Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Ku wa 19 Ntwarante: Yozefu Mweranda, Umukunzi wa Bikira Mariya.

Ku wa 19 Ntwarante: Yozefu Mweranda, Umukunzi wa Bikira Mariya.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli  (7, 4-5a. 12-14a. 16)

Umukama Imana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi

Muri iryo joro nyene, ijambo ry’Umukama rishikirizwa Natani, riti : « Genda ubwire umusavyi wanje Dawudi uti : Niwamara kumara urw’abagabo, ukaja gusanga ba sogokuru bawe bahise, nzobungabunga akaryango k’uruvyaro rwawe, nongere nkomeze ingoma yarwo. Uwuzoba yamuka kuri wewe, ni we azokwubakira izina ryanje ingoro, nanje ndamukomereze imisi yose intebe y’ubwami bwiwe. Nzomubera se, na we ambere ikibondo. Umuryango wawe n’ubwami bwawe bizoramba mu maso yanje na ntaryo ; intebe yawe izohangama gushika no ku nyoni y’ici. »

Izaburi 88 (89), 2-3. 4-5. 27. 29

Icit : Umuryango wiwe uzokwamaho imyaka yose.

Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava ;
mw’ijuru niho washinze ingingo yawe izira guhemuka. »

« Twagize ubumwe twe n’uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawudi nti :
Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho. »

« Azomapamagara ati : Wewe uri Dawe,
Mana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza !
Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Paulo yandikiye Abanyaroma (4, 13. 16-18. 22)

Yaremeye mu kwizigira ico umuntu atokwizigiye

Ncuti zanje,
Igituma Ibrahimu canke akabuto kiwe yasezeraniwe ko azoragwa isi, si Ibwirizwa, ariko ni ubutunane buva ku kwemera. Nico gituma iryo ragi riva ku kwemera ngo ribe ingabirano gusa, kugira ngo uwo muhango ugume ku kabuto ka Ibrahimu hose, si ku bishimira ibwirizwa gusa, ariko ni ku bishimira ukwemera nyene, kuko Ibrahimu ari we sokuru wa twese, – nk’uko vyanditswe ngo : « Ndakugize se w’ibihugu vyinshi, » – sokuru wacu mu maso y’Imana, kubera ko yemeye ko Imana iha ubuzima abapfuye kandi igahamagara ibitariho ngo bibeho.
Mu kwizigira ico umuntu atokwizigiye, yaremeye ; ni co camugize se w’ibihugu vyinshi, nk’uko vyavuzwe ngo : « Ni akabuto kamuka ku ruvyaro rwa se ». Ni co gituma yashimwe ko ari intungane.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Hahiriwe abibera mu ngoro yawe, Mukama : bazogushimagiza imyaka n’imyaka.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo  (1, 16. 18-21. 24a)

Yozefu akora ico umumarayika w’Umukama yamutegetse

Saint JosephYakobo yavyaye Yozefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yezu yitwa Kristu.
Ng’ivyo ivy’ivyuka rya Yezu Kristu uko vyagenze. Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu, ariko imbere y’uko babana, yari yasamye inda kubwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu yari umntu w’ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza, niko kwigira inama y’ukumuhebera mu mpisho.

Amaze kuvyiyumvira, intumwa y’Umukama iramubonekera ari mu ndoto, imubwira iti : « Yozefu, mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umugore wawe : iyo mbanyi afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azokwibaruka umwana w’umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ari we azokiza ibicumuro igihugu ciwe. »
Yikanguye, Yozefu akora ico umumarayika w’Umukama yari yamutegetse.

CANKE

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 2, 41-51a

Urabona aho twahereye tukurondera twe na so, turi mu maganya !

Uko umwaka utashe, abavyeyi ba Yezu bahora baja i Yeruzalemu ku minsi mikuru ya Pasika. Aho Yezu amariye imyaka cumi n’ibiri, adugana n’abavyeyi biwe i Yeruzalemu nk’uko bama babigira ku minsi mikuru ya Pasika. Iminsi ya Pasika imaze guhera, barataha ; umwana Yezu asigara i Yeruzalemu, na bo abavyeyi biwe batabizi. Bagira urugendo rw’umusi wose bakeka ko ari kumwe n’abo bazananye, baraheza bamuronderera mu ncuti no mu bo bazinanye. Ngo bamubure, basubira i Yeruzalemu kumurondererayo.

Bamaze gatatu, bamusanga mu gisengero yicaye mu bigisha hagati, abumviriza yongera ababaza. Abamwumva bose bagatangazwa n’ubwenge bwiwe n’ivyo yabishura. Ngo bamurengukeko, barajumararirwa. Nyina wiwe amubwira ati : « Mbega mwananje, watugize ibiki ? Urabona aho twǎhereye tukurondera twe na so, turi mu maganya ! » Na we abishura ati : « Mwandonderera iki ? Ntimwari muzi ko mbwirizwa kwama mu bikorwa vya Data ? » Mugabo bo ntibategera iryo ababwiye.
Baraheza baramanukana basubira i Nazareti, akama abagamburukira.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :