Iyo umwaka uriko urarangira, uwundi wimirije gutangura, abantu bararimbura ivyaranze uwo mwaka, bakagira n’ingingo bigiriye kugira ngo bashobore gutera intambwe m mwaka baba bimirije gutangura. Dufatiye ku kuntu dushigikira umuryango wacu w’Ekleziya, mu vyo ikenera ngo urangure ubutumwa ishinzwe, twibukanye canke twigishanye ibijanye n’imperezwa n’ic’icumi.
Uburyo bumwe kandi burashe bwo kwubaka uwo muryango, ni imperezwa dusabwa gushikanira Umukama, ukaba ari wo muganda w’umw’umwe, ukenewe mu kugabanya ubukene buri kwinshi muri Ekleziya. Kukaba nkako, Ekleziya ni umuryango w’abemera, ubutumwa bwawo butwega twese. Ubwo butumwa tuburangura mu gusamiriza hose Inkuru Nziza, mu kwubaka ingoro z’Imana, no mu gushigikira mu bikorwa vy’iterambere rya bose.
Ufatiye kw’ijambo ry’Imana, mu nyigisho no mu mategeko y’Ekleziya.
1. Imperezwa yagenewe kwitwararika gutunga abasaseredoti n’ukubafasha kurangura ubutumwa bwabo.
2. Imperezwa yagenewe gufasha abo bose bihebera ubutumwa bw’umuryango wa paruwasi canke wa Diyoseze, cane cane abamenyeshamana, n’abihebeyimana barangura ubutumwa bwa paruwasi.
3. Imperezwa yagenewe kuvamwo ivyo vyose bikenewe mu vyerekeye amasabamana no mu bundi butumwa bw’umuryango, ayandi mashikanwa adashobora ;
4. Imperezwa ibwirijwe gusahiriza rya sandugu rya Caritasi ryagenewe ingenzi, abakene n’abagowe, ikunganira amashikanwa yo mw’isengero atangwa kw’ihereza ;
5. Imperezwa ibwirizwa gufasha kugira ngo paruwasi yose ishobore kwiteza imbere mu migambi yayo yategekanije, kuko urugo rutezwa imbere na bene rwo.
6. Imperezwa ibwirizwa kuja mu matunga y’umuryango, paruwasi yose ikuramwo intererano itanga mw’isandugu rusangi rya Diyoseze, kugira ngo n’abadakora mu maparuwasi, baronke ikibatunga, kandi ubutumwa bwa Diyoseze buranguke.
7. Imperezwa ija mu matunga avamwo ivy’uguterera Ekleziya iri kw’isi yose, kugira ngo ubutumwa bwayo bwose bushobore kuranguka.
Bimwe bimwe mu vyo Ijambo ry’Imana rivuga.
« uzogerura ic’icumi ku vyimburwa vy’imbuto wabivye mu murima wawe, ku mwaka ku mwaka, (…) kugira ngo umenye kwubaha Umukama Imana yawe imisi yose » (Amategeko 14, 22-23). Duca mutegera ko imperezwa canke ic’icumi, ari ishikanwa ritangwa n’umukristu, kugira ngo agaragaze ko yubaha Imana, kuko yemera ko ari Yo itanga vyose.
« nimuzane ic’icumi kitagabanije mu nzu y’ububiko, kugira ngo habe ivyokurya mu ngoro yanje…. Nzobamirira icononyi, ntikibatikirize ivyamwa vyo mw’itongo, ntikibateshereze umuzabibu kwama mu murima. » (Raba Malakiya, 3, 10-11). Mu gusaba ko hatangwa « ic’icumi kitagabanije », Imana ishaka ko atawotanga imperezwa yikurayo gusa, kuko mu nzu y’Umukama habwirizwa kuboneka imfungurwa.
« Ehe, bene Levi ndabahaye ic’icumi cose gitozwa muri Isarayeli, ni intoranwa ku bikorwa vyabo bakora mw’lhema ry’lbonaniro » (Uguharura 18, 21).
« Haciye imyaka itatu, uzosohora icicumi c’ivyo wimbuye vyose muri uwo mwaka urimwo, ubishire mu marembo yawe. Hazoza rero Umwene-Levi kubera ko ata mutagi oanke intoranwa musangiye, haze inyambukira, impfuvyi n’umupfakazi baba mu marembo yawe, barye bahage, kugira ngo Umukama Imana yawe aguhunde imigisha mu bikorwa ukora vyose » (Amategeko 14, 28-29. Soma kandi Amategeko 15, 1-11)
« ni muze batoni ba Data, muronke ivyiza yabateguriye isi itararemwa » (Matayo 25,35) kuko : « ico cose mwagirìye umw’umwe muri abo bato bato mu bo tuvukana, nije mwakigiriye » (Matayo 25,40). Abo batobato Imana igomba ko ari bo twogaragarizamwo umutima wo kuyakira no kuyifasha, ni abo bose b’abarushwa, abapfakazi, abatama n’abatamakazi, udupfuvyi tw’intambara canke twa SIDA, abarwaye bihebuye, impunzi zitagira iyo ziva n’iyo zija. Ni abo kandi bataye ukwemera, n’aho boba batunze, kuko uwudatunze Imana ngo amenye ko ari Yo yamuremye kandi ikwiye kwubahwa, ni umukene. Nkako adahindutse, amaherezo yiwe ahava aba amarushwa, nkamwe ya wa mutunzi yabaho yirengagiza gufasha Lazaro umworo (Luka18, 19ss)
« Nimwabigira, muzoraba ko ntaca ndabugururira amariba y’ijuru, nkabashungururirako imihezagiro itagira uko ingana » (Malakiya 3,11)
« Bitegere namwe : uwubiba bike azokwimbura bike. Uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi ; umwe wese n’atange ico yiyumviriye ku mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe » (2 Kor. 9,6-7).
Mu mabwirizwa y’Ekleziya.
« Wunganire umuryango w’Ekleziya mu kuwuteza imbere, mu gutanga imperezwa n’ibindi ».
Mu gitabu c’Amategeko y’Ekleziya gatolika (Droit canonique) dusoma ko : Abakristu babwirizwa gutanga ibikenewe, kugira ngo Ekleziya ironke uburyo bwo kurangura imigambi yayo : iy’uguhimbaza amasabamana, kurangura ibikorwa vy’ubutumwa n’ivy’ikigongwe, no kubeshaho abakozi bayo (Canons : 222, §1 ; 1254, §2 ; 1260).
Dutegere rero ko mperezwa rero ishimikiye ku gukunda ibanga ryacu ry’ukwemera, n’ugukunda umuryango mushasha twinjiramwo ku bw’ibatisimu duhabwa. Iyo umuntu amenye ko ari igisabisho c’ugukenguruka gishimikiye ku kwemera kwacu kandi kikugaragaza, aca yumva bimuteye isoni, kubona kenshi yama yirengagiza gukengurukira neza iyo Mana azeyeko vyose. Kuko naho umuntu yogira ati uyu mwaka ntaco nimbuye none sindibukengurukire Imana, yoba yiyobewe y’uko yoba yibagiye ko iyo Mana yamuhaye vyinshi mu kumubungabungira ubuzima n’amagara, ryo tunga rikuru, riseseka ntibayore. None uwu mwaka wawubayemwo gute ufatiye kuri iryo jambo?