Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 32 yo mu mwaka C. Ijambo ry’Imana.

Idominika ya 32 yo mu mwaka C. Ijambo ry’Imana.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abamakabe (7, 1-2. 9-14)

Abavukana indwi bapfira ibanga

martyrsUmunsi umwe, abavukana indwi bafatwa kumwe na nyina wabo ; umwami Antiyokiya yashaka kubahatira ku nyama z’ingurube itegeko ribuza, abagomorerako ababakubita inkoni n’ibiboko. Umwe muri bo arabaserukira ati : « Mbe ushaka kutubaza iki ? Ha kurenga ku mabwirizwa ya ba data, twopfuma dupfa. » Uwa kabiri na we, mu gihe yariko aracikana, avuga ati : « Wa mugesera we, udukuye muri ubu buzima bw’ubu, yamara Umwami w’isi azotuzurira ubuzima budahera, kuko dupfiriye amategeko yiwe. »

Hanyuma y’uwo bafata uwa gatatu, bamwica nabi. Buno nyene asokorora ururimi nk’uko babimutegetse, atarika amaboko adatinya, aca avugana ubutwari ati : « Ijuru ni ryo ryampaye izi ngingo z’umubiri, mugabo kubera amategeko yaryo ndazirenza amaso, kandi ni ryo nizigiye ko rizozinsubiza. » Umwami na we nyene n’abagendanyi biwe bagwa mu gahundwe kubera ubutwari bw’uyo musore yaraba nk’ubusa ivyo kubabara.

Igihe uno amariye gupfa, bazana uwa kane bamugira nk’aba mbere. Bugingo ari mu gucikana, avuga ati : « Wopfuma wicwa n’abantu, iyo wizigiye ko Imana ari yo izokuzura ; ariko wewe ntuzokwigera ugabana izuka ry’ubuzima budahera. »

IZABURI 16 (17) 1, 5-6, 8b. 15

Icit : Umunsi nzokwikangura, ni ho nzohozagazwa
         n’ukukubona mu maso, Mukama.

Umburanire, Mukama,
umviriza amaborogo yanje ;
tega ugutwi igisabisho canje
kivuye mu kanwa kazira kubesha.

Nagumye ngendera mu nzira zawe,
ikirenge canje nticigeze gitsitara.
Ndakwambaza kuko utobura kunyishura, Mukama ;
ntega ugutwi, wumvirize ijambo ryanje !

Unzigame nk’imbonero y’ijisho,
unkingire ikibaba.
Nanje nzokwihweza inyonga zawe mu butungane,
nikanguye na ho, nzohozagazwa n’ukukubona mu maso.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 16-3, 5)

Ntiduhororokerwe mu kurorera Umukama

Ncuti zanje,
Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe, be na Mana Data wa twese yadukunze akaduha rimwe rizima uruhoza n’ukwizigira kwuzuye urweze, nibaremeshe imitima yanyu mu vyo mukora no mu vyo muvuga vyose. Kandi, benewacu, muradusabire, kugira ngo Ijambo ry’Umukama risasagare, rininahazwe nk’uko kw’iwanyu. Saba dukire inda mbi y’ababisha badushakira inabi, murazi ko bose badafise ukwemera.

Umukama ni intatanamundagano : ni We azobakomeza akabarinda wa mubi. Na kare, amizero tubafiseko ahagaze ku Mukama : ivyo tubabwiriza murabíkora kandi muzokwama mubikora. Umukama n’arongore imishaha yanyu ayerekeze ku rukundo rw’Imana, ntimwigere muhororokerwa mu kurindira Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Yezu Kristu ni We mfura mu bari bapfuye ;
ni We akwiye ubuninahazwa n’ububasha mu myaka n’imyaka.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (20, 27-38)

Igisomwa kigufi : 20, 27. 34-38

Imana yacu ni Imana y’abazima

Umunsi umwe, bamwe mu Basadusayo, -bamwe bagira ngo nta zuka ry’abapfuye ririho,- baregereye Yezu ngo babimubaze.

(Igisomwa kigufi kigera aha, kirasubira gutangurira ahandi)

Bati : « Mwigisha, ng’ibi ivyo Musa yadutegetse : Haramutse habaye umuntu afise mwenewabo yubatse, uwo mwenewabo agapfa ata mwana asize, uwo muntu yabira wa mupfakazi, ngo avyarire umwana mwenewabo. None, habaye abahungu indwi bavukana : uwa mbere yabira umugore, arapfa ata mwana asize; uwa kabiri, hanyuma uwa gatatu baramwabira ; bose gurtyo, uko bari indwi, bapfa ata mwana basize. Mu nyuma, wa mugore na we arapfa. None, ku munsi w’izuka, uwo mugore azoba uw’uwuhe, ko bamwabiriye bose uko ari indwi ? »

(Igisomwa kigufi gisubira gutangurira ngaha)

Yezu na We arababarira ati : « Abantu bo kw’isi barabira, abandi bakabirwa ; yamara abazoba babereye kwinjira mu bwami buzoza no kuzuka mu bapfuye, ntibazokwabirana, kuko batazoba bagishobora gupfa ; bameze noneho nk’abamarayika kandi ni abana b’Imana, kuko batewe iteka ryo kuzuka.

Na vyo, ivy’uko abapfuye bazozuka, na Moshe yaravyerekanye hamwe yari hafi ya ca gisaka, akita Umukama Imana ya Ibrahimu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo. Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko bose ari Yo bakesha ubuzima. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :