UKWINJIRA KW’UMUKAMA I YERUZALEMU
INKURU NZIZA
Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (21,1-11)
Imisi mikeyi imbere y’uko umusi mukuru wa Pasika ushika, Yezu n’abigishwa biwe begera Yeruzalemu, bagenda berekeza i Betifage, amarora ku Gasozi k’Imizeti, Yezu araheza arungika abigishwa babiri, ababwira ati: «Nimugende mu mihana imbere yanyu, muca muhasanga indogobwe iziritse hamwe n’umwana wayo. Muziziture, muheze muzinzanire. Nihagira ico bababwira, mubasubize muti: “Umukama ni we azishaka, aca azibarungikira adatevye”.»
Biba gutyo nyene, ngo ivyavuzwe n’umuhanuzi biseruke ngo: «Barira Abanyayeruzalemu uti: “Ng’uwu umwami wanyu aje iwanyu, arangwa n’ubutekereji, yicaye ku ndogobwe no ku mukurira w’igitwazi”.»
Abigishwa baragenda rero, bagira ico Yezu yababwirije. Bazana ya ndogobwe n’umwana wayo, bayirenzako ibikwemu vyabo Yezu na we ayicarako.
Hanyuma abantu benshi barashikuka, basasa impuzu mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayakwiragiza mu nzira. Ishengero ryari imbere n’inyuma yiwe ryaza rirasemerera rivuga riti:
«Hozana mwana wa Dawudi!
Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama!
Hozana no mw’ijuru ry’intashikirwa!»
Yinjiye i Yeruzalemu, igisagara cose kirumirwa, bavuga bati: «Mbega, uwu ni nde?»
Ishengero rigasubiza riti: «Ni Yezu, Umuhanuzi ava i Nazareti, mu Bugalile.»
IMISA Y’UKUBABARA KW’UMUKAMA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (50, 4-7)
Abancira amate mu maso sinayabahishije, ariko ndazi ko ntazoteterwa
Umukama Imana yanje yarampaye ururimi rw’umwigishwa, kugira ngo nshobore kuremesha uwaruhijwe. Uko bukeye ni ko ankebura, kugira ngo ndamutege ugutwi nk’uwigishwa.
Umukama yarazibuye amatwi yanje, nanje sinamwankiye, sinamuzibukiriye. Narateze ibitugu abankubita, abanshikura ubwanwa ndabatega imisaya, abankubita be n’abancira amate sinabahishije amaso.
Umukama Imana yanje arantabara, ni co gituma ivyo bitutsi ataco bingira; ni co gituma mu maso nahakomeje hakadadarara nk’ibuye, ndazi ko ntazoteterwa.
IZABURI 21 (22) 8-9, 17-18a, 19-20, 23-24
Icit.: Mana yanje, Mana yanje,
wampebeshejwe n’iki?
Abambona bose barantwenga,
barampfunira, bakazunguza umutwe,
bati: «Hamwe yizera Imana, n’imukize!
ugasangwa ari yo mugenzi afise, nimurekure!»
Ibipfizi indiri birankikiza,
ibinyamaswa amahanga vyo mw’ishamba bikanca iruhande;
vyamboshe amaguru n’amaboko:
noshobora n’uguharura amagufa yanje yose.
Baragabangana ivyambarwa vyanje,
bagapfindanira ku mutamana wanje.
Ariko Weho, Mukama, ntunje kure,
Wewe nzeyeko amagara, tebuka untabare.
Nzoheza nirahire izina ryawe mu muvukano,
nkuyage hagati y’ishengero.
Mwebwe mwubaha Imana, nimuyihaye,
muyishemeze mwese uko mungana!
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (2, 6-11)
Yarigize ubusa, ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose
Umukama Yezu,
n’aho yamanye akamere k’Imana,
ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana;
ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
mu kwigira umuntu asa n’abandi;
yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
aragamburuka gushika yemere urupfu
kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
ngo Imana Se ininahazwe.
INKURU NZIZA
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi
gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira Izina rirengeye amazina yose.
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Mu kubabara kw’Umukama kwashikirijwe na Matayo, barashobora kubisoma ari batatu: Umusomyi (S), Abantu (Ab) na Yezu (Y), Umusomyi agasoma inyigano, Abantu bagasoma amajambo yavuzwe n’abantu nyene, Umusaserdoti canke (Y) agasoma amajambo yavuzwe n’Umukama.
Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Matayo (26, 14-27, 66)
Igisomwa kigufi (27,11-54)
Yuda agurisha Yezu
S: Umwe muri bamwe cumi na babiri yitwa Yuda Isikariyoti
aja ku baherezankuka bakuru, ababarira ati :
Ab: «Mugomba kumpa iki kugira ngo ndamubahe?»
S: Bamuharurira amafeza mirongo itatu.
Kuva ubwo, yama ahiga uburyo bwo kumubaha.
Abigishwa bategura Pasika
S: Ku musi wa mbere wa Azima,
abigishwa begera Yezu bati:
Ab: «Ugomba ngo dutegurire Pasika hehe?»
S: Yezu arabishura ati:
Y: «Nimugende mu gisagara kwa ntuze,
mumubarire muti: “Umukama atumyeko ngo:
‘Umusi wanje washitse,
ngomba kurira Pasika iwawe
hamwe n’abigishwa banje’”.»
S: Abigishwa bagira nk’uko Yezu yabategereje,
bategura Pasika.
Yezu ababarira yuko umwe muri bo azomugurisha
Ngo buze kugoroba, aja gufungura,
be n’abigishwa biwe uko bari cumi na babiri.
Bariko barafungura, arababarira ati:
Y: «Ni ivy’ukuri ndababariye,
umwe wo muri mwebwe aza kungurisha.»
S: Biraheza bibatera umwikomo mwinshi,
batangura kumubaza umwe umwe ngo:
Ab: «Mbega, Mukama, ni jewe?»
S: Na we arabishura ati:
Y: «Uwo twasangiye ku nkoko imwe, ni we aza kungurisha.
Umwana w’umuntu we arigiriye,
nk’uko vyanditswe kuri we;
yamara aragowe uwo muntu
aza kugurisha Umwana w’umuntu!
Iyo apfuma areka kuvuka,
niho vyari kumubera vyo!»
S: Yuda nyen’ukumugurisha aramubaza ati:
Ab: «Mbega, Muhanyi, ni jewe?»
S: Aramwishura ati:
Y: «Urabvuze.»
Yezu agira Ukaristiya
S: Bariko barafungura, Yezu afata umukate,
arawuhezagira yongera arawumanyura,
awuhereza abigishwa biwe, ati:
Y: «Nimwakire murye:
iki ni umubiri wanje.»
S: Afashe ikalisi, arakenguruka, arabaha ati:
Y: «Nimunywe mwese:
iki ni amaraso yanje,
amaraso y’Isezerano rishasha,
aza guseseka kugira ngo benshi bakire ibicumuro.
Ariko ndababariye,
singisubira kunywa iki kinyobwa c’umuzabibu,
gushika umusi nzosubira kukinywa hamwe namwe
mu Bwami bwa Data.»
Yezu abwira Petero yuko aza kumwihakana
S: Bamaze gukenguruka, bagenda ku Gasozi k’Imizeti.
Araheza Yezu arababarira ati:
Y: «Muri iri joro nyene,
mwese muza gutsitara kubera izina ryanje,
kuko handitswe ngo:
“Nzokubita umwungere, ubushio busanzare.”
Yamara maze kuzuka, nzobatanga i Bugalile.»
S: Petero aramwishura ati:
Ab: «N’aho bose boguheba, jeho nzokugwa inyuma.»
S: Yezu aramubarira ati:
Y: « Ni ukuri,
muri iri joro nyene, inkoko itarabika,
uzoba umaze kunyihakana gatatu.»
S: Petero ati:
Ab: «N’aho bonyica hamwe nawe, sinoguhakana.»
S: N’abigishwa bose bavuga batyo.
Yezu asengana amaganya menshi i Getsemani
S: Yezu ajanye n’abigishwa biwe
mw’itongo ryitwa Getsemani,
araheza ababarira ati:
Y: «Nimwicare hano,
nigire harya imbere gusenga.»
S: Ajana Petero na bene Zebede babiri,
araheza atangura kuganya n’ugutinya, ati:
Y: «Numva ndi n’amaganya menshi
nk’uwugira apfe.
Nimugume ngaha duteramane.»
S: Yigiye imbere, yubika amaso hasi asenga ati:
Y: «Dawe,
nivyaba bishoboka, nkurako aya magorwa;
yamara ntibibe nk’uko nshaka,
nibibe nk’uko wewe ubishaka.»
S: Agarutse aho abigishwa bari basigaye,
asanga barasinziriye.
Abwira Petero ati:
Y: «Ntushobora kumara n’isaha n’imwe
uteramye hamwe nanje!
Nimube maso kandi musabe,
mwoye gutsindwa n’inyosha mbi:
kuko umutima ufise ingoga,
mugabo umubiri wo ni ntamagara.»
S: Araheza asubira gusenga ubwa kabiri, avuga ati:
Y: «Dawe,
aya magorwa niyaba atari bumveko ntabashije kuyarinda,
ni bibe nk’uko ubishaka.»
S: Ngo agaruke iyo bari, yongera gusanga basinziriye,
amaso yabo yari yaremerewe n’itiro.
Arabareka, asubira gusenga ubwa gatatu
nka kwa kundi nyene.
Hanyuma agarutse agarutse kandi iyo abigishwa biwe bari,
ababwira ati:
Y: «Ubu nimwisinzirire muruhuke;
isaha y’uko Umwana w’umuntu
atabwa mu minwe y’abayobe iriko irashika.
Nimuve hasi tugende,
uwuza kungurisha ng’uyo araje, ntakiri kure.
Yezu afatwa
S: Akiriko aravuga ayo majambo,
Yuda umwe wo muri bamwe cumi na babiri arashika,
ari kumwe n’abandi benshi bazanye inkota n’amahiri,
barungitswe n’abaherezankuka bakuru
be n’abashingantahe b’igihugu.
Nyen’ukumugurisha yari yabagenkereje ati:
Ab: «Uwo nza kuramutsa azoba ari we,
muraca mumufata.»
S: Buno nyene, Yuda yegera Yezu ati:
Ab: «Mwaramutse, ga Muhanyi!»
S: Aramusoma.
Yezu amwishura ati:
Y: «Mugenzi, uzanywe n’iki?»
S: Abandi baca begera Yezu, bamuta mu minwe.
Muri ico gihe, umwe wo mu bari kumwe na Yezu
asokorora inkota,
agetura ugutwi kw’umusuku w’umuherezankuka mukuru.
Yezu aca aramubarira ati:
Y: « Subiza inkota yawe mu rwubati,
kuko abishinga inkota bazokwicwa n’inkota nyene.
Ntuzi ko nari gushobora gusaba Data
akandungikira ubwo nyene Abamarayika
ibihumbi n’ibihumbi b’ukuntabara?
None, ivyanditswe vyoheza bikaranguka bite?»
S: Hanyuma araba ba bantu ati:
Y: « Muje nk’abahiga igisuma,
muzanye inkota n’amahiri ngo mumfate!
Ariko mbona ntasiba kwigishiriza mu gisengero,
yamara ntimwamfashe.»
S: Ivyo vyose vyabaye ngo ivyavuzwe n’abahanuzi bitahe.
Hanyuma abigishwa baramuta bose barahunga.
Urubanza kwa Kayifa
Bano rero bari bafashe Yezu,
baca bamujana kwa Kayifa, umuherezankuka mukuru,
ni ho abigisha n’abashingantahe bari bakoraniye.
Petero yari yamukurikiye, yamara agendera kure,
gushika ku kirimba c’umuherezankuka mukuru,
ashika imbere aja mu basuku araba amaherezo.
Abaherezankuka bakuru n’abari mu nama nkuru bose
baja kurondera abagirizi babeshera Yezu
ngo babone kumwica.
Barazana isinzi ry’ababeshi,
mugabo nta n’umwe yaronse ico amwagiriza.
Hararuha haza ababeshi babiri bati:
Ab: «Yagize ngo yoshobora gusambura ingoro y’Imana,
agaheza agasubira kuyubaka mu misi itatu.»
S: Araheza umuherezankuka mukuru ava hasi, ati:
Ab: «Nta co wishuye? Ivyo bakwagiriza ni ibiki?»
S: Yezu na we arinumira.
Umuherezankuka mukuru aramubwira ati:
Ab: «Ndakurahiye kw’izina ry’Imana nzima,
tubarire ko uri Kristu, Umwana w’Imana.»
S: Yezu na we ati:
Y: « Ni wewe ubivuze.
Kandi ndakubariye, ni ivy’ukuri,
kuva uyu musi, muza kubona Umwana w’umuntu
yicaye iburyo bw’Umushobora vyose;
muzobona kandi agaruka ku bicu vy’ijuru.»
S: Araheza umuherezankuka mukuru atabura ivyambarwa vyiwe, ati:
Ab: «Aratutse Imana! Abagirizi turacabaronderera iki?
Muravyiyumviye noneho! None kubwanyu, bite?»
S: Na bo bati:
Ab: «Ni uw’ugupfa.»
S: Baraheza bamucira amate mu maso, bamukubita ibipfunsi,
abandi bamukubita amakofe mu kumurtyekeza bati:
Ab: «N’udupfindurire noneho, Kristu! Uwagukubise ni nde?»
Petero yihakana Yezu gatatu
S: Muri ico gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo.
Umusukukazi aramwegera, ati:
Ab: «Nawe nyene wari kumwe na Yezu w’i Bugalile?»
S: Petero arahakana mu maso ya bose, ati:
Ab: «Sinzi n’ico uvuga.»
S: N’uwundi musukukazi amubone aja kw’irembo,
abwira abari aho ati:
Ab: «N’uwu yari kumwe na Yezu w’i Nazareti.»
S: Arahakana agerekako n’indahiro ati:
Ab: «Uyu muntu sindamuzi.»
S: Hanyuma abari aho bamujako:
Ab: «Ni ivy’ukuri, uri uwo muri bo;
n’ivuga ryawe riraguhinyuza.»
S: Na we aca aja mu vyo guhakana rwose,
arahira ko atazi uyo muntu.
Buno nyene, inkoko ica irabika.
Petero aca yibuka ijambo Yezu yari yamubariye ati:
Inkoko iza kubika umaze kunyihakana gatatu.
Aca rero arasohoka agenda arazimagirika, yiyuha iryosozi.
Yuda yihebura
Bukeye mu gatondo,
abaherezankuka bakuru n’abashingantahe b’igihugu
baja inama bose ngo bice Yezu.
Bajana Yezu bamuboshe,
bamuhereza Pilato icegera ca Sezari.
Yuda yari yamuguze, ngo abone bagiye kumwica, arigaya,
agarukanira abaherezankuka bakuru n’abashingantahe b’igihugu
ya mafeza mirongo itatu, ababarira ati:
Ab: «Nacumuye, jewe naguze amaraso y’umweranda.»
S: Na bo bati:
Ab: «Bidutwaye iki? Biragusha!»
S: Yuda rero aterera nya mafeza mirongo mu gisengero,
arigira aja kwiyahura.
Abaherezankuka bakurubarakira ya mafaranga, bati:
Ab: « Nta wuyashira mw’ishinguriro ry’amaturo,
kuko yaguze amaraso.»
S: Niko kuja inama rero ngo bayagure umurima w’umubumvyi
baze bawuhambemwo abantu b’akavantara,
batagira aho batabwa.
Ni co gituma uwo murima bawise Haceldama,
ni ukuvuga umurima w’amaraso; n’ubu niko ucitwa.
Iryo umuhanuzi Yeremiya yari yaravuze rirataha ngo:
‘Bafashe ya mafeza mirongo itatu,
ikiguzi c’uwaguzwe n’abana b’Israyeli;
hanyuma bayagura umurima w’umubumvyi,
nk’uko Umukama yabitegetse.’
Igisomwa kigufi gitangurira aha
Urubanza kwa Pilato
Yezu rero ahagarara imbere ya ca cegera ca Sezari,
ico cegera kiramubaza giti:
Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»
S: Yezu arishura ati:
Y: «Ni wewe ubivuze.»
S: Abaherezankuka bakuru n’abashingantahe
babandanya kumurega, na we ntiyagira ico abishura.
Pilato rero aramubwira ati:
Ab: «Wewe ntiwumva ivyo bakwagiriza vyose?»
S: Yezu arinumira; biranatangaza cane ca cegera ca Sezari.
Ico cegera ca Sezari cahora gihengera
ku musi mukuru wa Pasika
kikabohora umuntu umwe mu baboshwe,
uwo igihugu gisavye.
Muri ico gihe, mu baboshwe harimwo inkozi y’ikibi
yitwa Baraba.
Pilato rero ahengera abantu bakoranye, ababwira ati:
Ab: «Uwo mushaka ni nde:
Baraba canke Yezu yitwa Kristu?»
S: Pilato yari azi ko Yezu yazize inzigo y’Abayuda.
Hano yicaye mw’iciro ry’imanza, umugore wiwe amutumako ati:
Ab: «Ntihagire ico mupfa n’uwo muntu mweranda;
naraye ndose ibintu vyinshi bimwerekeye.»
S: Abaherezankuka bakuru n’abashingantahe
bosha igihugu ngo gisabe Baraba, Yezu na we yicwe.
Icegera ca Sezari na co kibabwira giti:
Ab: «Muri abo babiri,
uwo mushaka ko ndabarekurira ni nde?»
S: Na bo barasemerera bati:
Ab: «Baraba.»
S: Pilato asubizayo ati:
Ab: «Na we Yezu yitwa Kristu nza kumugira nte?»
S: Bose bishurira rimwe bati:
Ab: «N’abambwe!»
S: Pilato abishura ati:
Ab: «Ikibi yakoze ni igiki?»
S: Na bo barushirizaho gukoma induru bati:
Ab: «N’abambwe!»
S: Pilato abonye bibaye ivy’ubusa,
ariko umugumuko uguma wongerekana,
yakira amazi, akarabira imbere y’ishengero, avuga ati:
Ab: «Amaraso y’uyu muntu atagira icaha ntangweko,
muravyifashe!»
S: Igihugu cose cishurira rimwe giti:
Ab: «Amaraso yiwe arakaduhama twebwe n’abana bacu!»
S: Araheza Pilato abarekurira Baraba;
Yezu na we ahejeje kumukubitisha,
aramubaha ngo bamubambe.
Yezu akubitwa
Abasirikare b’ico cegera bafata Yezu, bamujana mu kirimba,
bahamagara umugwi wose w’abasirikare;
baraheza bamwambura ivyambarwa vyiwe,
bamutererako ikindi gikwemu gitukura,
bajisha urugori rw’amahwa barumwambika ku mutwe,
bongera bamufumbatisha ikibingobingo mu kuboko kw’iburyo,
bakaza barapfukama imbere yiwe bamutwenga, bavuga bati:
Ab: «Turakuramukije, mwami w’Abayuda!»
S: Baza baramucirako amate,
bagafata nya mubingobingo, bawumukubita ku mutwe.
Abasirikare rero bahejeje kumutetagiza,
bamwambura ca gikwemu gitukura, baramusubiza ivyambarwa vyiwe,
bamujana kumubamba.
Yezu abambwa ku musaraba

Umusaraba
Bashitse mu nzira,
bahura n’umuntu w’Umunyasireni yitwa Simoni,
baramugobera ngo atware umusaraba wa Yezu.
Bashitse ku musozi witwa Gologota, ni ukuvuga umusozi w’agahanga,
bamuhereza umuvinyu uvanze n’umururazi ngo anywe;
ngo awumvirize, aca arawureka.
Bahejeje kumubamba,
bagabangana ivyambarwa vyiwe, babipfindanirako;
baca baricara baramurinda.
Hejuru y’umutwe wiwe, ku musaraba,
hari handitswe ico azize ngo:
‘Uwu ni Yezu, umwami w’Abayuda’.
Baraheza bamubambana n’ibisuma bibiri,
kimwe iburyo, ikindi ibubamfu.
Abahita na bo baramutuka, banega umutwe, bati:
Ab: «Wewe usambura ingoro y’Imana,
hanyuma ukayubaka mu misi itatu,
niwikize ga natwe turabe;
niwaba uri Mwene Mana, niwikure ku musaraba!»
S: Abaherezankuka bakuru n’abigisha n’abashingantahe
na bo nyene baramutwenga, bati:
Ab: «Yakijije abandi, none na we biranse ko yikiza;
niyaba ari umwami w’Israyeli,
n’ave ku musaraba tumwemere!
Yizigiye Imana, none n’imukize, niyaba imukunda,
kuko yagize ngo ndi Umwana w’Imana.»
S: Na vya bisuma vyari bibambwe hamwe na we bimutuka gutyo nyene.
Yezu apfa ku musaraba
Kuva kw’isaha ya gatandatu gushika kw’isaha y’icenda,
umukorane ukwira isi yose.
Kw’isaha y’icenda, Yezu ashira ijwi hejuru, avuga ati:
Y: «Eli, Eli, lema sabaktani»,
S: ni ukuvuga ngo:
Y: «Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki?»
S: Bamwe mu bari bahagaze aho ngo bavyumve,
bavugana bati:
Ab: «Wa wundi ariko aratabaza Eliya!»
S: Umwe muri bo yiruka gukoza ipampa mw’isiki,
arishira kw’isunwa ry’umubingobingo,
aramuhereza ngo anunuze.
Abandi na bo bati :
Ab: «Reka, tugube ko Eliya aza kumutabara!»
S: Yezu yongera aratura akamo, aca aracikana.
Aha barapfukama bakavuga agasabisho gatoyi banumye
Buno nyene, impuzu yari mu gisengero yicamwo kubiri
kuva ruguru gushika epfo;
isi iranyiganyiga, ibitandara vy’amabuye birasatagurika.
Imva ziriyugurura n’imibiri myinshi y’aberanda irazuka;
Yezu amaze kuzuka, nya beranda bavuye mu mva,
baja mu gisagara babonekera abantu benshi.
Umutware w’abasirikare n’abandi bari kumwe barinda Yezu,
babonye ingene isi inyiganyize n’ivyo vyose vyari bibaye,
baca bagira ubwoba bwinshi, bavuga bati:
Ab: «Ni ivy’ukuri, uwo yari Umwana w’Imana!»
Igisomwa kigufi giherera aha
Hari n’abagore benshi bari bahagaze kure baraba,
bari bakurikiye Yezu kuva i Bugalile, bamufasha;
muri bo, hari Mariya Madalena,
na Mariya nyina wa Yakobo na Yozefu,
be na nyina wa bene Zebede.
Yezu ahambwa
Ku mugoroba, haza umuntu atunze aturuka i Arimateya,
akitwa Yozefu, na we nyene yari umwigishwa wa Yezu.
Aja kwa Pilato kumusaba ikiziga ca Yezu.
Pilato atumako ngo bakimuhe.
Yozefu yakira ca kiziga ca Yezu, agipfukisha impuzu yera,
agishira mu ruhafu rushasha
yari yiyimbishirije mu gitandara c’ibuye,
araheza ahindika ku muryango ikibuye amahanga, arigira.
Mariya Madalena n’uwundi mugore Mariya,
ni ho bari bicaye, berekeye ku ruhafu.
Bukeye, umusi wo kwitegura uheze,
abaherezankuka bakuru n’abafarizayo baja kwa Pilato
baramubwira bati:
Ab: « Muhanyi, twibutse ko wa muhumvyi akiri muzima
yavuze ngo : “Iminsi itatu iheze, nzozuka.”
Tegeka rero barinde uruhafu
gushika ku musi ugira gatatu,
abigishwa biwe ntibahave baza kumwiba,
hanyuma ngo babwire igihugu ko yazutse mu bapfuye:
ico kinyoma cohava gisumba ica mbere.»
S: Pilato arabishura ati:
Ab: «Namwe ntimubuze abarinda: gende murinde, murabizi.»
S: Baragenda barihweza uruhafu,
bashira ikimenyetso kw’ibuye, be n’abarinzi.