Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Fêtes » IHEREZWA RYA BIKIRA MARIYA. Umusi bibuka (Mémoire)

IHEREZWA RYA BIKIRA MARIYA. Umusi bibuka (Mémoire)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (2,14-17)

Ishongore uhimbarwe, mukobwa wa Siyoni!
Nkako, ehe jewe, nje kugerera iwawe. Ni iriyazwe n’Umukama.
Amakungu menshi azokwifatanya n’Umukama kuri uyo musi,
aheze abe igihugu canje, nanje ngerere iwawe;uzoheza umenye ko ari Umukama Nyeningabo yantumye iwawe. Umukama azokwiganzira Yuda, ibe icibare ciwe mu gihugu ceranda,
kandi azokwongera yitorere Yeruzalemu. Ikiremwa cose nigicereze imbere y’Umukama, kuko arikanguye aho ari mu rusago rwiwe rweranda”.

IZABULI 1 Samuweli 2

Icit: Umutima wanje uraninahaza Imana

Umushaha wanje urahimbawe kubera Umukama,
Ndaneganega ku bw’Umukama,
ndugurura umunwa nkigamba abansi banje,
kuko nezerewe n’urukiza rwawe.

Umuheto w’intwari waravunitse,
abahora bagoyagoya bo bakenyeye ubukomezi.
Abahora bahimvye basigaye baca ingero y’ivyokurya,
nayo abahora bashonje ntibagishonje.
Mu gihe uwahora ari intavyara avyara incuro indwi,
uwari yavyaye benshi we asigaye yiburase

Umukama ni we yica kandi ni we abeshaho,
amanura ikuzimu kandi agakurayo.
Umukama ni we akenesha kandi ni we atungisha,
ni we acuvya kandi ni we atera iteka

Ni we akura umworo mu mukungugu,
agakura umukene mu mwavu,
kugira ngo amwicarike hamwe n’abatware,
kandi abahe gutorana intebe y’ubuninahazwa,

INKURU NZIZA

Alleluya
Bikira Mariya na we yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe.
Alleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikieijwe na Matayo (12,46-50)

Akivugisha ishengero, nyina na benewabo baraza, baguma hanze bashaka kuvugana na we. Hagira uwumubwira ati: «Ehe nyoko na benewanyu bahagaze aho hanze kandi bashaka ko muvugana.» Yishura uwo muntu amubwiye ivyo ati: «Mbega mawe ni nde, canke benewacu bo ni ba nde?» Yerekeje ikiganza ku bigishwa biwe, avuga ati: «Ng’uwu mawe kandi ng’aba benewacu! Nkako uwukora ugushaka kwa Data wo mw’ijuru, uwo ni we mwenewacu, ni we mushikanje kandi ni we mawe.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :