Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Ku wā 1 Munyōnyó: Umusi Mukuru w’Aberanda bose.

Ku wā 1 Munyōnyó: Umusi Mukuru w’Aberanda bose.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

 Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (7, 2-4. 9-14)

(Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose)

Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima ; arasemerera abamalayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati : « Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu. » Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso : ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israeli.

Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati :« Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa ! »

Abamalayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati :« Amen ! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka ! Amen ! »

Umwe muri ba Batama ambwira ati : « Abo bantu bambaye ikanzu zera ni bande ? Bavuye hehe ? » Nanje nishura nti : « Muhanyi, ni wewe wobimenya. » Ansubiza ati : « Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye ikanzu zabo bazeresha amaraso ya wa Mwagazi. »

 IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4, 5-6

 Icit : Ng’uwo umuryango w’abarondera inyonga zawe, Mukama.

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwirira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye,
w’umutima udacambirwa ibintazi.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije.
Ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-3)

(Tuzobona Imana nk’uko iri)

Bakunzi banje,
Itegereze namwe urwo Data yadukunze : We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na We itamumenye. Bakunzi banje : kuva ubu turi abana b’Imana, na co ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na We, kuko tuzomubona nk’uko ari. Na we uwo wese afise ako gatima k’ukumwizigira, ni mweranda nk’uko na We ari mweranda.

INKURU NZIZA

 Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimuze mwebwe mwese
murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 1-12a)

 (Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru)

Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :

« Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashparousieonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !

Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »


Un commentaire

  1. Nzeyimana dit :

    Dushimire Imana

    J'aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :