IJAMBO RYA PAPA FRANSISIKO RIJANYE N’UGUHIMBAZA UMUSI MPUZAMAKUNGU UGIRA UWA 50 WAHARIWE AMAHORO
Igenekerezo rya mbere Nzero 2017
«Ukudakoresha igikenye: Ni yo ngendo ibereye itunganywa rya politike ivyara amahoro»
1. Mu ntango y’uwu mwaka mushasha, nagomba nipfurize amahoro bimwe bivuye ku mutima abantu bose n’ibihugu vyose vyo kw’isi, abakuru b’ibihugu n’amareta, hamwe n’abarongoye imiryango itandukanye y’abemera Imana, be n’imice itandukanye y’amashirahamwe yitaho ineza y’abanyagihugu adaharanira ivyicaro vya politike. Ndipfurije amahoro umuntu uwo ariwe wese, yaba umugabo, yaba umugore, eka n’umwana wese. Nsaba Imana ngo agashusho duca ku Mana tukagasanga mu muntu uwo ariwe wese kadufashe kwakirana nk’ingabirano zihezagiye z’Imana zinganya iteka. Na cane cane mu bihe vy’ingwano, nitumenyere kwubahiriza « ako gateka k’inkoramutima » , kandi dufate ingendo y’ukudakoresha igikenye nk’akaranga k’ubuzima bwacu.
Iyo ni yo ntumbero y’iri Jambo dushikirije mu guhimbaza umusi ugira uwa 50 wahariwe amahoro kw’isi. Mw’ijambo rya mbere rijanye n’uyo musi, Nyaguhimbazwa Papa Paulo wa gatandatu yarigishije abantu bose ataravye abakatolika gusa, abashikiriza amajambo atomoye avuga ati : « Biragaragara ko kw’isi vyagiye biboneka neza ko amahoro ariyo yo nyene nzira y’iterambere runtu ry’ukuri (atari uguhangana kw’ibihugu vyirata ubugabo, atari ukurondera kwiyagurira intara mu kuretesha igwano, atari mu gucinyiza abantu bagatekereza bajumarariwe ariko ata mahoro bafise ka bunyagihugu) ». Papa Paulo wa Gatandatu yagomba gukebura isi ayumvisha ko « ari agaheza kwibaza ko amatati yo kw’isi adashobora gutorerwa inyishu n’ubwenge bw’abantu biciye mu biganiro bishingiye ku mategeko n’amateka, ku butungane, ku ngingo, abantu bakirukira gusa inzira y’inguvu n’ingimba yama ivyara ubwoba n’ubwicanyi ». Mu gusubira kwibutsa ijambo uwo yasubiriye mu cicaro,Umweranda Papa Yohani wa 23 mw’ikete yanditse yise « Pacem in Terris – Amahoro kw’isi», Papa Paulo wa Gatandatu yagomba ko hoshirwa imbere « intumbero y’amahoro n’umutima wo kuyakunda, ivyo vyose bigashingira ku kuri, ku butungane, ku mwidegemvyo wa muntu, ku rukundo » . Aya majambo aguma n’ubu afise impanuro itwega nk’uko yari ari harashize imyaka mirongo itanu.
Muri iri Jambo ndiko ndashikiriza, nagomba noganze ibijanye n’ingendo y’ukudakoresha igikenye nk’inzira nziza y’itunganywarya politike yubaka amahoro, ngasaba Imana ngo idufashe twese kuvoma kuri iryo soko ry’ukudakoresha igikenye Imana yaremeye ibwina mu mutima wacu, haba mu vyo twipfuza canke mu karangamutima twogendera, haba mu bijanye n’urukundo canke agatima ko kudakoresha igikenye biranga imigenderanire tugirana n’abandi bantu, mu migenderanire y’imirwi y’abantu canke mu migenderanire hagati y’ibihugu. Mu gihe abahohotewe bashoboye gutsinda agatima ko kwihora, ni bo baca baba abubatsi nyakuri b’ingendo yo kuremesha amahoro bidaciye mu ngimba. Kuva ku rwego rwo hasi, harya umuntu abaye, gushika ku rwego mpuzamakungu, ese ingendo yo kudakoresha igikenye yoba akaranga k’ingingo dufata, akaranga k’imigenderanire yacu n’abandi, akaranga k’indinganizo y’ivy’intwaro mu vya politike, kandi mu mice yayo yose !
Isi yaracitsemwo ibihimba
2. Ikinjana giheze caranzwe n’ingwano zibiri zayogoje isi yose, abantu barahatikirira ; harahatswe kuba ikoreshwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda biturira bigatongora, haraba n’izindi ngwano z’ubwoko bwinshi. Ubu naho turi mu bihe vy’ingwano y’isi yose ishingiye mu duce duce twinshi. Ni naho bigoreye kumenya niba ubu ingwano zariyongereye gusumba mu kinjana giheze, canke ko uburyo bushasha bwo gutumatumanako amakuru n’iyoroshwa ry’uburyo bwo gufata ingendo bituma tumenya n’ingonga ivy’ingwano canke bugatuma tunabimenyera nk’ibisanzwe.
Uko biba kwose, ubwo bubi bw’ingwano bufatiye ku bice bice vy’isi mu buryo budasa no ku ngero zidasa buvyara ububabare butagira ingero tubona neza : hariho ingwano mu bihugu bitandukanye vyo mu migabane y’isi, hari iterabwoba, ubugizi bwa nabi n’ibitero vy’ivyaduka vy’abitwaje ibirwanisho ataco bagera umutwe ; hari amarushwa abahunga ibihugu vyabo bacumukuriramwo, co kimwe n’abantu badandazwa nk’ibikoko ; hari ifutanywa ry’ibidukikije. None ivyo vyose biba birondera iki ? Ubwo igikenye n’ingimba birashobora gushikana kw’ihangiro ry’ivyiza birama ? Ubwo iyo nzira ntivyara riho agatima ko kwihora, abantu bakazingamira mw’ihorihori ry’ingwano z’urutavanako kandi zitikiza inganda, zungukira akarwi gatoyi k’abantu bazitungiramwo ?
Ugukoresha igikenye si wo muti w’indyane ziri muri iyi si yacitsemwo ibihimba. Kugera ingere ku yindi ngo uriko urihora abitwaza igikenye n’iyo umuntu yobishima, yomenya ko bivyara impunzi nyinshi hamwe n’ububabare butangira ingero kubera ko n’amikoro ibihugu biba bifise aherera mu kurondera ibirwanisho, ugasanga ubuzima bwa misi yose bw’abanyagihugu benshi ntibucitaweho, bwaba ubw’urwaruka, bwaba ubw’imiryango igowe na vyinshi, ubw’abageze mu za bukuru canke ubw’abarembejwe n’indwara. Mu mpera n’imperuka, usanga iyo nzira ivyara urupfu, rwaba urw’umubiri canke urw’umutima, kandi ivyo bigashikira benshi, eka mbere na twese.
Inkuru Nziza
3. Yezu yabayeho mu gihe kitoroshe kijanye n’ukwitwaza igikenye. Yigishije avuga ko iyo ntambara iri hagati y’ukwitwaza igikenye n’ukwubaka amahoro ihera cane cane mu mutima w’umuntu : « Ni imbere, mu mutima w’umuntu, hava ivyiyumviro bibi » (Mariko 2,21). Mugabo inyishu Yezu yatanze ku bijanye n’ivyo irimwo inyigisho yubaka : Yamye yigisha adahengeshanya urukundo Imana ifise rutameze nk’urw’umudandaji, narwo rukama ruha ikaze abarutumbereye, kandi rukamana ikigongwe. Ni naho Yezu yabwira abigishwa biwe gukunda abansi babo (Matayo 5, 44),bagatega uwundi musaya ku babakubise kuri umwe (Matayo 5,39). Igihe aburije abagomba kwicisha amabuye wa mugore yafatwa asambana (Yohani 8,1-11) n’igihe muri rya joro rirongora umusi apfirako yabwira Petero ko yosubiza inkota mu rwubati (Matayo 26,52), Yezu yaraduciriye inzira yo kudakoresha igikenye, inzira yaciyemwo wenyene gushika ku musozo w’ubuzima bwiwe ku musaraba, umusaraba yaranguriyeko amahoro y’isi agatsinda urwanko (Abanyefezi 2,14-16). Ni naco gituma uwakiriye Inkuru nziza ya Yezu yemera kwitondera umutima wo gukoresha igikenye wama warika mu muntu, akemera gukizwa n’ikigongwe c’Imana. Gurtyo na we nyene aca aba igikoresho c’ugusubiza hamwe kumwe Fransisko Mweranda w’i Asizi abivuga ati : « Amahoro iminwa yanyu imenyesha, nimuyakomeze mbere gusumba mu mitima yanyu.
Mu bihe tugezemwo, kuba vy’ukuri umutumwa wa Yezu bisigura kwemera kwakira n’ugukurikiza impanuro yiwe y’ukutagendera igikenye. Nk’uko vyashikirijwe na Papa Benedigito wa 16 nasubiriye, iyo nyigisho ya Yezu « ifatiye ku buzima bw’isi uko tububona, kuko iraraba ukuntu igikenye kigikora rwose muri ino si, hakaba akarenganyo kenshi, bigatuma umuntu atova muri ako kaga atakazanyemwo umuco w’akarusho k’urukundo, akarusho k’umutima w’ubwiza. Ako karusho kava ku Mana » . Papa Benedigito wa16 yaranashimangiye iyo nyigisho avuga ati : « Ku bakristu, uko kutitwaza igikenye si inzira yo gukoresha amayeri, ariko ni ugukomeza akarangamutima k’umuntu w’ubuntu.Ni inyifato y’umuntu yumva rwose muri we urukundo rw’Imana n’ububasha bwayo ku buryo ataba agitinya guhangara ikibi yitwaje ibirwanisho vy’urukundo n’ukuri. Gukunda umwansi kuri mu ntimatima y’intumbero nshasha Yezu yazaniye isi » . Kukaba nkako, inkuru nziza y’uko twokunda abansi (Luka 6,27) ni yo ifatwa nk’ishingiro rikuru ry’ukudakoresha igikenye ku mukristu ; si ukuvuga ko umukristu « aba yemeranye kubana n’ikibi (…), ahubwo aba yemeye kwishura ineza ikibi yagiriwe, gurtyo akaba ariko aragetagura ya mizana y’ubugizi bwa nabi » .
Inzira isumvya ubukomezi ingimba
4. Hari abafata ukudakoresha igikenye nk’inzira y’ababuraniwe, y’abiyonjoroye canke ba ntirumveko, ariko mu vy’ukuri si uko bimeze. Igihe wa mubikira Tereza w’i Kalkutamu Buhindi aronkeye ka gashimwe mpuzamakungu bitiriye Nobel mu mwaka w’i 1979, yarasiguye neza ukuntu yumva iryo jambo ryo kudakoresha igikenye : « Mu muryango wacu, ntidukeneye amabombe n’ibirwanisho, ntidukeneye kumenagura kugira ngo tuzane amahoro. Dukeneye kuba hamwe, tugakundana (…). Kandi gurtyo ni ho tuzotsinda inabi iri kw’isi » . Kuko ubukomezi bw’ibirwanisho burimwo ikinyoma. « Mu gihe abadandaza ibirwanisho baba bari mu rundandazwa rwabo, haba hariho abaharanira amahoro baba bariko baritangira umuntu bamufasha, bagakurikiza ko uwundi, n’uwundi, n’uwundi ». Mu gihari c’abo baharanira amahoro, Mama Tereza ni ikimenyetso ciza n’ishusho ibereye yomurikira iki gihe cacu » . Mu kwezi kwa Nyakanga guheze, narahimbawe n’ukumushira mu gihari c’aberanda. Narakeje ingene yitangira bose mu « kwakira no mu gukingira ubuzima bw’umuntu uwo ari we wese, ubuzima bw’abakiri mu nda za ba nyina n’ubuzima bw’abantu bahebwe canke batawe. (…) Yaritayeho abantu baruhijwe n’ubuzima, bapfira ku mayira abantu barorera,asubira kwerekana agateka abo bantu bahawe n’Imana ; yarashikanye ijwi ryiwe ku bihangange bitwara isi, arabumvisha ko bokwemanga amabi bakora, amabi avyara ubworo buterwa n’imigambi yabo » . Mu gutorera inyishu ico kibazo – kandi muri ivyo akaba aserukira isinzi ry’abandi bantu benshi -, we yaciye ahitamwo gutumbera abo bantu baruhijwe mu buzima bwabo,abereka urukundo n’umutima w’ukubafasha, akitanga atiziganya, akavuza abakomeretse, agatenga imitima yatuntuye.
Ukutitwaza igikenye bibaye inzira umuntu yahisemwo ku bushake, kandi akayigendera adahigimanga, vyamye bivyara umwimbu mwiza abantu batangarira. Ivyiza vyashitsweko na Mahatma Gandhi hamwe na Khan Abdul Ghaffar Khan mu gushikana Ubuhindi ku kwikukira, canke Martin Luther King Jr mu kurwanya ivangura rifatiye ku moko ntibizokwibagirwa. Abagore na bo nyene birashika kenshi bakaba imboneza mu kudakoresha igikenye. Akarorero ni nka Leymah Gbowee n’abandi bagore baharurwa mu bihumbi bo mu gihugu ca Liberiya batunganije ibikorane vyo gusenga hamwe n’imyiyerekano igirwa mu gusenga kandi mu mutekano ku buryo vyashitse aho abarongozi b’igihugu bemera ibiganiro vyashoboye kurangiza ingwano ikomeye igira kabiri yo muri Liberiya.
Ntitwokwibagira kandi ikiringo c’imyaka cumi kizwi rwose kw’isi carangijwe n’isenyuka z’intwaro za gikomunista mu bihugu vya Buraya. Imiryango y’abakristu yaratanze intererano muri ico gikorwa mu gusenga bashimitse barangura n’ibindi bikorwa vy’ubutwari. Ubutumwa n’ibanga umweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri yari ashinzwe vyaragize ico bimara kigaragara muri iryo hinduka. Iyo dusubiye kuzirikana ivyabaye mu mwaka w’i 1989 dufatiye ku nyigisho yitwa « Centesimus annus – Imyaka ijana (irarangiye hashikirijwe iyindi nyigisho yitwa « Rerum Novarum – Ibintu bishasha ») » yo mu 1991, uwo mupapa yaragaragaje ko ihinduka rishemeye mu buzima bw’abantu, bw’ibihugu n’amareta bishoboka habaye « urugamba rw’amahoro, rukoresha ibirwanisho vy’ukuri n’ubutungane » . Iyo ntambwe yo guhindura ibintu mu vyerekeye politike, abantu bagana amahoro, yashobotse kuko muri vyinshi vyakozwe habayemwo n’ibikorwa vy’abantu banse gukoresha igikenye mu gihe bariko baranka bivuye inyuma intwaro zagomba kubacuvya zitwaje igikenye, bakaba barondera mu vyashika vyose uburyo bwo gushingira intahe ukuri.Papa Yohani Paulo wa Kabiri yarangije avuga ati : « Ese abantu bokwigiraho guharanira amahoro badakoresheje igikenye ariko bagaharanira ubutungane, bakavavanura n’ukuteranya imirwi y’abantu mu ndyane baba bafise hamwe n’ingwanomu matati mpuzamakungu » .
Ekleziya yariyemeje kwama irondera uburyo buzira igikenye mu guharanira amahoro mu bihugu vyinshi, ikanasaba n’abahisemwo inzira y’ibirwanisho ngo bagire utwigoro two kwubaka amahoro ashingiye ku ngingo kandi arama.
Ukwo kwama yitaho cane cane abahohotewe mu vy’ubutungane bagasinzikarizwa n’ubuzima si iragi rya Ekleziya Katolika yonyene. Imiryango itari mike y’abemera Imana iremeza neza ko « umutima w’ikigongwe n’ukudakoresha igikenye bihambaye rwose kandi bitumbereza inzira y’ubuzima » . N’ubu nagomba nshimangire ko « ata dini na rimwe rigenzwa n’akarangamutima k’iterabwoba » . Gukoresha igikenye ni uguhumanya izina ry’Imana. Ntitwigere ducika intege mu kubivuga : « Nta na rimwe izina ry’Imana ryoshobora kwitwazwa mu bwicanyi n’ubundi bugizi bwa nabi. Amahoro yonyene ni yo ari meranda. Amahoro yonyene ni yo ari meranda, ntabwo ari ingwano! » .
Isoko ry’indinganizo ya politike izira igikenye rihera mu rugo
5. Ko isoko ry’ukugomba gukoresha igikenye rishingiye mu mitima y’abantu, birakenewe rero guca inzira y’ukudakoresha igikenye umuntu ahereye ubwa mbere mu ntimatima y’urugo. Iyi ni imwe mu ngingo nashingiyeko mu nyigisho nashikirije mu kwezi kwa Ntwarante kw’umwaka uheze (w’2016), mw’ikete ry’ubutumwa nise Amoris laetitia – Akanyamuneza k’urukundo, iyo nyigisho ikaba yaje isozera imyaka ibiri y’ukuzirikana kwa Ekleziya ibanga ry’ukwubaka rukristu n’ugushinga umuryango. Umuryango ni isoko rishemeye kandi ntabanduka abubakanye, abavyeyi n’abana hamwe n’abavukanyi bigiramwo kuganira n’ugufashanya, bakitanahobatarondera inyungu. Ni naho ukutumvikana canke amatati bitorerwa inyishu bidaciye mu ngimba, ariko hakaba ikiyago, ugusonerana, ukurondera ineza y’uwundi, umutima w’impuhwe n’ikigongwe. Ni mu miryango aho ako kanyamuneza k’urukundo gahera kagaheza kagashwara isi kamurikira imice itandukanye y’abantu. Ikindi gihambaye ni uko akarangamutima k’ubuvukanyi n’ukubana mu mahoro hagati y’abantu canke imice y’abantu bidashobora gushingira ku bwoba, ku kwitwaza igikenye, ku kuzibira amarembo ; ahubwo gashingiye ku mutima w’ibanga runtu, ku kwubahana n’ukuja inama n’ingingo mu buryo bubereye. Kubera iyo mvo, ndateye akamo ngo hakomezwe umutima wo kugabanya ibirwanisho, na cane cane guca burundu ibirwanisho vy’umuriro usasika inganda nyinshi icarimwe. Gucura ivyo birwanisho ngo utere ubwoba butuma wikingira hamwe n’ugushaka kwitanga abansi mu guhonya abandi ntibijanye n’akarangamutima runtu . Ni muri uwo mwitwarariko nyene nsavye ntakamba ngo ihohoterwa rikorerwa mu miryango hamwe n’amabi akorerwa abagore n’abana bihere burundu.
Ihimbazwa rya Yubile y’ikigongwe twarangije mu kwezi kwa munyonyo mu mwaka w’2016 ryadusigaranye ubutumire bwo kwama twerekeje amaso ku ntimatima y’umutima wacu kugira ngo tureke ikigongwe c’Imana kihagerere vy’ukuri. Umwaka wa Yubile waradufashije gutahura ingene hari abantu benshi n’imice y’abantu myinshi bagifatwa nk’agaciye aho ataco kamaze, bakabaho ata butungane bubakingiye, bagahohoterwa. Abo bantu nabo nyene bagize « umuryango umwe » natwe. Ni basaza bacu na bashiki bacu. Ni na co gituma indinganizo z’ivya politike zishingiye ku kudakoresha igikenye zitegerezwa kubanza kwubakirwa mu ngo gushika zikwire ahari imiryango y’abantu hose. « Akarorero ka Tereza mweranda w’i Lisieux (mu Bufaransa) karatwigisha kugendera inzira y’ukwicisha bugufi iranga urukundo, ntidutakaze akaryo na kamwe tworonka ko gushikiriza akajambo karimwo urukundo, ukumwenyurira uwundi, eka kugira inyifato iyo ari yo yose ivyara amahoro n’ubugenzi. Ikibanokibereye abantu bose usanga kigizwe n’inyifato isanzwe ya misi yose ituma twirinda umutima wo gukoresha igikenye, wo kurya imitsi abandi be no kwikunda gusa » .
Ubutumire ntanze
6. Kwubaka amahoro umuntu aremesheje inzira izira igikenye ni ikintu gihambaye kandi kijanye neza n’utwigoro twamahoEkleziya yama ihimiriza ngo hirindwe ugukoresha inguvu aho kwubakira ku karangamutima runtu. Ni na ho Ekleziya ivoma mu ntererano itanga mu bikorwa vy’amashirahamwe mpuzamakungu hamwe no mu bikorwa vy’abakristu aho bari hose mw’itunganywa ry’amateka n’amategeko y’ibihugu vyose. Yezu we nyene ni we aduha intumbero ngenderwako y’indinganizo yo kuremesha amahoro muri ya nyigisho yatangira ku musozi agitangura kwigisha icese. Bwa buhirwe umunani yaherako muri iyo nyigisho (Matayo 5,3-10) burerekana neza agatima karanga umuntu twokwemeza ko ahiriwe, ko ari intungane, ko ari umuntu arangwa n’ubuntu bw’Imana. Yezu yagize ati « Hahiriwe abitonda, abagirira ubuntu abandi, abaremesha amahoro, abari n’umutima mwiza, abashonje n’abanyotewe ubutungane ».
Iyo nyigisho itegerezwa kuronka indinganizo iyishira mu ngiro, kandi isaba ubutwari ku barongozi mu vya politike no mu vy’amashengero, ku barongoye inzego z’amashirahamwe mpuzamakungu, ku barongoye amashirahamwe ayo ari yo yose, ku binyamakuru vyo kw’isi yose. Bategerezwa gutuma uyu mutima w’ubu buhirwe Yezu ashikirije ubanyengetera mu buryo bategeka abo bajejwe n’ukuntu batunganya ivyo bajejwe. Harimwo igikorwa gikomeye kijanye n’ukwubaka imiryango y’abantu, imibano y’abantu hamwe n’ayandi mashirahamwe mu buryo bwerekana ko ari abubatsi b’amahoro. Bategerezwa kugendera umutima w’ikigongwe mu kwirinda gukumira abantu usanga bacitse ba ruhebwa, mu kwirinda kwonona ibidukikije canke mu gushaka intsinzi ziciye mu buryo ubwo ari bwo bwose. Ibi bisaba kwakira umutima wo « kwemera ko haba amatati, mugabo agatorerwa inyishu mu buryo butuma haboneka akarusho gatambutsa abantu kakabageza ku yindi ntambwe nziza » . Kwemera iyo ngendo bisaba guhitamwo kugendera umutima wo gufashanya nk’umushinge wo kwubaka isi irangwa n’umuvukano mu bantu. Ukutagendera igikenye birerekana vy’ukuri ko ubumwe burimwo inguvu n’ingabirano zubaka gusumba ingwano. Ibintu vyose kw’isi ni urufatangane . Ni ko birashoboka ko ubudasa butuma haba amatati : Ariko nitwemere tuyahangare turondera kwubaka kandi tudakoresheje igikenye, ku buryo « imishamirano n’amatati bidushikana ku mwumvikano no ku bumwe busumbirije mu mice myinshi, ubumwe butuvyarira ubuzima bushasha », kandi tugumanye « ivyiza vyari muri bwa budasa bwatumye haba amatati ».
Ndabizeje rero ko Ekleziya izokwama ishigikiye imigambi yose irondera kwubaka n’ukuremesha amahoro, kandi izonakoresha uburyobuzira gukoresha igikenye ariko ikaburonderera n’inzira nshasha. Kuri iri genekerezo rya mbere Nzero umwaka w’i 2017, haciye hanavuka ibiro bishasha bigize igisata twita « Dicastère » bishinzwe ubutumwa bw’iterambere runtu ryuzuye, bizofasha Ekleziya kubandanya yitaho ku rugero rubereye « ivyiza ntangere vy’ubutungane, vy’amahoro n’ugutunga neza ibiremwa Imana yaturagije », maze ivyo biro birangwe n’umutima wo gufasha abata izabo n’ibihugu vyabo, « abantu bari mu bukene ntangere, abarwaye n’abakumiriwe, abantu bacibwa bakigizwa kure, abaguweko n’amarushwa y’ingwano canke ibindi biza vy’ivyaduka, abagorewe mu mabohero, abatagira akazi, eka n’abandi bantu bose bafatwa nk’abaja canke bagahohoterwa mu buzima bwabo » . Igikorwa cose kizoba kiri muri iyo ntumbero, naho coba ari gito cane, kizoba ari intererano mu kwubaka isi izira igikenye, ikaba ari intambwe ya mbere iganisha ku butungane n’amahoro.
Mu kurangiza
7. Nk’uko Ekleziya yamye ibigenza, nshize umukono kuri rino Jambo ku wa 8 Kigarama, umusi mukuru w’isamwa ata gicumuro ry’Umuvyeyi Bikira Mariya. Mariya ni we mwamikazi w’amahoro. Igihe yibarukiye umwana wiwe, abamarayika baraninahaje Imana bipfuza ko amahoro yoshwara isi ku bantu barangwa n’ugushaka gutumbereye (Luka 2,14). Dusabe Bikira Mariya atubere umurongozi.
« Twese dushaka amahoro ; abantu benshi bari ku kivi bayubaka imisi yose mu dukorwa twabo twa misi yose ; hari benshi bikoreye ububabare kandi bakaburinda mu bwitonzi barondera ico boterera mu kuremesha amahoro ». Muri uyu mwaka w’i 2017, ni twiyemeze, mu gisabisho cacu no mu bikorwa vyacu, ko tugiye kuba abantu batujije mu mitima yabo, mu majambo bavuga no mu nyifato bagira ico cose kijanye no kwitwaza igikenye ; twiyemeze kwubaka imibano izira kugendera igikenye, ahubwo twubake imibano iduza inzu idukingira twese. « Nta kidashoboka twituye Imana mu gisabisho. Twese turashobora kuba abakozi baremesha amahoro » .
Bigiriwe i Vatikano, ku wa 8 kigarama 2016
Fransisiko
Vyahinduwe mu kirundi n’Ibiro bishinzwe ukumenyesha Inkuru Nziza mu Burundi
Isôko: www.eglisecatholique.bi