Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 4 yo mu mwaka A

Idominika ya 4 yo mu mwaka A

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya : 2, 3; 3, 12-13

Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa

Rondere Umukama, mwa bantu batobato mwese bo kw’isi, muhore mmugamburukira amateka yiwe. Reondere ubutungane, mwicishe bugufi ; kumbure muzoba mwikinze ishavu ry’Umukama aho rizokwadukira.

Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa, kandi agasigarira ka Israeli kazohungira mw’izina ry’Umukama. Bazoheba ubuyobe bwose, bihane ikinyoma cose, abangushi na bo bacibwe. Bazogandagaza ku mitumba, baruhuke atawubariye urwara.

IZABURI 145 (146), 7. 8-9A. 9B-10

Icit : Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

Canke : Alleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
Ni We agorora abahetamye,
Ni We akunda abantu b’intungane,
Ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,

Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti : 1, 26-31

Abatagira ububasha nib o Imana yitoreye

Ncuti zanje,
Nimuzirikane ihamagarwa ryanyu uko rimeze : muri mwebwe, abanyabwenge kubw’abantu si bo benshi, abakomeye si bo benshi, abana b’imiryango mikuru si bo benshi. Yamara ibijuju mu maso y’abantu ni vyo Imana yitoreye ngo itetereze incabwenge ; abatagira ububasha ni bo Imana yitoreye ngo itetereze abagendera ku bubasha bwabo ; abatagira akaryango mu bantu n’bakengerwa ni bo Imana yitoreye, n’ibitariho mbere Imana yaravyitoreye ngo igire ubusa ibiriho, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe yihayagiza imbere y’Imana.

Ni Yo ibaha kuba muri Kristu Yezu, ni Yo yamuduhaye ngo atubere ubwenge, ubutungane, ubweranda n’urukiza, kugira ngo, nk’uko vyanditswe, « Uwihayagiza yihayagize mu Mukama. »

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Muranezerwe muhimbarwe,
kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru.

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo : 5, 1-12a

Hahiriwe abari n’mutima ushima ubworo

The SermonYezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :

« Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo :
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !

Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :