IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki ( 15, 15-20)
Nta n’umwe Umukama yarekuriye kuba umuyobe
Ubishatse urazigama amabwirizwa,
kugira ukwemera biva ku gushaka.
Yagushize imbere umuriro n’amazi,
niwagira ico ushimye uraramvura ukuboko kwawe.
Imbere y’abantu hari ubuzima n’urupfu,
uwuzogira ico ashimye ni co azohabwa.
Nkako, ubwitonzi bw’Umukama ni bwinshi,
arakomeye kandi ari n’ububasha, akabona vyose.
Yerekeza amaso yiwe ku bamwubaha,
kandi arazi igikorwa cose c’umuntu.
Nta n’umwe yategetse kuba umubisha
kandi nta n’umwe yahaye uburenganzira bwo gucumura.
IZABURI 118 (119), 1-2. 4-5. 17-18, 33-34
Icit : Hahiriwe abagendera kw’itegeko ry’Umukama.
Hahiriwe abagendera ubutungane,
bakagendera kw’itegeko ry’Umukama ;
hahiriwe abazigama amabwirizwa yiwe,
bakamurondera n’umutima wabo wose.
Ni Wewe washinze amateka yawe,
Kugira ngo bayazigamane ubwira.
Ese mu ngiro yanje
Nokwama nkurikiza ivyo ushaka.
Girira neza umusavyi wawe, niho nzohema,
nkarangura ijambo ryawe.
Mpumura, niho nzobona
Ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe.
Nyereka inzira y’amabwirizwa yawe :
ni yo nshaka kugenderamwo iminsi yose.
Nyumvisha ibwirizwa ryawe, maze ndarizigame,
ndarirangure n’umushaha wanje wose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2, 6-10)
Imana yatugeneye ubwenge kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa
Ncuti zanje,
Niko, ubwo bwenge ni bwo tuvugana mu beranda, yamara si ubwenge bw’iyi si, kandi si ubw’abaganza iyi si barariye guhona. Ubwenge tuyaga ni ubwenge bw’Imana, atawobutahuza, ni ubwenge bw’ikinyegezwa, Imana yatugeneye kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa, ubwenge ata n’umwe mu baganza iyi si yigeze amenya : iyo babumenya, ntibari kubamba ku musaraba Umukama nyen’ubuninahazwa.
Ariko, nk’uko vyanditswe, tumenyesha ico ijisho ritigeze ribona, ico ugutwi kutigeze kwumva, ico umutima utigeze wiyumvira, eka ivyiza vyose Imana yateguriye abayikunda. Natwe rero, ni twe Imana yabuhishuriye kubwa Mutima ; kukaba nkako, Mutima ategera vyose, n’ibinyegezwa vy’Imana nyene.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mwami w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bw’ijuru.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 17-37)
(Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki)
Jeho ndababwiye ibi
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ntimugire ngo nazanywe n’ugukura Itegeko canke Abahanuzi ; eka sinazanywe n’ukuzimanganya, naje gushitsa. Nkako ni ukuri ndababwiye : Ijuru n’isi bikiriho, nta n’akadome, nta n’akarongo bizova mw’Itegeko, vyose bitaranguwe.
Uwuzorenga ibwirizwa rimwe ryo muri ayo mabwirizwa kandi akigisha abandi kugira nka we, azogirwa umuntu muto cane mu Bwami bw’ijuru ; ariko uwuzoyakora akayigisha, we azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru. Nkako ndabibabwiye : nimutarusha Abanditsi n’Abafarizayo kuba intungane, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.
Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobobazwa ku rubanza ; na we uwuzokwita uwundi ikirēre, bizomukwega imbere ya sentare ; amwise naho umusazi, azotabwa mu nyenga y’umuriro.
Niwaza rero guhereza ishikanwa ryawe kw’altari, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’altari, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe.
Subiza hamwe ningoga n’uwo mushize kubiri, mugifatanije akayira, kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw’ibohero ; ni ivy’ukuri ndabikubwiye, n’isenge utayishuye ntuzovayo.
Mwarumvise iryavuzwe ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we. None rero, ijisho ryawe ry’iburyo rigutirimukije, rirandure urite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga. Na ho iminwe yawe y’iburyo igutirimukije, yice uyite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga.
Iryavuzwe, ni uko uwuzokwirukana umugore wiwe azomuha ikete rimenyesha ko yirukanywe. Jeho ndababwiye nti : Uwo wese yirukana umugore wiwe kiretse niyaba yakoze ibiterasoni, aba amutumye kuba umusambanyi ; kandi uwabira umugore yirukanywe, na we ni umusambanyi.
Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jeho ndababwiye kutarahira namba : habe n’ijuru, kuko ari icicaro c’Imana, habe n’isi, kuko ari urwuririzo rw’ibirenge vyayo, habe na Yeruzalemu, kuko ari igisagara c’Umwami mukuru. Nturahire umutwe wawe, kuko ata n’agashatsi kawo wobwira ngo kere canke kirabure. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »
Igisomwa kigufi ni iki :
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo
(5, 20-22a. 27-28. 33-34a. 37)
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ni ukuri ndabibabwiye : Nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.
Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa ku rubanza.
Mwarumvise iryavuzwe, ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we.
Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jewe ndababwiye kutarahira namba. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »