Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Ku wa 4 Mweranda. Ku mugoroba.

Ku wa 4 Mweranda. Ku mugoroba.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IMISA YO KU MUGOROBA ARI YO IY’AMABANGA Y’UKARISTIYA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (12, 1-8. 11-14)

Amategeko yerekeye imfungurwa ya Pasika

JeudiSaintMuri irya misi, Umukama yabwiye Musa na mwenewabo Aroni, bakiri mu gihugu ca Misiri, ati: «Uku kwezi murakugira ukwa mbere mu yandi yose, kuraba ari kwo kuzotangura umwaka. Murabwira ishengero ry’Israyeli ko ku musi w’icumi w’uku kwezi umuryango wose, urugo rwose ruzobaga umwagazi. Umuryango uzoba urimwo bake, uzoheza uje hamwe n’ababanyi, umwagazi bawugabangane n’abazoba bari aho bose. Uzoba umwagazi utagira akanenge, w’agasuguru, kamaze umwaka umwe gusa. Muzobaga umwagazi w’intama canke agahúshi k’impene. Muzowuzigama gushika ku musi wa cumi na kane w’uku kwezi.  Aho ishengero ryose ry’Israyeli rigera, muzowubaga izuba rirenze. Bazofata amaraso y’uwo mwagazi, bayamije ku bishimaryango vy’inzu bazoba bariko barawufunguriramwo. Muri iryo joro, bazofungura inyama zawo, babanje kuzitara, bazikoze imikate itagira umwambiro be n’imboga zirura.
Mu kuzifungura, muzokwifata mutya: muzoba mukenyeye, mwambaye inkweto, mufashe n’inkoni mu minwe. Muzozifungura vuba na vuba. Kuko uzoba ari umusi w’Ipasika y’Umukama.
Muri iryo joro nzoca mu gihugu cose, nzokuraho zina mfura yose yo mu Misiri, kuva ku bantu gushika ku bitungwa. Ibigereranyo n’ibigirwamana vyose vyo mu Misiri nzobisanzaza. Ni jewe Imana ndabivuze.
Amaraso ni yo azoba ikimenyetso c’inzu muzoba mukoraniyemwo. Ninabona ayo maraso, nzorengana; mwebwe ntimuzohitanwa n’amashano nzorungika gutikiza igihugu ca Misiri.
Uwo musi murame muwibuka. Murawuhimbaza nk’umusi w’Umukama. Abuzukuru n’abuzukuruza banyu, barawugira umusi mukuru mu myaka yose izokurikira.»

IZABURI 115 (116) 12-13, 15-16bc, 17-18

Icit.: Igikombe tuvugirako umuhezagiro,
         ni kwo gusangira amaraso ya Kristu.

None jeho nzosubiza iki Umukama,
ku vyiza vyose yangiriye?
Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro,
kandi ninahaze izina ry’Umukama.

Urupfu rw’abamwishimira
ruri n’agaciro mu maso y’Umukama.
Ewe Mukama, jewe ndi umusuku wawe;
warankuye mu mvuto.

Nzogushikanira imbagwa y’ukugukengurukira,
kandi ntabaze izina ryawe, Mukama;
ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose,
mu maso y’abiwe bose bakoranye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (11, 23-26)

Igihe cose muzoba muriko murafungura uyo mukate mukanywa ico gikombe, muba muriko muramenyesha urupfu rw’Umukama

Ncuti zanje,
Jewe Pawulo narashikirijwe n’Umukama ico nabashikirije namwe: Umukama wacu, muri rya joro yafatwa, yakiriye umukate, amaze gukenguruka, arawumanyura, yongera avuga ati: «Iki ni umubiri wanje uza gutangwa ku bwanyu. Ivyo murabigire munyibuka.»
Bamaze gufungura, afata igikombe, avuga ati: «Iki gikombe ni Isezerano rishasha ry’amaraso yanje. Igihe cose muzokinywa, murabigire munyibuka.»
Koko ni ivy’ukuri, igihe cose muba muriko murafungura uwo mukate, mukanywa ico gikombe, muba muriko muramenyesha urupfu rw’Umukama gushika aho azogarukira.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha:
nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.»

Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :