IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko 2, 7-9 ; 3, 1-7
Irema n’igicumuro c’abantu ba mbere
Umukama amaze kurema ibiri kw’isi vyose, araheza ahingura umuntu mw’ibumba, hanyuma ahuhira mu mazuru yiwe impemu z’ubuzima, nya muntu aca aba muzima. Umukama Imana atera umurima ahantu hitwa Edeni, mu buseruko bw’izuba, araheza ahashira umuntu yari yahinguye. Umukama Imana arameza kw’isi ubwoko bwose bw’ibiti biryoheye ijisho kandi bifise ivyamwa biryoshe, hagati na hagati hari igiti c’ubuzima n’igiti kimenyesha iciza n’ikibi.
Inzoka ni yo yarusha ubwenge ibikoko vyose vyo mw’ishamba Umukama Imana yari yaremye. Iraheza ibwira umukenyezi iti : « Nankana Imana yagize ngo ntimuze murye ivyamwa vyamuwe ku biti vyose biri mu murima ? » Nya mukenyezi yishura ati : « Turashobora kurya ivyamwa vy’ibiti biri mu murima, mugabo ivyamwa bizova ku giti kiri hagati na hagati y’umurima, Imana yavuze iti : Ntimuze mubirye, ntimuze mubikoreko, ahandiho muzopfa. » Inzoka ica yishura na mukenyezi iti : « Haba namba, ntimuzopfa ! Mugabo Imana irazi ko umunsi muzobirya, muzoca ubwenge, muzomera nk’Imana izi akabi n’akeza. » Umukenyezi abona nya giti gifise ivyamwa biryoshe kandi biteye igomwe, kandi ko yacipfuza kugira ngo ace ubwenge, araheza afata icamwa caco ararya. Hanyuma agiha umugabo wiwe, bari kumwe, na we ararya. Buno nyene amaso yabo aca arakanura, baca babona ko bari gusa ; baraheza baraterateranya amababi y’ibiti bariyambika.
Izaburi 50 (51), 3-4. 5-6b. 12-13. 14. 17
Icit : Tugirire ikigongwe, Mukama, kuko twagucumuyeko !
Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
Kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
Uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Ego cane, ikibi nakoze ndakizi,
Icaha nakoze kindaza ishinga.
Ni Wewe musa nacumuyeko,
Akabi wanka ni ko nakoze.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
Ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
Ntera iteka ariho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
Kandi ndokoza ugushaka gutegêra, sinzokwiyonkore.
Mukama, mfatanura umunwa,
Mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (5, 12-19)
Igisomwa kigufi : 5, 12. 17-79
Aho igicumuro cagwiriye, ni ho inema yarushirijeho kugwira
Ncuti zanje,
Igicumuro cinjiye kuri iyi si kubera umuntu umwe rudende, hanyuma kivyara urupfu : urupfu na rwo rukwira mu bantu bose, kuko bose bacumuye.
(Igisomwa kigufi kiba kirageze aha)
Na none, Ibwirizwa ritaraza, igicumuro cari kw’isi, ariko ahatagira Ibwirizwa ntawagirizwa igicumuro ; yamara, kuva kuri Adamu gushika kuri Moshe, urupfu rwamye rwiganza no ku batakoze igicumuro gisa n’ica Adamu, we gashusho k’uwimirije kuza.
Ariko ivy’ingabirano ntibimeze nk’ivy’igicumuro : uko isinzi ry’abantu ryapfuye kubera igicumuro c’umwe, ni ko n’urukundo rw’Imana be n’ingabirano yatanzwe kubera imbabazi z’umuntu umwe, Yezu Kristu, vyarushirijeho na kure gusagarara mu bantu isinzi. Vyongeye, iyo ngabirano ntimeze nk’inkurikizi z’igicumuro c’umwe : urubanza rwagiriza igicumuro c’mwe rurangukira mu gihano, na yo ingabirano y’inema isubiriye umukimba w’ibicumuro irangukira mu butungane.
(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)
Na none, ko ikibi c’umwe catumye urupfu rwiganza kubera uyo muntu umwe musa, hari akantu abakiriza yompi ingabirano y’Imana n’ubutungane kubera uyo umwe Yezu Kristu ! Bazobanza mu buzima.
None rero, nk’uko igicumuro c’umwe cakwegeye abantu bose igihano, ni ko n’igikorwa gitunganye c’umwe cazaniye abantu bose ubutungane bubagira bazima. Nk’uko ubugaba bw’umuntu umwe bwatumye abantu isinzi baba abanyakabi, ni ko n’ubugamburutsi bw’umwe bwakijije abantu isinzi, bakaba intungane.
INKURU NZIZA
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
Itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
Ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
Itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (4, 1-11)
Yezu amara iminsi mirongo ine ariko arisonzesha kandi ageragezwa na Shetani
Muri irya minsi,
Yezu yajanywe na Mutima Mweranda mu gahinga ngo ageragezwe na Shetani. Amaze iminsi mirongo ine n’amajoro mirongo ine nyene yisonzesha, arasonza. Nya mwosha mubi amwegereye, amubwira ati : « Niwaba uri Umwana w’Imana, bwiriza aya mabuye acike imikate. » Na We amwishura ati : « Handitswe yuko igitunga umuntu atari indya gusa, atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.»
Shetani rero imujana mu gisagara ceranda, imutereka kw’isunzu ry’isengero, imubwira iti : « Niwaba uri Umwana w’Imana, ikororere hasi, kuko handitswe ngo : Azotegeka abamarayika biwe, bakurerure mu minwe yabo, woye gutsitaza ikirenge kw’ibuye.»
Yezu ayibwira ati : « Handitswe kandi ngo : Ntuze uragerageza Umukama Imana yawe. »
Shetani yongera kumujana ku gasozi karekare cane, imwereka intara zose z’abami b’isi n’inganji yazo, imubwira iti : « Ivyo vyose ndabiguhereza niwapfukama ukansenga. » Yezu na we ayishura ati : « Ewe shetani, igira iyo, kuko handitswe ngo : Uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere Yo nsa. »
Shetani rero iramureka. Abamarayika na bo baramwegera, baramufungurira.