Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 2, 1-5

(Umukama akoraniriza intara zose mu mahoro yamaho y’Ubwami bw’Imana)

Ng’iri ijambo ryahishuriwe Izaya mwene Amosi, ryerekeye intara ya Yuda na Yeruzalemu :
Mu minsi izoza, agatumba kubatsweko ingoro y’Imana
Kazoba kw’isonga ry’imisozi,
gasumbe iyindi mitumba yose.
Intara zose zizokwirukirayo,
abantu isinzi bazohahurira, bavuge bati :
« Nimuze tugende ku murambi w’Umukama,
ingo tugende mu ngoro y’Imana ya Yakobo.
Imana izotwigisha amayira yayo, natwe dukurikire inzira yaduciriye. »
Nkako, Ibwirizwa rizova muri Siyoni,
ijambo ry’Umukama na ryo rituruke i Yeruzalemu.
Izoshinga intahe mu makungu,
ibe umucamanza w’isinzi ry’abantu.
Inkota bazozicuramwo amasuka,
amacumu na yo bayacuremwo imihoro.
Nta gihugu kizoba kikigera inkota ikindi,
kandi ntawuzosubira kwimenyereza kurwana.
Muryango wa Yakobo, nimuze, tugendere mu muco w’Umukama !

Izaburi 121 (122), 1-2. 4-5. 6-7. 8-9

Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Imana.

Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira,
bati : « Tuje mu ngoro y’Umukama ! »
Ubu noneho, turiko turashika
Mu birimba vyawe, Yeruzalemu !

Ni ho ibisata vy’Israeli biduga,
arivyo bisata vy’Umukama.
Ni ho Israeli yashinzwe ibanga
Ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.

Sabire amahoro Yeruzalemu,
muti : « Iwawe nihatekane !
Ibirimba vyawe nibigire amahoro,
inzu zawe nizitekane ! »

Kubera urwo nkunda abo tuvukana n’abagenzi,
nkundira nkubwire nti : « Gira amahoro ! »
Kubera urwo nkunda ingoro y’Umukama We Mana yacu,
ndasaba ngo uroranirwe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 13, 11-14

(Ubu turi hafi y’ubukiriro)

Ncuti zanje,
Ubu rero harageze ko mwikangura. Nkako, bu turi hafi y’ubukiriro kuruta aho twatangura kwemera. Ijoro riritereye, bugira buce. Niduhebe rero ibikorwa vy’umukorane, twitwaze ibirwanisho vy’umuco. Nk’uko bibereye ku murango, nitwigenze rupfasoni : ntihagire uwurenza ingero mu kurya no mu kunywa, hebe gusambana no gukora ibiterasoni, reke kuryana no gusharikana. Nimwiheke nyabuna ku Mukama Yezu Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,
uheze udutabaze urukiza rwawe.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 24, 37-44

Nimube maso, kugira ngo mwame mwiteguye

Muri irya minsi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Umwana w’umuntu azoshika nko muri ca gihe ca Nohe. Twobigereranya na hamwe isegenya itari bwaze : abantu bararya, bakanywa, bakabirana, bagashingira abana babo, gushika umunsi Nohe yinjira mu bwato. Ntaco binona, gushika umunsi isegenya yaduka ikabahitana bose. None aho Umwana w’umuntu azozira, ni uko bizomera. Abantu babiri bazoba bari kumwe mu murima: umwe afatwe, uwundi bamureke. Abagore babiri bazoba bariko barasya : umwe afatwe, uwundi bamureke.
Murame mugavye rero, kuko mutazi umunsi Umukama wanyu azozirako. Nimubimenye rero : iyo nyene urugo aba yari azi isaha umusuma amwinjirana, yobaye maso, ntiyoretse ngo bamumenereko inzu. Nimwame rero mwiteguye na mwebwe, kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutazi. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :