IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (3, 1-4)
Wa Mukama murondera, azoca yinjira mu ngoro yiwe
Ng’iri iryo Umukama Imana yayaze : Nza kurungika intumwa yanje integurire inzira. Kandi wa Mukama murondera, ya ntumwa y’isezerano mwipfuza, azoca yinjira mu ngoro yiwe.
Umukama nyen’ingabo agize ati : « Ng’uyo araje. » Mbega ninde azoshobora kurinda wa musi w’umuzo wiwe ? Ni nde azomukubita ijisho ntahundagare ? Akaze nk’umuriro wo mu ruganda, aza arusha vyose mu gukura ibitosi.
Azokwicara nk’umuzi ashusha agartyorora ivyuma, azokwuhagira abana ba Levi, abartyorore nk’inzahabu n’ifeza ; bazoheza babe intungane, bashikane bashimwe mu maso y’Umukama. Niho imperezwa ya Yuda n’iya Yeruzalemu zizohimbara Umukama, nka kumwe kwa kera, imisi ikiri imyero.
IZABURI 23 (24) 7, 8, 9, 10
Icit : Mukama nyeningabo, ni we Mwami w’inganji.
Mwa birimba, uguruke !
Nzugi zamaho, tamanzure :
Umwami w’inganji yinjire !
Uyo Mwami w’inganji ni nde ?
Ni Umukama, Nyen’ububasha, ni intwari,
ni Umukama, ni intwari mu rugamba.
Mwa birimba, uguruke !
Nzugi zamaho, tamanzure :
Umwami w’inganji yinjire !
Uyo Mwami w’inganji no nde ?
Ni Umukama, Nyen’ingabo,
ni We Mwami w’inganji.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (2, 14-18)
Yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose
Abantu bafise kamere y’umubiri n’amaraso, ni co gituma Yezu yashatse kumera nka bo, kugira ngo mu rupfu rwiwe, agire ubusa uwari afise ububasha bw’urupfu, ariwe Shetani, yongere asubize iteka abo ubwoba bw’urupfu bwagumije mu buja mu buzima bwabo bwose.
Turabizi noneho, abamarayika si bo yaje gukiza, yazanywe na bene Aburahamu. Kubera ico, yashimye kwishushanya na benewabo muri vyose, kugira ngo, mu vy’Imana abe Umuherezankuka mukuru yuzuye impuhwe kandi w’intatanamundagano, ashobora gukura ibicumuro vy’igihugu. None rero, ko yababaye gushika apfe akageragezwa, atidoga, arashobora kwunganira abaremerewe n’amagorwa.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ng’uwo umuco uboneshereza intara zose !
Ng’iri ininahazwa ry’icibare ciwe Israyeli !
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (2, 22-40)
Igisomwa kigufi : 2, 22-32
Amaso yanje yarihweje ubukiriro
Babonye hageze ko Mariya aja gurtyororwa nk’uko itegeko rya Moshe ribivuga, abavyeyi ba Yezu bamujana i Yeruzalemu kumuhereza Umukama, nk’uko vyari vyanditswe mu mabwirizwa y’Umukama ngo umwana w’imfura wese azoherezwa Umukama ; kandi bari bajanywe n’uguhereza inkuka udukundye tubiri canke utunuma tubiri, nk’uko itegeko ry’Umukama ribivuga.
I Yeruzalemu na ho , hari hasanzwe umuntu yitwa Simeo. Uwo muntu yari intungane kandi yarakunda Imana ; yari yiteze uruhoza rw’Israeli, kandi Mutima Mweranda yari kumwe na we. Mutima Mweranda yari yaramumenyesheje ko atazopfa atarasanganira ya Ntumwa y’Umukama.
Niko kuza mu gisengero yohejwe na Mutima. Abavyeyi ba Yezu bagasangwa bazanye umwana Yezu ngo barangure imigenzo y’itegeko. Simeo aramwakira, ahezagira Imana ati :
« Noneho, Muhanyi, nk’uko wabivuze,
rengukisha umusavyi wawe mu mahoro ;
nkako, amaso yanje yihweje ubukiriro
wateguriye intara zose ;
wa muco uboneshereza intara z’abapagani,
rya ninahazwa ry’icibare cawe Israeli.»
(Igisomwa kigufi giherera aha)
Se na nyina baratangazwa n’ivyo bamuvugako. Simeo aramuhezagira, araheza abwira Mariya nyina wa Yezu ati : « Ha ! Uyu mwana, benshi mu Banyisraeli bazomwandurako urupfu ; kandi yongere abere urukiza benshi : azoba ikimenyetso bazohazanirako. Eka na wewe nyene, inkota izogusogota mu mushaha. Ivyiyumviro vya benshi bizoheza vyibonekeze.»
Hariho umuhanuzikazi yitwa Anna, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Azeri. Yari ashaje cane. Yari yapfakaye amaze imyaka indwi abana n’umugabo wiwe ; muri ico gihe yari ashikiriye imyaka mirongo umunani n’ine. Ntiyari akiva mu gisengero, yama aninahaza Imana ijoro n’umutaga mu kwisonzesha no mu gusenga.
Muri ico kiringo nyene, ni ho yahezagira Imana, amenyesha uwo mwana abari biteze ko Yeruzalemu irokoka.
Ngo baheze kurangura ivyari vyategetswe n’Umukama, basubira mu Bugalile, mu gisagara cabo Nazareti. Ni uko rero umwana arakura, arakomera, aratera imbere mu bwitonzi ; inema y’Imana bari kumwe.