IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu ca mbere ca Samuweli (16, 1b. 6-7. 10-13a)
Dawidi asigwa amavuta ngo abe umwami w’Abanyisraeli
Muri irya misi, Umukama yabwiye Samuweli ati : « Niwuzuze agakerenke kawe amavuta, uheze uve hasi ugende, ndakurungitse kwa Yese w’i Betelehemu : mu bahungu biwe ni ho natoye umwami. »
Babaye bagishika, Samuweli akubita ijisho Eliyabi, umwe mu bahungu ba Yese, aca yibwira ati : « Nta gukeka, uyo ni we Umukama yatoye ! » Ariko Umukama aca abwira Samuweli ati : « Ntumushime igihagararo canke uburebure, uwo si we natoye. Ivyiyumviro vy’Imana ntibisa n’ivy’abantu : abantu baraba ibiboneka, na Yo Imana ikaraba umutima. »
Hanyuma Yese acisha imbere ya Samuweli abahungu biwe indwi, ariko na we aza aramuhakanira ati : « Nta n’umwe Umukama yatoye muri abo. » Niko kubaza Yese ati : « Ubwo, abahungu ufise ni abo gusa ? » Na we amwishura ati : « Haracasigaye murumunawabo ari kuragira. » Samuweli abwira Yese ati : « Rungika uwuja kumuzana, kuko tudakora ku munwa adashitse ngaha. » Yese rero arungika uwugenda kumuzana.
Uwo muhungu yari afise imishatsi y’inkugutu kandi aciye mu jisho, eka yaboneka ko abangutse. Umukama rero ati : « Ni uwo, musige amavuta. » Samuweli afata nya gakerenke karimwo amavuta, aramusīga akikijwe na bakurube. Umutima w’Umukama uca umwururukirako kuva uwo musi.
Izaburi 22 (23), 1-3a. 3b-4. 5. 6
Icit : Umukama ni We mwungere wanje, ntaco nokena
Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ;ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.
Ni We anyoborera inzira nziza
Kubw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya
N’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.
Untegurira ameza
Mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.
Eka mbere mu buzima bwanje
Namana impore n’ubuhirwe ;
Inzu yanje ni ingoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi : 8, 8-14
Ikangure, uve mu rupfu, niho Kristu azokumurikira
Ncuti zanje,
Kera mwari umuzimagiza, none ubu muri umuco mu Mukama ; nimwigenze nk’abana b’umuco. Umuco wama userura Ubuntu, ubutungane n’ukuri. Hitamwo ikinezereza Umukama ; birateye isoni no kubivuga, ariko ivyo vyose bimaze kwagirizwa, umuco urabigaragaza ; ibigaragaye vyose ni umuco. Nico gituma bavuga bati : « Ikangure wewe usinziriye, va i kuzimu uje i buntu, niho Kristu azokumurikira. »
INKURU NZIZA
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi umuco w’isi ; uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima. »
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (9, 1-41)
Aragenda, ariyuhagira, agaruka abona neza
Igisomwa kigufi tugisanga inyuma y’iki
Muri irya misi, Yezu yariko aragendagenda, abona umuntu yavutse ari impumyi. Abigishwa baramubaza bati : « Mwigisha, ko yavutse ari impumyi, ni we yacumuye cabure ni abavyeyi biwe ? »
Yezu arabasubiza ati : « Si uyo, si n’abavyeyi biwe, ntawacumuye ; ni ukugira ngo muri we ibikorwa vy’Imana vyibonekeze. Igihe izuba ricaka, dutegerezwa gukora vy’Uwantumye ; ijoro rije, aho nta n’umwe ashobora gukora. Igihe nkiri kw’isi, ndi umuco w’isi. » Yezu ahejeje kuvuga ivyo, acira hasi, abumba akondo n’amate yiwe, agasiga ku maso ya nya mpumyi, hanyuma ati : « Genda wiyuhagire mw’iriba rya Siloe. » (Ni ukuvuga ngo : Intumwa). Aragenda, ariyyuhagira, agaruka abona neza.
Ababanyi n’abandi bahora bamubona asega bavuga bati : « Uwo si umwe yahora asega ? » Bamwe bati : « Ni we. » Abandi na bo bati : « Haba namba, ni uwusa na we. » We yamara ati : « Ni jewe nyene. »
Bamubaza rero bati : « Amaso yawe yahumutse ate ? » Abishura ati : « Wa muntu bita Yezu yatoye akondo, akansiga ku maso ambwira ati : Genda muri Siloe wiyuhagire. Naciye ngenda, ndiyuhagira, none ndabona. » Bati : « Ari hehe ? » Abishura ati : « Sindabizi. » +Hanyuma uwo yigeze uruhumyi bamujana ku Bafarizayo. Ugasangwa uwo musi Yezu yari yatoye akondo agahumura nya mpumyi, wari umusi w’Isabato. Abafarizayo na bo baramunaza ingene yakize uruhumyi. Abishura ati : « Yanshize akondo ku maso, ndiyuhagira, none ndabona. »
Abafarizayo bamwe bavuga bati : « Uyo muntu si uw’Imana kuko atubaha Isabato. » Abandi na bo bati : « Umunyakabi yokora ate ibimenyetso nk’ivyo ? » Niko guhazana. Basubira rero kubaza uyo yahora ari impumyi bati : « Weho iryawe ku waguhumuye ni irihe ? » Ati : « Ni umuhanuzi. »
Yamara Abayahudi ntibemera ivy’uyo muntu, ko yari yarabaye impumyi hanyuma agahumuka, batabanje guhamagara abavyeyi biwe. Baraheza barababaza bati : « Uyo ni umuhungu wanyu muvuga ngo yavutse ari impumyi ? None vyagenze gute ngo abone ubu ? » Abavyeyi biwe barabishura bati : « Turazi ko uyu ari umwana wacu kandi ko yavutse ari impumyi ; ariko ingene abona ubu, ntitubizi, vyongeye n’uwamuhumuye, ntitumuzi. Mwibarize, si muto, niyivugire. » Abavyeyi bavuga gurtyo kuko batinya Abayahudi. Abo Bayahudi bari bagiye inama ngo nihagira uwemera ko Yezu ari Kristu, bace bamuca mw’isinagoga. Nico gituma abavyeyi biwe bavuga bati : « Si muto, nimumwibarize ! »
Barasubira rero guhamagara wa muntu yari yigeze uruhumyi, bamubwira bati : « Ninahaza Imana ! Twe turazi ko uyo muntu ari umunyakabi. » Na we abishura ati : « Niyaba ari umunyakabi sindabizi ; ico nzi ni kimwe : nari impumyi, none ubu ndabona. » Bamubwira rero bati : « Yakugize ate, yaguhumuye ate ? » Arabishura rero ati : « Namaze kubibabwira ntimwanyumviriza. Ni kuki mushaka gusubira kuvyumva ? Mwakabaye mushaka namwe kuba abigishwa biwe ? »
Baca baramuvumagura bati : « Niwe mwigishwa w’uyo muntu, twe turi abigishwa ba Moshe. Twe turazi ko Moshe ari we yashikirijwe Ijambo ry’Imana, na we uwo ntituzi n’iyo ava. »
Nya muntu arabishura ati : « Ico nico gitangaza : ni uko mutazi iyo ava kandi yampumuye. Turazi ko Imana itumvira abononyi ; uwuyubashe akongera akagira ico ishaka, ni we yumvira. Nta na rimwe twari bwigere twumva umuntu yahumuye uwavutse ari impumyi. Iyo uwo muntu ataba ari uw’Imana, ntaco yari gushobora kugira. »
Baramwishura bati : « Wavukiye mu kabi, none ushaka kutwigisha ? » Baraheza bamuta hanze. Hanyuma, Yezu yumva ko bamwirukanye. Ngo baze guhura, amubaza ati : « Uremera Umwana w’umuntu ? » Na we amwishura ati : « Ni nde ga Mukama, ngo ndamwemere ? » Yezu amubwira ati : « Wamubonye, mbere ni uwo muriko murayaga. » Na we ati : « Ndemeye, Mukama ! » Aca yikubita hasi, aramusenga. Yezu na we ati : « Kuri iyi si nahazanywe n’urubanza ngo abatabona babone, bene amaso na bo bahume.» Abafarizayo bari kumwe ngo bavyumve, bamubwira bati : « Mbega, natwe turi impumyi ? » Yezu arababwira ati : « Iyo muba mwari impumyi, nta gicumuro mwobajijwe. Noneho ko muvuga muti : Turabona, igicumuro canyu murumanye. »
Igisomwa kigufi
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani
9, 1. 6-9. 13-17. 34-38
Muri irya misi, Yezu yariko aragendagenda, abona umuntu yavutse ari impumyi ; araheza acira hasi, abumba akondo n’amate yiwe, agasīga ku maso ya nya mpumyi, hanyuma ati : « Genda wiyuhagire mw’iriba rya Siloe. » (Ni ukuvuga ngo : Intumwa). Aragenda, ariyuhagira, agaruka abona neza. Ababanyi n’abandi bahora bamubona asega bavuga bati : « Uwo si umwe yahora asega ? » Bamwe bati : « Ni we. » Abandi na bo bati : « Haba namba, ni uwusa na we. » We yamara ati : « Ni jewe nyene. »
Hanyuma uwo yigeze uruhumyi bamujana ku Bafarizayo. Ugasangwa uwo musi Yezu yari yatoye akondo agahumura nya mpumyi, wari umusi w’isabato. Abafarizayo na bo baramubaza ingene yakize uruhumyi. Abishura ati : « Yanshize akondo ku maso, ndiyuhagira, none ndabona. »
Abafarizayo bamwe bavuga bati : « Uyo muntu si uw’Imana kuko atubaha isabato. » Abandi na bo bati : « Umunyakabi yokora ate ibimenyetso nk’ivyo ? » Niko guhazana. Basubira rero kubaza uyu yahora ari impumyi bati : « Weho iryawe ku waguhumuye ni irihe ? » Ati : « Ni umuhanuzi. » Baramwishura bati : « Wavukiye mu kabi, none ushaka kutwigisha ? » Baraheza bamuta hanze.
Hanyuma Yezu yumva ko bamwirukanye. Ngo baze guhura, amubaza ati : « Uremera Umwana w’umuntu ? » Na we amwishura ati : « Ni nde ga Mukama, ngo ndamwemere ? » Yezu amubwira ati : « Wamubonye, mbere bi uwo muriko murayaga. » Na we ati : « Ndemeye, Mukama ! » Aca yikubita hasi, aramusenga.
[…] Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 4 yo mu Karema vyagenewe umwaka A. […]
J’aimeJ’aime