Ku mugoroba urongora uwo musi (24 Kigarama)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 62, 1-5
(Ubuhirwe bwa Siyoni, umukunzi w’Umukama)
Sinzoreka guhayagiza Siyoni, sinzohengeshanya gushimagiza Yeruzalemu, gushika ubutungane bwaho butamanzure nk’umutwenzi, urukiza rwayo ruce ibibatsi nk’urumuri rwaka.
Intara zizoheza zibone ubutungane bwawe, n’abami bose babone ubuninahazwa bwawe. Bazogutazia izina rishasha rivuye mu kanwa k’Umukama Mana.
Mu minwe y’Umukama uzoba urugori rukayangana, mu minwe y’Imana uzoca ibibatsi nk’urugori rw’abami. Ntibazoba bakikwita “Intabwa”, intara yawe ntizoba icitwa “Akarere”, bazoguhamagara riho “Kinezero canje”, intara yawe bayite “Inkundwakazi” ; kuko uhimbara Umukama, intara yawe kandi izoronka umunega. Nk’uko umusore yabira umwigeme, niko Umuremyi wawe azokwabira, nka kurya umukenyezi anezera umugabo wiwe, niko nawe uzonezera Imana.
Izaburi 88 (89), 4-5. 16-17. 27-29
Icit : Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya.
Twarunze ubumwe n’uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawudi nti :
Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho.
Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama,
abazoza gukubita ibipfukamiro imbere y’inyonga zawe zikayangana ;
izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose,
ubutungane bwawe bukarushirizaho kubahimbara.
Azompamagara ati : “Wewe uri Dawe,
Mana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza !”
Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 13, 16-17. 22-25
(Ugucungurwa kw’abantu)
Ishengero ryari rikoraniye mw’isinagoga ya Antioche ya Pisidi, hanyuma Paulo ava hasi, akiriza ukuboko ngo bahore, aratangura ati : « Bantu b’Israeli namwe mwubaha Imana, nimwumvirize : Imana y’Israeli yaratoye ba sokuru, irabarondora baraba igisata iyo bari bahungiye mu Misri ; igikuzayo ububasha bwayo, irahava irabatorera Dawudi ngo ababere umwami. Ni we yavuze muri aya majambo ngo : ‘Naritoreye Dawudi mwene Yese, umuntu anshika ku nyota, azorangura ivyo nshaka vyose.’
Nk’uko yari yarabiraganye, mu ruvyaro rwiwe ni ho Imana yatoye Yezu, ngo abe Umukiza wa Israeli. Ataraza, Yohani Batista ni we yamuteguriye inzira, mu kwigisha igihugu cose ca Israeli ibatisimu y’ukwigaya. Igihe yari mu kurangura ivyo yatumwe, Yohani yavuze ati : ‘Jewe sindi uwo mwiyumvira, haza kuza uwo ntakwiye guhamburura utuzana tw’ibirato vyiwe.»
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ejo akabi k’isi kazoba kaheze,
na We Umukiza w’isi ace atugira ingabo ziwe.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 1, 1-25
(Igisomwa kigufi : 1, 18-25)
(Amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawudi)
Ng’aya amamuko ya Yezu Kristu, mwene Dawudi, mwene Ibrahimu :
Ibrahimu yavyaye Izahaki, Izahaki avyara Yakobo, Yakobo avyara Yuda na benewabo, Yuda avyara Faresi na Zara kuri Tamar, Faresi avyara Esromu, Esromu avyara Aramu, Aramu avyara Aminadabu, Aminadabu avyara Nasoni, Nasoni avyara Salmoni, Salmoni avyara Boozi kuri Rahabu, Boozi na we avyara Yobedi kuri Ruti, Yobedi avyara Yese, Yese avyara umwami Dawudi.
Dawudi avyara Salomoni kuri muka Uriya, Salomoni avyara Roboami, Roboami avyara Abiyasi, Abiyasi avyara Asa, Asa avyara Yozafati, Yozafati avyara Yorami, Yorami avyara Oziasi, Oziasi avyara Yoatami, Yoatami avyara Akasi, Akasi avyara Ezekiasi, Ezekiasi avyara Manase, Manase avyara Amoni, Amoni avyara Yosiasi, Yosiasi avyara Yekoniasi na benewabo ; muri ixco gihe ni ho batwarwako imbohe i Babiloni.
Aho babohorewe bakava i Babiloni, Yekoniasi yavyaye Salatieli, Salatieli avyara Zorobabeli, Zorobabeli avyara Abiyudi, Abiyudi avyara Eliyakimu, Eliyakimu avyara Azori, Azori avyara Sadoki, Sadoki avyara Akimu, Akimu avyara Eliyudi, Eliyudi avyara Eleazaro, Eleazaro avyara Matani, Matani avyara Yakobo, Yakoba avyara Yozefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yezu yitwa Kristu.
None rero ubukuye ku ntango : kuva kuri Ibrahimu gushika kuri Dawudi, rwari urwaruka rwa cumi na kane ; na ho kuva kuri Dawudi gushika aho Abayahudi batwarwa kuba abaja i Babiloni, urwaruka rwari urw’icumi na kane ; vyongeye kuva aho babereye abaja i Babiloni gushika kuri Kristu, urwaruka rwari urw’icumi na kane nyene.
(Igisomwa kigufi gitangurira aha)
Ng’ivyo ivy’ivuka rya Yezu Kristu uko vyagenze. Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu ; ariko imbere y’uko babana, yari yasamye inda kubwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu yari umuntu w’ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza ; niko kwigira inama y’ukumuhebera mu mpisho.
Amaze kuvyiyumvira, intumwa y’Umukama iramubonekera ari mu ndoto, imubwira iti : « Yozefu mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umugore wawe : iyo nda afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azovyara umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ariwe azokiza ibicumuro igihugu ciwe. »
Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo ry’Umukama ryari ryavuzwe n’umuhanuzi ritahe, ngo : « Umwigeme azosama imbanyi ayivyaremwo umuhungu, bazomwita Emanueli, ni ukuvuga Imana turi kumwe. »
Yikanguye, Yozefu akora ico umumalayika w’Umukama yari yamutegetse, ajana iwe umugore wiwe. Ariko atamumenye, avyara umwana w’umuhungu, amwita Yezu.
Mu misa yo ku munsi mukuru wa Noeli, bakoresha ibi bisomwa bikurikira ; ariko mu Misa imwe imwe, bashobora gutora muri ivyo bisomwa ibibereye ishengero ry’abakristu.