Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwaka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 3-7
(N’uduhe amazi yo kunywa)

Muri irya misi,
Abanyisraeli bari bavuye mu Misiri iyo bari bagorewe, bagenda mu ntara Imana yari yabemereye, barongowe na Musa. Bashitse mu nzira, basanga nta mazi yo kunywa ariho, baja mu vyo kwidodombera Musa bamubwira bati : « Mbe wadukuriye iki mu gihugu ca Misiri ? Watuzanye aha ngo utwicishe inyota, twebwe, abana n’ibitungwa vyacu ? »

Musa na we atakambira Umukama ati : « Aba bantu bashaka kunyicisha amabuye, ndabagire nte ? » Umukama yishura Moshe ati : « Genda imbere y’ishengero, uri kumwe n’abashingantahe bakeyi b’Abanyisraeli, witwaze ya nkoni wakubitisha ikiyaga. Nanje nzoba ndi kumwe nawe, kuri kirya gitandara c’ibuye, ku murambi wa Horebi. Urakubita ico gitandara, amazi azoca acuncubuka, abantu baronke ico banywa. »

Musa agira gurtyo nyene, imbere y’abashingantahe b’Israeli. Aho hantu baciye bahita Masa na Meriba, kubera impari z’abana b’Israeli bashaka kugerageza Umukama, bibaza bati : « Ubwo koko Umukama ari kumwe natwe ? »

Izaburi 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9

Icit : Ese uyu musi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama
rivuga riti : “ Ntimukomantaze imitima yanyu”.

Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine !

Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
Natwe tukaba intara arongoye.

«Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaromani (5, 1-2. 5-8)
(Urukundo rw’Imana rwashizwe mu mitima yacu na Mutima Mweranda twahawe)

Ncuti zanje,
None rero, ko ukwemera kwatugize intungane, turafise amahoro ku Mana kubw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni We yaduhaye ukwemera kudushikiriza rya sôko ry’urukundo rudutembamwo ; none turahimbawe kuko twizigiye ubuninahazwa bw’Imana. Na wo uwo mwizero ntudutetereza, kuko Mutima Mweranda twahawe yashize mu mitima yacu urukundo rw’Imana.

Igihe twari ba ntamagara, ubutigu bugeze, ni ho Kristu yapfiriye abanyakabi. Burya umuntu w’intungane, biragora kumupfira ; umuntu w’inda nziza na we, kumbure hari uwokwubahuka kumupfira ! Ariko, icerekana urukundo Imana idukunda, ni uko Kristu yadupfiriye tukiri abanyabicumuro.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

Mukama, mu vy’ukuri uri Umukiza w’isi:
ntabaza se ayo mazi mazima ashikana mu buzima budahera,
simbe nkinyoterwa.

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Krsiti nk’uko yashikirijwe na Yohani  (4, 5-42)

(Mukama, ntabaza ayo mazi, simbe nkinyoterwa)

Igisomwa kigufi tugisanga inyuma y’iki

La-SamaritaineMuri irya misi, Yezu yashitse mu gisagara c’Ubusamariya citwa Sikar, hafi ya wa murima Yakobo yari yahaye umuhungu wiwe Yozefu ; hagasangwa aho hari iriba rya Yakobo. Yezu, aruhishijwe n’inzira yicara iruhande y’iryo riba hari nko kw’isaha ya gatandatu.

Haza umunyasamariyakazi kuvoma. Yezu aramubwira ati : « Mpa se amazi yo kunywa. » Abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ivyokurya.
Wa Munyasamariyakazi amubwira ati : « Mbe wewe ko uri Umuyahudi, bishoboka bite ko unsaba amazi yo kunywa jewe Umunyasamariyakazi ? » (Na kare, Abayahudi n’Abanyasamariya ntibagenderanira). Yezu aramwishura ati : « Iyo uba uzi ingabirano y’Imana, ukamenya n’uwo ari we uwukubariye ati : Mpa se amazi yo kunywa, niwe riho wari kuyamusaba, kandi yari kuguha amazi abeshaho. »

Amubwira ati : « Mukama, ntufise ico uvomesha, iriba na ryo ni rirerire. None ayo mazi abeshaho uyakura he ? Ubaye uwuruta Sogokuru wacu Yakobo yaduhaye iri riba, akaba yararinyoye we n’abana biwe n’amasho yiwe ? »
Yezu aramwishura ati : « Uwunyoye ayo mazi wese azosubira kunyoterwa, ariko uwuzonywa amazi nzomuha ntazosubira kunyoterwa na rimwe : amazi nzomuha azocika isôko ry’amazi yirasira mu buzima budahera. »

Wa mukenyezi aramubwira ati : « Mukama, ntabaza se ayo mazi, simbe nkinyoterwa, kandi sinze ngaruke hano kuvoma. » Yezu aramubwira ati : « Genda wakure umugabo wawe, uce ugaruka ngaha. » Nya mukenyezi aramubwira ati : « Nta mugabo mfise. » Yezu na We ati : « Koko uvuze ukuri aho ugize uti : Nta mugabo mfise ; kuko wigeze abagabo batanu, kandi n’ubu uwo ufise si umugabo wawe ; aho ho niko, uvuze ko ! »
Nya mukenyezi aramubwira ati : « Mukama, ndabona ko uri umuhanuzi ! Ba sokuru bacu bahora basengera kuri uyu musozi, namwe muvuga ngo i Yeruzalemu ni ho babwirizwa gusengera. »

Yezu aramwishura ati : « Ewe wa mukenyezi we, ntega amatwi : igihe kirashitse aho mutazoba mugisengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu. Mwebwe musenga ico mutazi, tweho dusenga ico tuzi, kuko ubukiriro buva ku Bayahudi. Ariko igihe kiraje, mbere kirageze, aho abasenga nya gusenga bazosengera Data mu mutima no mu kuri, kuko abasenga gurtyo ari bo Data ashima.
Imana ni umutima, abasenga rero babwirizwa kumusenga mu mutima no mu kuri. » Nya mukenyezi amubwira ati : « Ndazi ko Mesiya, umwe bita Kristu, ategerezwa kuza. Niyamara kuza, azotubwira vyose. » Yezu amubwira ati : « Ndi we nyene, jewe ndiko ndakuganiriza. »

Muri ico gihe, abigishwa biwe barashika kandi baratangara kuko yaganira n’umukenyezi. Ariko nta n’umwe yavuze ati : « Umushakako iki ? » canke ati : « Ni kuki umuganiriza ? » Nya mukenyezi asiga hano wa mubindi wiwe, ariruka mu gisagara, abwira abantu ati : « Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ntiyoba ari we Kristu ? » Barasohoka bava mu gisagara baza aho Yezu ari.

Ico gihe, abigishwa bari mu vyo kumwinginga, bamubwira bati : « Mwigiwha, fungura ! » We yamara ababwira ati : « Ndi n’imfungurwa mutazi. » Abigishwa babazanya rero bati : « Hari uwoba yamuzaniye ivyokurya ? » Yezu arababarira ati : « Imfungurwa yanje ni ugukora ico uwantumye ashaka, ni ukurangura igikorwa ciwe. Mweho, ntimwivugira muti : Hasigaye amezi ane iyimbura rikaza ? Umve ndababwire : tereze amaso, murabe imirima ukuntu yereye iyimbura. Ubu uwimbura ariko aragererwa : ariko aratsindagira ivyimburwa bimuzanira ubuzima budahera, maze uwabivye n’uwimbuye banezerwe bose hamwe. Erega muri ivyo wa mugani baca ni wo, ngo : Hari uwubiba, hakaba n’uwimbura. Nabarungitse kwimbura ivyo mutakoreye ; abandi barakoze, namwe mwinjira mu murima wabo. »

Benshi mu Banyasamariya b’ico gisagara bari bamwemeye kubera ijambo rya wa mukenyezi yababwiye ati : « Yambwiye ivyo nakoze vyose. » Aho Abanyasamariya bamariye kwiyizira iruhande yiwe, baramwinginga ngo agume iwabo ; araheza ahamara imisi ibiri. Noneho abamwemera baca baragwira kuko biyumviye ijambo ryiwe ; maze, babwira wa mukenyezi bati : « Ubu ho ivyo watubwiye si vyo bitumye twemera ; natwe ubwacu twamwiyumviye, none twamenye ko mu vy’ukuri ari We Mukiza w’isi. »

Igisomwa kigufi :

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Krsiti nk’uko yashikirijwe na Yohani
4, 5-15. 19b-26. 39b. 40-42

Muri irya misi,
Yezu yashitse mu gisagara c’Ubusamariya citwa Sikar, hafi ya wa murima Yakobo yari yahaye umuhungu wiwe Yozefu ; hagasangwa aho hari iriba rya Yakobo. Yezu, aruhishijwe n’inzira yicara iruhande y’iryo riba hari nko kw’isaha ya gatandatu.

Haza umunyasamariyakazi kuvoma. Yezu aramubwira ati : « Mpa se amazi yo kunywa. » Abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura ivyokurya.
Wa Munyasamariyakazi amubwira ati : « Mbe wewe ko uri Umuyahudi, bishoboka bite ko unsaba amazi yo kunywa jewe Umunyasamariyakazi ? » (Na kare, Abayahudi n’Abanyasamariya ntibagenderanira). Yezu aramwishura ati : « Iyo uba uzi ingabirano y’Imana, ukamenya n’uwo ari we uwukubariye ati : Mpa se amazi yo kunywa, niwe riho wari kuyamusaba, kandi yari kuguha amazi abeshaho. »

Amubwira ati : « Mukama, ntufise ico uvomesha, iriba na ryo ni rirerire. None ayo mazi abeshaho uyakura he ? Ubaye uwuruta Sogokuru wacu Yakobo yaduhaye iri riba, akaba yararinyoye we n’abana biwe n’amasho yiwe ? »
Yezu aramwishura ati : « Uwunyoye ayo mazi wese azosubira kunyoterwa, ariko uwuzonywa amazi nzomuha ntazosubira kunyoterwa na rimwe : amazi nzomuha azocika isôko ry’amazi yirasira mu buzima budahera. »

Wa mukenyezi aramubwira ati : « Mukama, ntabaza se ayo mazi, simbe nkinyoterwa, kandi sinze ngaruke hano kuvoma. »
Yongera ati : « Mukama, ndabona ko uri umuhanuzi ! Ba sokuruza bacu bahora basengera kuri uyu musozi, namwe muvuga ngo i Yeruzalemu ni ho babwirizwa gusengera. » Yezu amwishura ati : « Wa mukenyezi we, ntega amatwi : igihe kirashitse aho mutazoba mugisengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu. Mwebwe musenga ico mutazi, tweho dusenga ico tuzi, kuko ubukiriro buva ku Bayahudi. Ariko igihe kiraje, mbere kirageze, aho abasenga nya gusenga bazosengera Data mu mutima no mu kuri, kuko abasenga gurtyo ari bo Data ashima. Imana ni umutima ; abamusenga rero babwirizwa kumusenga mu mutima no mu kuri. »

Nya mukenyezi amubwira ati : « Ndazi ko Mesiya, umwe bita Kristu, ategerezwa kuza. Niyamara kuza, azotubwira vyose. » Yezu amubwira ati : « Ndi we nyene, jewe ndiko ndakuganiriza. »

Benshi mu Banyasamariya b’ico gisagara baciye bamwemera. Aho Abanyasamariya bamariye kwiyizira iruhande yiwe, baramwinginga ngo agume iwabo ; araheza ahamara imisi ibiri. Noneho, abamwemera baca baragwira kuko biyumviye ijambo ryiwe ; maze, babwira wa mukenyezi bati : « Ubuho ivyo watubwiye si vyo bitumye twemera ; ubwacu twamwiyumviye, none twamenye ko mu vy’ukuri ari we Mukiza w’isi. »


Un commentaire

  1. […] Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 3 yo mu Karema vyagenewe umwaka A. […]

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :