IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 49, 3. 5-6
Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi
Umukama yambwiye ati : « Uri umusavyi wanje, Israeli, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.»
Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli.
Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje, ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : « Kuba umusavyi wanje ahagarikira bene Yakobo, agarura bene Israeli barokotse, ivyo ntibikwiye. Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi.
IZABURI 39 (40), 2. 4AB. 7-8A. 8B-9. 10
Icit : Ndi hano, ndaje, Mukama, ndaje gukora ivyo ushaka.
Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.
Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »
Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.
Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti : 1, 1-3
Tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama Yezu Kristu
Jewe Paulo,
Jewe nahamagariwe kuba umutumwa wa Yezu Kristu nk’uko Imana yabishatse, twe na mwenewacu Sosteni, turandikiye mwebwe Ekleziya y’Imana iri i Korenti, mwebwe mwatagatifujwe na Kristu Yezu, mwahamagariwe kuba beranda hamwe n’abo bose bambaza iyo bari hose izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ari We Mukama wabo n’uwacu, tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Jambo yarigize umuntu, abana natwe.
Abamwakiriye bose yabahaye ububasha
Bwo kuba abana b’Imana.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani : 1, 29-34
Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi
Yohani Batista abona Yezu aje, amwerekeye, aca avuga ati : « Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi. Uwo ni We navuze, aho nagira nti : Mu nyuma zanje, haza kuza umuntu anduta, kuko ntarabaho yariho.
Na jewe sinari ndamuzi ; yamara naje kubatiza mu mazi ngo amenyekane muri Israeli. » Yohani yongera avuga ati : « Nabonye Mutima amanuka ava mw’ijuru nk’inuma, maze ahagarara kuri We.
Nanje nyene sinari ndamuzi ; ariko uwandungitse kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati : ‘Uwo uzobona Mutima yururukiyeko akamuhagararako, ni we abatiza muri Mutima Mweranda.’None naravyiboneye, nico gituma nemeje ko uyo ari We Mwana w’Imana. »