IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (3, 19-20a)
Umunsi w’Umukama
Ng’uyu umunsi w’Umukama uraje, waka nk’itanure. Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe. Uwo munsi wimirije kuza uzobatongora, -uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye- nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana. Ariko, mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubutungane rizobarasirako, rifise urukiza mu mababa yaryo.
IZABURI 97 (98) 5-6, 7-8, 9
Icit : Umukama azoza gucira isi
urubanza ruciye ku butungane.
Ririmbira Umukama mu nanga,
maze ijwi rihwanirane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari We Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.
Ikiyaga n’ibirimwo vyose,
isi n’abayibako bose, nibisamirane !
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo n’itere impundu !
Nimuvugirize impundu Umukama ariko araza
ngo acire isi urubanza !
N’acire isi uruciye ku butungane,
intara azicire urudaciye ku karenganyo
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (3, 7-12)
Nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya
Ncuti zanje,
Murazi neza ingene mwotwigana, kuko tutareze amaboko iwanyu, kandi atawe twaririye ivya gusa, ariko twama dukora ijoro n’umutaga, ata gikenurwa, ata buruhe twibanga, kugira ngo ntihagire uwo tugora muri mwebwe. Si uko tutari kubishobora, ariko twashatse kubabera akarorero ngo mutwigane. Na kare, aho twari tukiri iwanyu, ng’ibi ivyo twabategereza : nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya. None twumvise yuko bamwe muri mwebwe bibera ngaho ataco bakora, ariko bishinga kurya ivy’abandi. Abantu ben’abo, turabategetse kandi turabahanuye mu Mukama Yezu Kristu : nibakore mu mutekano, babone kurya ivyo bakoreye.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Murame muraramuye umutwe,
kuko ubukiriro bwanyu bwegereje.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (21, 5-19)
Murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu
Umunsi umwe, abantu bamwe bariko baravuga ingene igisengero gisharijwe n’amabuye meza be n’amaturo y’abemera, hanyuma Yezu avuga ati : « Hazoza iminsi, ivyo muriko muratangarira bizosanzara : nta buye na rimwe rizosigara ku rindi. » Na bo baramubaza bati : « Mwigisha, none ivyo bintu vyose bizoshika ryari, kandi ikimenyetso c’uko ivyo biri hafi y’ugushika ni ikihe ? »
Yezu avuga ati : « Muraba maso, ntihagire uwuzobahuvya ! Hazoza benshi biyitirira izina ryanje, bababwira ngo : Ni jewe, kandi ngo : Igihe cashitse ! Ntimubaje mu nyuma. Nimwumva ngo indwano n’umudurumbanyo birateye, ntimugire ubwoba ; ivyo ntivyobura kubanza gushika, ariko umuhero ntuzoba uragera. »
Araheza ababwira ati : « Intara izotera iyindi, ubwami butere ubundi ; irya n’ino isi izonyiganyiga cane, akaranda n’amapfa bitere ; hazoba ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso kw’ijuru. Yamara ivyo vyose bitarashika, bazobafata, babahame, babakubitire mu masinagoga no mw’ibohero, babashengeze ku bami no ku vyegera vya Sezari, muhorwa izina ryanje.
None rero nimubizirikane neza : ntimuzorinda kwiyumvira ivyo muri bubishure. Jewe nyene nzobihera imvugo n’ingingo, abansi banyu bose batazoronka aho bazica ngo babahinyuze. Mu bazobashengeza harimwo abavyeyi banyu nyene n’abo muvukana, incuti n’abagenzi ; bazobicamwo bamwe bamwe. Muzokwankwa na bose kubw’izina ryanje. Ariko, haba n’agashatsi na kamwe kazobava ku mutwe ngo kazimirire. Murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu.