IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 12, 1-4a
Ihamagarwa rya Ibrahimu, se w’Igihugu c’Imana
Umukama yabwiye Abrami ati : « Va mu gihugu c’amavukiro yawe, uhebe umuryango n’itongo rya so, uheze ugende mu ntara nzokwereka. Nzokugira sekuru w’abantu benshi cane, nzoguhezagira nongere nubahirize izina ryawe kuko rizobera bose isôko ry’umugisha. Nzohezagira abo bose bazoguhezagira, nzocinyiza abazokuvuma. Imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa kubwawe. »
Abrami rero araheza agira nk’uko Umukama yari yabimutegetse, yimukana na Loti.
Izaburi 32 (33), 4-5. 18-19. 20. 22
Icit. : Mukama, tworonse urukundo rwawe, kuko ari Wewe twama twizigiye.
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
Ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri,
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
Isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.
Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
Ku bizeye urukundo abafitiye,
Kugira ngo abasimbishe icobo,
Abakize amapfa.
Umutima wanje witeze Umukama,
Ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworonse urukundo rwawe,
Nk’uko ari Wewe twama twizigiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote : 1, 8b-10
Imana iratwakurira ibanga ryeranda
Mukunzi wanje,
Rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru Nziza, uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana, Yo yaturokoye, igatako ikatwakurira ibanga ryeranda ; iryo banga ntitwarironse turicishije ibikorwa vyacu, yariduhaye ku gushaka kwayo n’ubwiza bwayo. Ubwo bwiza, twari twabuhawe muri Kristu Yezu imyaka itaratangura, ni bwo kandi bumenyekana ubu mw’iseruka ry’Umukiza wacu Kristu Yezu, We yatsinze urupfu akamenyesha ubuzima n’ukudapfa kubera Inkuru Nziza.
INKURU NZIZA
Kristu, urakaninahazwa,Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Muri ca gicu gica ibikeke,
ijwi rya Data rirumvikana riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane:
nimumtege amatwi. »
Kristu, urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 1-9)
Mu maso hiwe hakaka nk’izuba
Umunsi umwe,
Yezu yihereranije Petero na Yakobo na mwenewabo Yohani, abajana ku mutumba muremure. Araheza arahinduka imbere yabo : mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe na zo zaca ibibatsi nk’umuco. Buno nyene Moshe na Eriya barababonekera baganira na Yezu.
Petero rero abwira Yezu ati : « Mukama, hano hatumereye neza ! Ubishatse twohaguma, tukahaca insago zitatu, urw’iwawe n’urwa Moshe n’urwa Eriya. » Buno nyene akivuga, igicu gica ibikeke kirabahwikira, ijwi rikivugiramwo riti : « Uyu ni Umwananje nkunda cane mfise ku mutima ; nimumutege amatwi ! » Ba bigishwa ngo bumve iryo jwi, barahundagara, bagwa igihumura, bubika amaso hasi. Hanyuma Yezu arabegera, arabakorako, ababwira ati : « Ve hasi kandi mureke gutinya ! » Na bo ngo bataramure amaso, ntihagira uwundi babona atari Yezu we musa.
Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, Yezu ababwira ati : « Ntihagire uwo muzobwira ico mwabonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. »