Évangéliser les aréopages contemporains

Ku mutaga wa Noeli

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 52, 7-10
(Isi yose iyo iva ikagera izobona urukiza rw’Imana yacu)

Ese ingene biryoheye ijisho
kubona umuntu ashinga amano ku murambi
azanye inkuru nziza, azanye amahoro,
ayaga urweze, ashikanye ubukiriro,
abwira igisata ceranda ati :
« Imana yawe irahangamye ! »
Tega amatwi :
Ng’abo abareretsi bawe bavugirije impundu icarimwe,
kuko biboneye icese Umukama agarutse i Siyoni !
Tamba utārîke, musaka wa Yeruzalemu,
Kuko Umukama yahojeje igihugu ciwe,
Akarokora Yeruzalemu.
Umukama yerekanye ububasha bwiwe imbere y’amakungu ;
N’isi yose iyo iva ikagera izobona urukiza rw’Imana yacu.

Izaburi 97 (98), 1. 2-3ab. 3cd-4. 5-6
Icit : Isi yose yariboneye urukiza rw’Imana yacu.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
Kuko yagize ivyiza vy’agatangaza ;
Urukiza turukesha We,
Ruva mu kuryo kwiwe kweranda.

Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga
Yuko ari We akiza kandi yuko ari We ntungane ;
Yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
Umuryango wa Israeli.

Ba kavantara bose bariboneye
Ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza.

Ririmbira Umukama mu nanga,
maze ijwi rihwane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari we Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 1, 1-6
(Imana yadushikirije ijambo iciye ku Mwana wayo)

Kuva kera, Imana yarashikirije ijambo ba sokuru mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi, iciye ku bahanuzi ; none muri iyi misi y’imperuka na ho, yadushikirije ijambo iciye ku Mwana wayo yagize Samuragwa w’ibintu vyose, We bafatanije kurema isi.
Uyo Mwana wayo, ni umwakaka w’ubuninahazwa bwayo, ni akaranga kayo bwite : isi n’ijuru bishigikiwe n’ijambo ryiwe ritananirwa. Aho amariye gurtyorora abacumuzi, akavyagira iburyo bwa Nyen’inganji mw’ijuru, ubukuru bwiwe buruta kure ubw’abamalayika, kuko na kare izina yatoranye rirengeye kure n’iyo iryabo. Kukaba nka ko, mu bamalayika ni nde Imana yigeze ibwira iti : « Uri Umwananje, jewe uyu musi nakwivyariye », canke iti : « Nzomubera umuvyeyi, na we ambere ikibondo » ? Hanyuma naho, imaze kurungika imfura yayo kw’isi, yagize iti : « Abamalayika b’Imana bose nibamusenge. »

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Umusi mweranda watubonekeye :
mwa ntara mwese, nimuze gusenga Umukama !
uyu musi, umuco w’akatabonetse wamanutse kw’isi.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Yohani : 1, 1-18

(igisomwa kigufi : 1, 1-5. 9-14)

Jambo yarigize umuntu, abana natwe
Mbere na mbere hose Jambo yariho,
Kandi Jambo yari kumwe n’Imana,
Bisubiye Jambo na We yari Imana ;
Yamanye n’Imana ubwa mbere hose.
Vyose vyaremwe na We,
Nta na kimwe kitaremwe na We.
Ibiremwa vyose, ni We yari ubuzima bwavyo,
Ubwo buzima bwari umuco w’abantu ;
Umuco na wo urasira mu mwijima,
ariko umuzimiza ntiwashoboye kuwutangira.

(Igisomwa kigufi gihagararira aha)

Haza rero umuntu atumwe n’Imana,
yitwa Yohani.
Yaje ameze nk’icabona kivugira uwo muco,
kugira ngo bose bemere kubwiwe.
Si we yari umuco,
mugabo yari icabona ca nya muco.

(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)

Jambo ni We yari umuco w’ukuri,
uboneshereza zina muntu wese ;
yaraje hano kw’isi.
Yari kuri iyi si,
iyi si yagizwe na We,
ariko ntiyamumenya.
Yaje iwe, abiwe ntibamwakira,
mugabo abamwakiriye bose,
abemeye Izina ryiwe,
yabahaye ububasha bwo kuba abana b’Imana.
Si amaraso, si ugushaka kw’umubiri,
canke kw’umutima kwabibarutse :
bibarutswe n’Imana.
Jambo yarigize umuntu, abana natwe ;
twarabonye ubuninahazwa bwiwe,
ubuninahazwa yahawe na Se
kuko ari We Mwana w’ikinege,
yuzuye ingingo n’ukuri.

(Igisomwa kigufi giherera aha)

Yohani ni we amudondora, aho yashira ijwi hejuru ati :
« Uwo ni We navuze, aho nagira nti :
Uwuza kunkwirikira aranduta,
Kuko yariho ntarabaho. »
Kandi ku buzima bwiwe bw’umwuzurira,
Ni ho twese tugaburirirwa ivyiza vyose tugabana.
Nkako, Ibwirizwa twarishikirijwe na Moshe,
ingingo n’ukuri na vyo vyazanywe na Yezu Kristu.
Nta n’umwe yigeze abona Imana ;
Umwana w’ikinege ari mu nda ya Se
Ni We Nyen’ukuyitumenyesha.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :