IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Iharūra : 6, 22-27
(Umuhezagiro w’amahoro n’ubuhirwe)
Imana yahamagaye Moshe imubwira iti : « Bwira Aroni n’abahungu biwe uti :
‘Ng’uku uko muzohezagira abana b’Israeli : Imana n’iguhezagire yongere ikuzigame !
Umukama n’akwerekezeko inyonga ziwe, akugirire ikigongwe !
Umukama n’akugarukire akurabe ryiza,
akuzanire amahoro !’
Baranyitirira gurtyo abana b’Israeli, nanje nzobahezagira. »
Izaburi 66 (67), 2b-3. 5. 6. 8b
Icit : Imana n’itugirire imbabazi, iduhezagire !
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukama.
Intara nizivyine zihimbarwe,
ugaba ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.
Intara nizemere yuko uri Imana,
iyo ziva zikagera nizivyemere,
iyo ziva zikagera nizibiririmbe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati : 4, 4-7
(Imana yaturungikiye Umwana wayo, yibarutswe n’umugore)
Ubutigu bugeze bw’uko vyose biranguka, Imana yaturungikiye Umwana wayo, yibarutswe n’umugore, agenda, agendera kw’Ibwirizwa kugira acungure abagabwa n’Ibwirizwa, yongere aturonkere iteka ry’ukuba abana b’Imana. Mbere, ikimenyesha ko turi abana b’Imana, ni uko yarungitse mu mishaha yacu Mutima w’umwana wayo, atakamba ati : « Abba ! Dawe ! »Nico gituma utakiri umusuku, usigaye uri umwana, kandi ko uri umwana, uri samuragwa kubw’Imana.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Kuva kera, Imana yarashikirije ijambo ba sokuru,
mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi, iciye ku bahanuzi ;
no muri iyi misi y’imperuka na ho,
yadushikirije ijambo iciye ku Mwana wayo.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka : 2, 16-21
(Imisi umunani ngo ihere, bamwita Yezu)
Muri irya misi, abungere bagiye barihuta bahasanga Mariya na Yozefu n’akayoya karyamye mu bwato bw’inka. Ngo bakabone, bigana ivyo bari bumvise kuri uyo mwana.
Abumvise bose ivyo abungere babiganiye baratangara. ariya we yama yibuka ayo majambo, akayazigama mu muzirikanyi wiwe.
Hanyuma, abungere basubira inyuma, bagenda baraninahaza Imana, bayishimagiza kuko ivyo vyose bari biyumviye kandi biboneye vyahwanye n’ivyo bari babwiwe.
Imisi umunani iheze, hageze ko agenyerwa, bamwita Yezu, ariryo zina umumalayika yari yavuze Yezu atarasamwa mu nda ya nyina.