IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (2,14-17)
Ishongore uhimbarwe, mukobwa wa Siyoni!
Nkako, ehe jewe, nje kugerera iwawe. Ni iriyazwe n’Umukama.
Amakungu menshi azokwifatanya n’Umukama kuri uyo musi,
aheze abe igihugu canje, nanje ngerere iwawe;uzoheza umenye ko ari Umukama Nyeningabo yantumye iwawe. Umukama azokwiganzira Yuda, ibe icibare ciwe mu gihugu ceranda,
kandi azokwongera yitorere Yeruzalemu. Ikiremwa cose nigicereze imbere y’Umukama, kuko arikanguye aho ari mu rusago rwiwe rweranda”.
IZABULI 1 Samuweli 2
Icit: Umutima wanje uraninahaza Imana
Umushaha wanje urahimbawe kubera Umukama,
Ndaneganega ku bw’Umukama,
ndugurura umunwa nkigamba abansi banje,
kuko nezerewe n’urukiza rwawe.
Umuheto w’intwari waravunitse,
abahora bagoyagoya bo bakenyeye ubukomezi.
Abahora bahimvye basigaye baca ingero y’ivyokurya,
nayo abahora bashonje ntibagishonje.
Mu gihe uwahora ari intavyara avyara incuro indwi,
uwari yavyaye benshi we asigaye yiburase
Umukama ni we yica kandi ni we abeshaho,
amanura ikuzimu kandi agakurayo.
Umukama ni we akenesha kandi ni we atungisha,
ni we acuvya kandi ni we atera iteka
Ni we akura umworo mu mukungugu,
agakura umukene mu mwavu,
kugira ngo amwicarike hamwe n’abatware,
kandi abahe gutorana intebe y’ubuninahazwa,
INKURU NZIZA
Alleluya
Bikira Mariya na we yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe.
Alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikieijwe na Matayo (12,46-50)
Akivugisha ishengero, nyina na benewabo baraza, baguma hanze bashaka kuvugana na we. Hagira uwumubwira ati: «Ehe nyoko na benewanyu bahagaze aho hanze kandi bashaka ko muvugana.» Yishura uwo muntu amubwiye ivyo ati: «Mbega mawe ni nde, canke benewacu bo ni ba nde?» Yerekeje ikiganza ku bigishwa biwe, avuga ati: «Ng’uwu mawe kandi ng’aba benewacu! Nkako uwukora ugushaka kwa Data wo mw’ijuru, uwo ni we mwenewacu, ni we mushikanje kandi ni we mawe.»