Mu myaka imwe imwe, birashika uyo musi mukuru ugahurirana n’imisi yo mu ndwi nyeranda. Iyo bigenze gurtyo, baca bawungururiza ku musi wa mbere w’indwi ya kabiri ya Pasika.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14 ; 8, 10c
(Umwigeme azokwibungenga)
Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. » kuko Imana iri kumwe natwe.
Izaburi 39 (40), 7-8a. 8b-9. 10. 11
Icit : Ndi hano, ndaje, Mukama,
ndaje gukora ivyo ushaka.
Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »
Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.
Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.
Sinanyégeje ubutungane bwawe
Mu mutima wanje,
ukuri kwawe n’urukiza rwawe
narabitangaje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 10, 4-10
(Ndarengutse ngo nkore ivyo ushaka)
Ncuti zanje,
Mu vy’ukuri, amaraso y’impfizi n’amasuguru ntashobora gukura ibicumuro. Nico gituma mu gushika kw’isi, Kristu yavuze ati : « Inkuka n’amashikanwa ntiwabishatse, ariko wanteguriye umubiri. Imbagwa n’incungu zo kwishura ibicumuro ntiwazishimye ; niho navuga nti : Ndarengutse, Mana yanje, ngo nkore ivyo ushaka, kuko ivyanditswe mu bitabu birora kuri jewe. »
Kristu yatanguriye kuri iri jambo : ‘Inkuka n’amashikanwa n’imbagwa n’incungo zo kwishura ibicumuro ntiwabishatse kandi ntiwabishimye, kandi babihereza nk’uko vyategetswe.’ Yaciye asubizayo ati : ‘Ndarengutse ngo nkore ico ushaka.’ Kukaba nkako, Kristu yakûye ivya kera ngo ashinge bishasha. Ukwo gushaka kw’Imana ni kwo kwatumye dutagatifuzwa n’Umubiri wa Yezu Kristu watanzwe rimwe rizima.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Mwaramutse, Mariya, wuzuye inema, Umukama muri kumwe ;
urahezagiwe mu bandi bagore bose.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka : 1, 26-38
(Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe)
Iburwa ry’Umukama ( Nicolas Poussin Londres, National Gallery © The National Gallery London)
Umunsi umwe,
Umumalayika Gabrieli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawidi ; nya mwigeme na we yitwa Mariya. Nya mumalayika arinjira amubwira ati : « Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe. » Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko. Nya mumalayika yamara aramubwira ati : « Humura, Mariya, warashimwe n’Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w’Uwo mw’ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi ; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n’inganji yiwe ntizohera. »
Mariya na we abaza nya mumalayika ati : « Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo ? » Umumalayika aramwishura ati : « Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw’uwo mw’ijuru bugutwikire. Nico gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana. Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n’aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana. »
Mariya ati : « Jewe ndi umusavyi w’Umukama ; nibimbere uko ubivuze. » Nya mumalayika aca arigira.