Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14
(Umwigeme azokwibungenga)

Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. »

Izaburi 23 (24), 1-2. 3-4ab. 5-6
Icit : Arakaza Umukama, Umwami w’inganji !

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye,
w’umutima udacambirwa ibintazi.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije.
Ng’uwo umuryango w’abamurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama !

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (1, 1-7)

(Yezu Kristu yavutse mu muryango wa Dawudi, akaba ari We Mwana w’Imana)

Jewe Paulo, umusuku wa Yezu Kristu, naratorewe ubutumwa, nsobanurwa mu bandi ngo menyeshe Inkuru Nziza y’Imana. Iyo Nkuru Nziza, nk’uko abahanuzi babitubwiye kuva na kera mu Bitabu Vyeranda Imana yarayitwemereye. Iyo Nkuru Nziza yerekeye Umwana wayo yavutse mu muryango wa Dawudi kubw’umubiri, hanyuma arimikwa aba Umwana w’Imana ku bubasha bwa Mutima w’ubweranda kubera izuka ryiwe mu bapfuye.
Ni We Yezu Kristu Umukama wacu, we yaduteye iteka akadutuma kwigisha, kw’izina ryiwe, abapagani bose, ngo bamuyoboke bamwemere. Na mwebwe mwahamagawe na Yezu Kristu, muri abo twatumweko.
None rero mwese batoni b’Imana muri i Roma, mwebwe mwahamagariwe kuba beranda, mbipfurije urukundo n’amahoro y’Imana, ariyo Dawe wa twese, n’Umukama Yezu Kristu.

INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
« Umwigeme azokwibungenga yibaruke umuhungu ;
bazomwita Emanueli, ni ukuvuga « Imana turi kumwe ».
Alleluia Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo : 1, 18-24

(Yezu azokwibarukwa na Mariya, umukunzi wa Yozefu wo mu muryango wa Dawudi)

Ng’ivyo ivy’ivuka rya Yezu Kristu uko vyagenze. Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu ; ariko imbere y’uko babana, yari yasamye imbanyi kubwa Mutima Mweranda. Umugabo wiwe Yozefu yari umuntu w’ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza ; niko kwigira inama y’ukumuhebera mu mpisho.
Amaze kuvyiyumvira, intumwa y’Umukama iramubonekera ari mu ndoto, imubwira ati : « Yozefu mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umukenyezi wawe : iyo mbanyi afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azokwibaruka umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ariwe azokiza ibicumuro igihugu ciwe. »
Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo ry’Umukama ryari ryavuzwe n’umuhanuzi ritahe, ngo : « Umwigeme azosama imbanyi ayibarukemwo umuhungu, bazomwita Emanueli, ni ukuvuga Imana turi kumwe. »
Yikanguye, Yozefu akora ico umumalayika w’Umukama yari yamutegetse, ajana iwe umukenyezi wiwe.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :