomeyo, 15 Matayo na Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni yitwa Munyabwira, Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyoti yahavuye aba umuhemu.
Amaze kumanukana na bo, Yezu ahagarara ahantu hakirurutse. Hari ishengero ry’abigishwa biwe n’abantu benshi bava mu Buyuda bwose, i Yeruzalemu n’i Tiri na Sidoni ku nkengera z’ikiyaga, bari baje bashaka kumwumviriza no gukizwa indwara zabo, kandi n’abarembejwe n’amashinga barakira. Ishengero ryose ryaguma rirondera kumukorako, kuko ububasha bwarasohoka buva muri we bukabakiza bose