IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 58, 7-10
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umtwenzi
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :« Sangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, abagowe babuze aho baba ubinjize mu nzu yawe, niwabona uwuri gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umutwenzi, igikomere cawe kigakira ningoga, ubutungane bwawe bukakuja imbere, na bwo ubuninahazwa bw’Umukama bugushorere. Niho uzohamagara Umukama akakwitaba, ukamuborogera akakwitaba ati : “Ndi hano.”
Niwakura iwawe umuzigo uguturubika be n’amajambo y’ububisha, niwaha uwushonje ico nawe wipfuza, niwamara inyota ivyipfuzo vy’umurushwa, umuco wawe uzoseruka mu mwijima, umukorane wawe wakake nk’izuba ryo ku mutaga. »
IZABURI 111 (112), 4-5. 6-7. 8a. 9
Icit: Mu mwijima, ni Wewe muco w’abantu b’intungane.
Canke: Alleluya.
Mu mwijima, umuco uzoboneshereza umuntu mweranda,
agira impuhwe, ubushikirane n’ubutungane.
Aratabara abarushwa, akagurana bitavuye imutwe,
azira kugunga mu vyo adandaza.
Ntaho azokwigera anyiganga,
bazokwama bamwibuka imyaka n’imyaka.
Ntatinya kumenya ibimubangamira,
umutima wiwe urakomeye, wizigira Imana nsa.
Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba ;
n’abansi nyene ntabibanga
ingene atabara aboro ntawovyīgāna,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 1-5
Narabamenyesheje amabanga ya Yezu Kristu yabambwe ku musaraba
Nanje mu kuza iwanyu, benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y’Imana mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Nta kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musaraba. Jewe nyene nashitse iwanyu mfise intege nke, ndi n’ubwoba n’agashitsi kenshi, kandi imvugo yanje n’inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku majambo atomoye y’ubwenge, ariko ico vyerekana ni Mutima n’ubukomezi bwiwe, kugira ngo ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ariko gushimikire ku bukomezi bw’Imana.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi umuco w’isi.
Uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 13-16
Ni mwebwe muco w’isi
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :« Ni mwebwe munyu w’isi. None, umunyu utagisosa, icowusubiza ako kanovera cova hehe ? Ntaco uba ukimaze, usigaye ari uwo gushiburira hanze, abantu bakikandagirira.
Ni mwebwe muco w’isi. Ntawushobora guhisha igisagara cubatswe mw’itāba ry’umusozi. Kandi ntawudomeka itara ngo aryubikeko umubêhé ; arishira nyabuna ahakirurutse, niho riheza rikaboneshereza abari mu nzu bose. Uko ni ko umuco wanyu wokwibonekeza mu maso y’abantu, maze babonye ibikorwa vyanyu vyiza, bakaninahaza So wanyu ahangamye mw’ijuru. »