Abasaserdoti, Abihebey’Imana n’abari muri iyo nzira barangurira ubutumwa bwabo i Roma no mu micungararo yaho baragize Umwiherero w’Ikarema ubategurira guhimbaza Pasika y’2017. Inyigisho yatanzwe na Patiri Yohani-Bosiko Habarugira, Umusaserdoti yegukira Diyoseze ya Ngozi, Umurezi mw’Iseminari Nkuru y’i Burasira akaba ari mu butumwa i Roma muri iyi misi. Mu nyuma y’inyigisho, ukuzirikana inyigisho n’uguhabwa Isakaramentu ry’ikigongwe (ku bavyipfuza), hakurikiye Inkuka y’imisa hamwe n’ugusangira « akajumbu » k’uwo musi.
Ngi’iyi inyigisho yatanze.
Ijambo ry’Imana: 1Petero 1, 3-11 Twagabiwe ibikenewe vyose, none rero turushirizeho umwete
- Igiti kirashobora kugwa aho kidahengamiye ?
Mu bisanzwe igiti kigwa aho gihengamiye. Iyo beneco bashaka ko kigwa ataco gihitanye, babanze kucurira, bakakiboha n’ibiziriko bikomeye cane iyo gihengamiye ahantu habi kandi kiremereye cane, bagaca bahamagara abagabo bokomeye, bakagikwegera ku ruhande bashaka ko kigwirako. Twebwe abantu twese, dusanzwe muri kamere yacu Imana yaturemye itwihengamikirako, ariko twarashoboye kwihengamikira ku ruhande rundi. None, turashaka gusubira aho Imana ishaka, Ekelziya Mawe wacu irabidutumiriye kw’izina rya Yezu Kristu, ariko turaremereye gusumba igiti c’inganzamarumpu. Ariko twibuke ko inema y’Imana niyo yonyene irusha inguvu ugushaka kw’umuntu yifuza kugendera mu nzira y’ab’Imana
- Turi bande twebwe dushaka kuzirikana ico umukama adushakako muri kino gihe ceranda?
Turi abarundi bakuze, baciyubwenge uno munsi muri 2017, bari mu mahanga, Turi abana b’Imana, bayihebeyimana, abasaserdoti, turi kandi abashakashatsi mu bumenyi murikaminuza zihagarikiwe na Papa, ariko hejuru canke imbere ya vyose nkuko nza kubibumvisha turi aba-kristu.
Mvuze ukwo kuki ? Uwo wemera ni we ugamburukira. Ni nde tugamburukira 100% ? Imana ? Ego cane turi ab’Imana, niyo yatwiremeye. Amazina menshi y’abarundi aravyemeza akavyibutsa. Turayegukiye bamwe 80%, abandi 90% mugabo ntawushikana 100. Nkako sekibi, umwe twumva yihanze umwana w’Imana kuw’Imana uheze, yaratwinjiranye, narayugururiye, irigarurira igice c’ubuzima bw’Imana naragijwe. Nico gituma navuze ko ari vy’ukuri ko turi aba-kristu cane cane. Kristu yaraducunguye. Yaje kudufasha gusubiza mu miwe y’Imana ubuzima bwayo bwose yanshinze, bwantosekaranye ndabibona, nkavyemera, nkamaraza Imana nemereye izuba riva, amakungu akoranye ko ntazigera ndayihemukira. Intsinzi ya Kristu ntegerezwa kuyishikana mu buzima bwanje. Nkore iki ? Tube aba-Kristu : abigishwa biwe bamwumviriza neza atugire ab’Imana, tube abagenzi biwe tuvuge rumwe nawe, tube abavukanyi biwe abatubonye bamwibuke. Ng’iki igihe kiroranye, c’ubukiriro, igihe co kudakura amaso kuri Kristu Umwigisha w’inzira ishika,w’ukuri gukiza, w’ubuzima bwuzuye nifuza,twifuza twese, abantu bifuza bose. Aba-kristu bose bahamagariwe kuba ab’Imana
- Twaje ng’aha, turondera iki?
Gusubira mu nzira y’Ubuhirwe bwo turindiriye. Na bwo bujana n’urukundo rutirondera, rutumbera Imana n’abantu. Ubuhirwe ntibuva ku kigoro k’umuntu aburonderana ijoro n’umutaga. Ni ingabirano y’Imana, irangwa n’ibintu bitatu iki gihe ceranda kiduhamagarira gusuzuma no kugarukako:
– Inyifato y’umutima wawe imbere y’Imana : umutima ukunda Imana, uyizigiye bishitse wifata ruto imbere yayo, ukayizigira Imana cane.
– Inyifato yawe imbere y’abandi (ikigongwe, ukubipfuriza ineza bose, ukuyibabonamwo). Ni urukundo rudaherera mu vyiyumviro no mu bisabisho vyo mw’isengero gusa, inzigo, ishari, ivyiyumviro bibi bikagumaho.
– Inyifato yawe mu bihe bigoye : Erega uwudafise uwo yishimikiza aca yihebura
Ibi vyose, ni vyo vyaranze Yezu aha kw’isi gushika atange ubuzima bwiwe. Kuri twebwe rero abigishwa ba Kristu, ukwakira iyo ngabirano y’Imana bisigura iki?
- Ni ukubaho ku munsi ku munsi ibwirizwa riruta yose, ibwirizwa ry’urukundo rw’Imana n’abayo bose ata n’umwe avuyemwo
- Ni ukutirengagiza indagano wagiriye Umukama mu gutanga ubuzima nk’Imana, kwitanga nka Yezu kristu
- Tuzobishikira gute?
Ingorane zisigaye ni zibiri. urwo rukundo! ukwo kwitanga! kuri jewe bigize kimwe. Hariho intambamyi zihambaye zitubuza gushika kuco dushaka ?
Turabire hamwe gute.turabe intambamyi zihanamiye twebwe ab’Imana muri Yezu Kristu. Ico kibazo kimwe tucibaze twongere tucishure gatatu.
– Uwa Kristu yogendera gute ukwemera mw’isi y’ubu yageze ku buhinga n’ubumenyi umengo vyasubiriye Imana?
Ego cane hariho ingorane zihambaye kandi zitagaragara. Ukwo iminsi ihera isi irahinduka iratunga vyinshi, ariko ikaguma isubira inyuma kuko iguma yibagira, itakaza igituma c’ivyo ifise. Beaucoup de moyens, sans finalités! Ubuhinga buhanitse, mugabo bushikana kuki? Imigenzo mibi irongerekana, umuntu ntaba agifise iciyumviro c’igituma ariho, Imana yaramuremye, kandi Imana yamuremye ngo ayimenye, ayikunde, ayikorere, maze ubuninahazwa bwayo bujane n’urukiza rw’abayo. Imigenzo ituruka mw’Ijambo ry’Imana imaze irarengerwa kwibagirwa, umwe wese aca yironderera inzira y’ubuzima, vyose biba bipfuye amagorwa arakurikira gupfira mu buja bw’igicumuro, bwa shetani…iki kibazo ndagishikirije abashakashatsi bari ng’aha. Nanse kuvuga abanyeshule kuko muri Kaminuza iryo jambo ntiriba rikiri ryo. Ubwenge burashobora gutwara ikibanza c’ukwemera. Ibikorwa vy’ubwenge birashobora gutwara umwanya wo gusenga. Ugusamarira ibihugu biteye imbere birashobora gutwara umwanya w’Imana kuko uwihay’Imana aba yayihanye n’umwanya, mbere hari abaca bahitamwo guheba ibanga ngo bigumire ino kubera imvo nyinshi, izo bovuga n’izindi batovuga, intumbero y’ubuzima ikaba iheze ukwo, abandi bagasubira mu gihugu baragabanije ukwemera bazananye !
– Uwa Kristu yogendera urukundo rwitanga gute, mw’isi igendera ku kwikunda kurengeye?
Murumva abantu bava mu bihugu bikenye bidogera abatunzi ko batabafasha, kandi ni vyo imfashanyo ntibaho kuko ata ca gusa kibaho. Batanze ikintu baba bashaka ico babona bogukurako. Nta bugenzi bubaho, hari umubano ufise intumbero. Urukundo ruza inyuma y’inyungu. Si bo gusa, twese ni ko tumeze. Umwe wese ni arabe ingene hari ubudasa hagati y’umwitwarariko abantu dufitiye umubiri n’uwo tugirira umutima. Umutima niwo wari ukenewe kwitabwaho cane, kuko utufatanya n’Imana ukatugira agashusho kayo. Ubu rero abantu baranigira mu menshi umutima n’ivyipfuzo vyawo cane bakabisubiriza ivy’umubiri, ibinezero bigasubirira akanyamuneza, ntango y’ubuhirwe, ivyo vyose bikajana n’ukubura akanya ko kuzirikana, ko kwumviriza agatima gakubita, ko gusenga, ko kuganira n’abandi, gusabikanya ijambo ry’Imana etc…
Iki kibazo gishikire abarundi benewacu. Igihugu cacu kimerewe uko kimerewe, mu mibano, mu butunzi, mu ntwaro, mu ndero. Imitima y’abarundi yaciye imera nk’iyihindutse aho bari hose nomuri Australie. Urukundo rw’abavukana rumera nk’urutirimutse n’aho ataho rwaroye. Ubu mbere nogira nti vyofuma mu bakuze. Urwaruka ruriko rurakura ntawuzi ico ruzovamwo mu myaka iri imbere. Ivyiyumviro bibi, mu mitima ntibibuze kuri benshi, urwanko ruca ruronka aho rumenera, abana benshi bakarukuriramwo kandi bakarukurana. Nimwumvirize ijwi ry’umukama, n’irya Ekleziya ntihagire uwuzimira yarazindutse kurondera Imana kubera utwo tuntu duto duto: ibintu vyose bihera umukama yavyise utuntu dutoduto nk’amahera. Kano karyo kadufashe no gusabira igihugu Imana yaduhaye, mu gusabira abakwiye kwidogerwa ngo duhindukane nabo hagire igihinduka kuko Imana ntiyaturemeye kugorwa no gukorerana imisalaba
-Uwa Kristu yogendera ukwizigira Imana gute mw’isi isigaye yarikukiye imbere y’Imana ufatiye ku vyiyumviro vy’ubu
Iki kibazo naco ndagituye abihaye Imana b’ubu n’ab’ejo. Mbere nta w’ejo n’umwe arimwo. Nkako ukwo imigenzo ititutka ni ko n’ubwihevyi butituka, kuko turi abana b’abavyeyi bacu, b’igihe cacu. Iyi si muriko irimwo amajwi menshi yo kwumviriza. Ibintu vyiza vyinshi vyo kuraba, vyo gusamarira. Umunsi umwe umubikira mukuru yambariye ko bimugoye gufata ingingo kubijanye na telephone ku babikira. Naciye nibuka ijambo Ndadaye yashimikiyeko muri meeting ya nyuma imbere y’amatora i Nyamurenza : ntawutangira isegenya. Ariko isegenya itangirwa n’iyindi!
Nkako Imana yararemye, hanyuma irema n’umuntu ashobora kurema, aca ararerma nawe ibintu vyinshi. Haca haduka ukutumvikana hagati y’Imana n’abantu, hagati y’ishaka ry’Imana ridushikira riciye mw’Ijambo ryayo n’ishaka ry’abantu baronndera kwigenga kandi batikwiye Agateka k’umuntu n’iteka kagirwa no kwumviriza no kugamburuka agatima mpanuzi kiwe, imbere y’ayandi majwi yose, les valeurus fondamentales, imigenzo myiza iri mw’ijambo ry’Imana: ukuri, ubwenge, ugufashanya, ubutungane, umuvukano etc imbere les valeurs instrumenatales imigenzo myiza iva mu vyiyumviro n’ubwenge vy’abantu : ubwenge, ubuhinga, ubumenyi, iterambere, ubutunzi, democratie etc. Bibangikane bitanganye, ivya nyuma vyisunga ivya mbere. Ukubaho ataco umuntu yiteze birica.
– Abantu biga amashule maremare nabo nyene, barashobora gutakaza ikintu mu mutima wabo. Ubu butumwa ndimwo bunyegereza Imana gute? Bumbuza gute kuyegera? Dutange ic’icumi (dime) kw’itunga ry’umwanya dufise. Time is money! Tuwuhebere Imana mu kuyisenga : 2h40 min par jour. Gute, ryari?
– Ni muze tubandanye dukura mu Mana, mu gukomeza urukundo tufitaniye na Yo. Ntidukure turandaranda nk’uruyuzi ahubwo mu gukirurutsa umutima wacu
– Umwe wese arabe ingene adahunze abantu ngo yibere mu bugaragwa, atokwibagira ko bufise akamaro mu bweranda bwiwe.
IGITI GITEGEREZWA KUGWA IYO GIHENGAMUYE?…. NDAGUHAYE
Patiri Jean Bosco HABARUGIRA