Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » UMURYANGO MWERANDA (Idominika ikurikira Noeli).

UMURYANGO MWERANDA (Idominika ikurikira Noeli).

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Menya neza: Iyo habuze umusi w’Imana mu misi umunani ikurikira Noeli, bagira uwo musi mukuru kw’igenekerezo rya 30 Kigarama, kandi, imbere y’Injili, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa bibiri vyabigenewe : mu mwaka « B » no mu mwaka « C », bashobora gusoma ibindi bisomwa imbere y’Inkuru Nziza.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 3, 2-6. 12-14
(Uwubaha Umukama arasonera se na nyina)

Français : Georges Lallemant, La Sainte FamilleUmukama ni We atera iteka Senaka mu bana biwe, ni We yubahiriza umuvyeyi mu bana biwe.
Uwubaha umuvyeyi wiwe aba ariko arishura ibicumuro vyiwe, uwutera iteka nyina wiwe asa n’uwuriko aragwiza itunga. Uwubaha se azohimbarwa na we mu bibondo vyiwe, niyatakambira Umukama azomutega amatwi.
Uwutera iteka se azoramba, uwugamburukira Umukama azoshimisha uwamwibarutse.
Mwananje, urunganira so niyamara gushika mu zabukuru, ntuze umutere amagorwa mu buzima bwiwe. N’aho ubwenge bwiwe bwoyama, uramugirira imbabazi, ntumukengere ngo n’uko uciyumvamwo ingoga. Ineza uzogirira so ntizokwibagirwa, kandi izohanagura ibicumuro vyawe.

Izaburi 127 (128), 1-2. 3. 4-5
Icit : Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama akagendera mu nzira yiwe.

Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe !
Uzotungwa n’ibikorwa vy’amaboko yawe,
uzohirwa, uzonezerwa !

Umugore wawe azoba nk’ingundu y’ibitoke vyama cane,
ari ikare mu nzu yawe ;
abana bawe bazoba nk’amashami akikije ingundu,
bakikije ameza yawe.

Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa umuntu yubaha Umukama.
Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire,
ubone Yeruzalemu iroraniwe
mu misi yose y’ubuzima bwawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi 3, 12-21
(Ingeso nziza zubaka umuryango)

Mwebwe, ntore z’Imana, mwebwe beranda n’abakunzi bayo, nimugire umutima w’ikigongwe, ukunda abandi, wicisha bugufi, utekereza, wiyumanganya. Nihaba hari uwufise ico yidogera uwundi, nimwengengane, muheze murekuriranire. nk’uko Umukama yabarekuriye, namwe mube ariko murekuriranira. Cane cane, ikiruta ivyo vyose, amane urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba untungane ibushitse. Vyongeye, amahoro ya Kristu n’ahangama mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu mubiri umwe ; maze, mwame mukenguruka na ntaryo.
Ijambo ry’Imana niribashike ku nyota ; igishanye mu bwitonzi, muhanurane. Ririmbire Imana n’umushaha wanyu wose, muyikengurukire mu mazaburi, mu ndirimbo no mu mvyino nyeranda. Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana Umuvyeyi wacu.
Mwa bagore, nimugamburukire abagabo banyu nk’uko bibereye mu Mukama. Mwa bagabo namwe, nimukunde abagore banyu, ntimubirabuze umutima. Mwa bana, nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, ni vyo binezereza Umukama. Namwe mwa bavyeyi, ntimuturubike abana banyu, bohava bihebura.

INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu,
kandi mwamane ijambo ryiwe ribuzuzamwo ivyiza vyose !
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yanditswe na Matayo : 2, 13-15. 19-23
(Jana Umwana na nyina, uhungire mu Misiri)

Abamajusi bamaze kugenda, umumalayika w’Umukama arabonekera Yozefu mu ndoto, amubwira ati : « Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire mu Misiri, uze ugumeyo gushika aho nzokwakurira, kuko Herodi aza guhiga umwana ngo amwice. »
Yozefu rero aravyuka, ajana ijoro umwana na nyina, ahungira mu Misiri, agumayo gushika Herodi apfuye, kugira ngo iryo Umukama yari yaravugishije umuhanuzi ritahe ngo : « Umwana wanje yari mu Misiri naramwakuye. »
Herodi ngo aze gupfa, umumalayika w’Umukama abonekera Yozefu mu ndoto, mu Misiri, amubarira ati : « Vyuka, ujane umwana na nyina, usubira mu gihugu ca Israeli, kuko abagomba kwica umwana bapfuye. »
Yozefu aravyuka, ajana umwana na nyina, asubira mu gihugu ca Israeli. Yamara, yumvise ko Arkelausi ari we atwara Ubuyudeha mu kibanza ca Herodi se wiwe, aratinya kujayo : aburiwe mu ndoto, agenda mu ntara y’i Bugalile, aja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko niko iryavuzwe n’abahanuzi ryatashe, ngo : « Azokwitwa Umunyanazareti. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :