Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 5 yo mu Karema. Umwaka A

Idominika ya 5 yo mu Karema. Umwaka A

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli
(37, 12-14)

Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima

Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana : Ngiye gufurura imva zanyu, ndabakureyo, ndabasubize mu gihugu canyu c’Israyeli. Muzoheza mumenye ko ari je Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize mu gihugu canyu. Niho muzomenya ko ari je Mukama : narabivuze kandi nzobirangura. Ng’iryo iryo Umukama avumereye.

IZABURI 129 (130), 1-2, 3-4b, 4c-6, 7-8

Icit : Urukiza ruva ku Mukama
Benshi bakaba ariho bakirira rwose.

Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira :
n’untege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.

Mbega, Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka ?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
ni co gituma bakwubaha kandi bakwizera.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe, ni ryo nizeye ;
umutima wanje uriteze Umukama,
gusumvya abateramyi biteze umutwenzi.

Israyeli na yo niyitege Umukama,
kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ari ho bakirira rwose ;
ni We azobohora Israyeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 8-11)

Umutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye ubagerereyemwo

Ncuti zanje,
Abaguma bagenzwa n’umubiri ntibashobora kunezereza Imana. Mweho rero, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo. Umuntu atagira umutima wa Kristu, si uw’Imana. Ariko, Kristu niyaba ari muri mwebwe, n’aho umubiri ukwiye gupfa kubera igicumuro, umutima wo ni muzima kubera ubutungane. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye niyaba yabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ;
uwunyemeye ntazokwigera apfa. »
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

 Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (11, 1-45)

 Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki

Jewe ndi izuka n’ubuzima

Résurrection de LazareMuri irya misi,
Hari umurwayi yitwa Lazaro, w’i Betaniya, ku mutumba wabako Mariya na Marita mwenewabo. (Uwo Mariya, ni umwe yasiga Umukama amavuta amoga, akongera agahanaguza imishatsi ibirenge vyiwe. Uyo Lazaro yari arwaye, ni musazawe). Bashiki ba Lazaro batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu asubizayo ati : « Iyo ndwara si urujanyi ni uburyo bwo kuninahaza Imana, izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. » Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi dusubire mu Buyuda. »

Abigishwa biwe baramwishura bati : « Mukama, ejo bundi, Abayuda bashatse kukwicisha amabuye, none usubireyo ! » Yezu arababwira ati : « Ntihari amasaha cumi n’abiri ku musi ? Uwugendagenda ku mutaga ntatsitara, kuko abona umuco wo kw’isi ; ariko uwugenda mw’ijoro, aratsitara kuko ata muco abona. » Avuze atyo, arungikanya ati : « Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye ; ngirango ngende kumukangura. » Abigishwa biwe bati : « Mukama, niyaba asinziriye, azokira. » Yezu we yavuga urupfu, bo yamara bakagira ngo ni akaruhuko k’itiro risanzwe. Yezu noneho arabafoborera ati : « Lazaro yapfuye, kandi ndanezerewe ku bwanyu ko atari ho nari ndi, kugira ngo mushobore kwemera. Hogi rero tuje kumuraba. » Toma, umwe bita Didimo, ngo avyumve, abwira abandi bigishwa ati : « Hogi tujane, tuje kumgwa inyuma ! »
Yezu ngo ashike i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Betaniya yari hafi ya Yeruzalemu, hari nk’isitadi cumi na zitanu. Abayuda benshi bari baje kugandara kwa Marita na Mariya ngo babahoze kubera urupfu rwa musaza wabo.

Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha. » Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ; uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho ku bwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. »

Avuze ivyo, aca agenda guhamagara mwanewabo Mariya, amwongorera ati : « Umwigisha yaje, araguhamagaye. » Ngo avyumve, Mariya arahaguruka ningoga, aratebuka kumusanganira. Yezu ntiyari bwashike mu gisagara, yari akiri aho bahwaniye na Marita. Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamuhoza, bamubonye ahagurutse ningoga, agasohoka, baciye bamukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva.

Mariya, ngo ashike aho Yezu ari, amubonye, yikubita hasi ku nyundo ziwe, ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa ! » Yezu abonye Mariya ariragurika, n’Abayuda bamuherekeje biyuha iryosozi, na we bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira.

Abayuda rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » Bamwe muri bo yamara bati : « Uwahumuya uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! » Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? »

Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ari we wantumye. » Avuze atyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu yakoze, baramwemera.

Igisomwa kigufi :

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (11, 3-7. 17. 20-27. 33b-45)

Muri irya misi,
Marita na Mariya, ari bo bashiki ba Lazaro, batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu ati : « Iyo ndwara si urujanyi, ni uburyo bwo kuninahaza Imana ; izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. » Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi, dusubire mu Buyuda. »

Yezu ngo ashike, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha.» Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima : uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho ku bwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego, Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. »

Na we Yezu bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayuda rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » Bamwe muri bo yamara bati : « Uwahumuye uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! » Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ari we wantumye. » Avuze atyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! »

Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baramwemera.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :