Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 3 Y’UBUSHIKIRO (A)

IDOMINIKA YA 3 Y’UBUSHIKIRO (A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 35, 1-6a. 10
(Imana ni Yo ije kubakiza)

10390531_702547936524971_2000334100158244955_nIntara yagadutse n’inezerwe,
ibisaka nibihimbarwe, bitotahare,
bishurike nk’amashurwe,
nibitambe bitarike !
Yagabanye ubuninahazwa bwa Libani
N’ubutore bwa Karmeli na Sharoni ;
bazobona ubuninahazwa bw’Umukama,
n’ubutore bw’Imana yacu.
Komeza amaboko yarushe,
mugorore intege zacitse,
humuriza abo imitima yatuntuye muti :
« Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba !
Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse,
Imana yabibutse,
ni Yo ije kubakiza. »
Amaso y’impumyi azoca akanura,
amatwi y’intumva azibuke.
Ibimuga bizosimba bugeregere,
ururimi rw’ibiragi rutere imvyino z’agahimbare.
Abo Umukama yarokoye bazogaruka,
bazoshika i Siyoni bivuga amazina,
uruhanga rwabo rusayangane akanyamuneza imyaka yose ;
bamane urweze n’agahimbare,
amaganya n’amarushwa babaze.

Izaburi 145 (146), 7. 8-9a. 9bc-10
Icit : Ingo, Mukama, udutabare !
Canke : Alleluya.
Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
ni We agorora abahetamye,
ni We akunda abantu b’intungane,
ni We ahagarikira ba kavantara.

Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
Ariko ntaca mu nzira y’inkozi z’ikibi.
Umukama azohora ku ngoma.
Ewe Siyoni, Imana yawe yama ihangamye.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa ry’Umutumwa Yakobo : 5, 7-10
(Nimukomeze imishaha yanyu, kuko amaze y’Umukama ari hafi)

Ncuti zanje,
Nimugumye umutima, gushika aho Umukama azozira. Nimurabire ku murimyi : ararorera ivyiza azokwimbura mu murima wiwe, akiyumanganya gushika aronke imvura y’agatasi n’iy’urushana. Namwe, nimwiyumanganye, mukomeze imishaha yanyu, kuko amaza y’Umukama ari hafi.
Benewacu, nimureke kwidodomberanira, mwoye gutsindwa mu rubanza. Itegereze, umucamanza ahagaze ku rugi !
Benewacu, abahanuzi bavuze kw’izina ry’Umukama nibababere akarorero, babigishe kurinda n’ukwiyumanganya.

INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umutima w’Umukama uri kuri jewe. Ni We yantumye kumenyesha aboro Inkuru nziza y’urukiza.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 11, 2-11
(Uri umwe yimirije kuza, canke turorere uwundi ?)

Muri irya minsi, aho Yohani Batista yari mu mvuto, amaze kwumva ibikorwa vya Kristu, yamutumyeko abigishwa biwe ngo bamubaze bati : « Uri umwe yimirije kuza, canke turorere uwundi ? » Yezu na we arabishura ati : « Gende mubwire Yohani ivyo mwumvise n’ivyo mwabonye : impumyi zirabona, abacumbagira baratambuka, abanyambembe barakizwa, ibipfa-matwi birumva, abapfuye barazuka, aboro barigishwa Inkuru Nziza. Bisubiye, arahiriwe umuntu atazotsitara kubera jewe ! »
Mu gihe ba bigishwa bariko barataha, Yezu yaciye yiganira ishengero ibirora kuri Yohani, ati : « Mbega mwăgiye kuraba iki mu gahinga ? Ikibingobingo kizungagizwa n’umuyaga ? None se mwagiye kuraba iki ? Umuntu yambaye iziremvye ? Ariko abambaye iziremvye babarizwa mu ngoro z’abami. None mwagiye kuraba iki ? Umuhanuzi ? Ego cane, je ndabibabwiye, ndetse aruta umuhanuzi. Ni we iyi nyandiko iroreshwako ngo : Ng’iyi intumwa yanje nitangije imbere yawe ngo igutegurire inzira.
Ni ukuri ndababariye : mu bana b’abantu, nta n’umwe asumba Yohani Batista ; ariko mu bari mu Bwami bw’ijuru, umuto muri bo aramuruta. »


2 commentaires

  1. jean claude havyarimana dit :

    mwodushirirako le deroulement de la messe, surtout les prefaces du jour en Kirundi, twebwe abari hanze usanga abakirisu badusaba imisa mu kirundi tutafise ibitabo.

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :