IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya : 2, 3; 3, 12-13
Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa
Rondere Umukama, mwa bantu batobato mwese bo kw’isi, muhore mmugamburukira amateka yiwe. Reondere ubutungane, mwicishe bugufi ; kumbure muzoba mwikinze ishavu ry’Umukama aho rizokwadukira.
Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa, kandi agasigarira ka Israeli kazohungira mw’izina ry’Umukama. Bazoheba ubuyobe bwose, bihane ikinyoma cose, abangushi na bo bacibwe. Bazogandagaza ku mitumba, baruhuke atawubariye urwara.
IZABURI 145 (146), 7. 8-9A. 9B-10
Icit : Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Canke : Alleluya.
Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.
Ni We ahumura impumyi,
Ni We agorora abahetamye,
Ni We akunda abantu b’intungane,
Ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti : 1, 26-31
Abatagira ububasha nib o Imana yitoreye
Ncuti zanje,
Nimuzirikane ihamagarwa ryanyu uko rimeze : muri mwebwe, abanyabwenge kubw’abantu si bo benshi, abakomeye si bo benshi, abana b’imiryango mikuru si bo benshi. Yamara ibijuju mu maso y’abantu ni vyo Imana yitoreye ngo itetereze incabwenge ; abatagira ububasha ni bo Imana yitoreye ngo itetereze abagendera ku bubasha bwabo ; abatagira akaryango mu bantu n’bakengerwa ni bo Imana yitoreye, n’ibitariho mbere Imana yaravyitoreye ngo igire ubusa ibiriho, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe yihayagiza imbere y’Imana.
Ni Yo ibaha kuba muri Kristu Yezu, ni Yo yamuduhaye ngo atubere ubwenge, ubutungane, ubweranda n’urukiza, kugira ngo, nk’uko vyanditswe, « Uwihayagiza yihayagize mu Mukama. »
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Muranezerwe muhimbarwe,
kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo : 5, 1-12a
Hahiriwe abari n’mutima ushima ubworo
Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :
« Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo :
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »