IGITERAMO CA PASIKA MW’IJORO RYERANDA
Ibisomwa vyagenywe ni icenda : indwi vyo mu Bwuzure bwa kera na bibiri vyo mu Bwuzure bushasha.
Babonye bikenewe, bashobora kubigabanya. Ariko ntibafate ibiri munsi ya bitatu vyo mu Bwuzure bwa kera; mugabo, bidashobotse, batora bibiri, dukuyemwo Ibaruwa n’Inkuru Nziza.
Ariko, ntibigere bakuramwo igisomwa ca gatatu mu rutonde rwavyo cerekeye Ijabuka ry’Ikiyaga gitukura (Ihunguka 14, 15-15, 1).
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (1, 1-2, 2)
Igisomwa kigufi : 1, 1. 26-31a.
Imana yitegereje ivyo yagize vyose, vyari vyiza cane
Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.
Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha
Na yo isi yari ikidengeri ata kiriho, umwijima wari upfutse inyenga, umutima w’Imana na wo wareremba ku mazi.
Imana iraheza ivuga iti: «Umuco n’ubeho.» Umuco uca urahaba. Imana ibona ko umuco ari mwiza, iraheza itandukanya umuco n’umwijima. Nya muco Imana iwita umutaga, umwijima na wo ijoro. Haba umugoroba, haba n’igitondo; uba umusi wa mbere.
Imana ivuga iti: «Nihabe ikirêré hagati y’amazi, gitandukanya amazi n’ayandi.» Imana irema ijuru ritandukanya amazi ari munsi y’ijuru n’amazi ari hejuru y’ijuru. Bica biba gutyo. Imana iraheza yita ikirêré ijuru. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi wa kabiri.
Imana irongera ivuga iti: «Amazi yose ari munsi y’ijuru n’akoranire mu kiyaga kimwe, haheze haboneke isi yumutse.» Bica biba gutyo. Ahǔmūtse Imana ihita isi, aho amazi akoraniye naho ihita ibiyága. Imana ibona ko ari vyiza.
Imana ivuga iti: «Isi niyuzureko ibiméra, ivyatsi bifise imbuto n’ibiti vyama; na vyo vyame kw’isi ivyamwa birimwo imbuto.» Bica biba gutyo. Isi iraheza iramera ivyatsi vyifitiye imbuto z’ubwoko bwavyo, n’ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwavyo birimwo imbuto zavyo. Imana ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi wa gatatu.
Imana ivuga iti: «Nihabe ibimuri hejuru kw’ijuru, bitandukanya umutaga n’ijoro, bitubere ibimenyetso vy’imisi mikuru, vy’imibarwa n’ivy’umwaka; nibibe ibimuri hejuru kugira ngo biboneshereze isi.» Bica biba gutyo. Imana iraheza irema ibimuri bibiri bukuru bikuru: ikumuri kininiya c’ukwihariza umutaga n’ikimuri co kwihariza ijoro, be n’inyenyeri. Imana iraheza ibishira hejuru kw’ijuru ngo bimurikire isi, bitegeke umutaga n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwijima. Imana ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi ugira kane.
Imana ivuga iti: «Amazi n’anyagaremwo isinzi ry’ibikoko bizima, inyoni na zo ziguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru.» Bica biba gutyo. Imana iraheza irema ibiyoka binini vyo mu kiyaga, n’ivyo bintu vyose binyororomba canke binyagara mu mazi, kimwe kimwe ku bwoko bwaco, n’iryo sinzi ryose ry’ibiguruka, kimwe kimwe ku bwoko bwaco. Imana ibona ko ari vyiza. Imana iraheza irabihezagira, ivuga iti: «Nimurondoke, mugwirirane, mwuzure amazi y’ibiyaga; inyoni na zo zigwire kw’isi.» Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi ugira gatanu.
Hanyuma Imana ivuga iti: «Isi n’ivyare ibikoko bizima, kimwe kimwe ku bwoko bwaco: ibikoko, udukoko dutoduto n’izindi nyamaswa, kimwe kimwe ku bwoko bwaco.» Bica biba gutyo. Imana iraheza irema inyamaswa mu bwoko bwazo, ibindi bikoko mu bwoko bwavyo, n’utundi dukoko two kw’isi mu bwoko bwatwo. Imana ibona ko ari vyiza.
Igisomwa kigufi kibandaniriza aha
Imana iraheza ivuga iti: «Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi.» Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi.» Imana iraheza ivuga iti: «Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya.» Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize: vyari vyiza cane.
Igisomwa kigufi giherera aha
Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi ugira gatandatu.
Gutyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize.
IZABURI 103 (104) 1-2a, 5-6, 10-12, 13-14, 24. 35c
Icit.: Mukama, tuma umuzirikanyi wawe,
uhindure isi.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje!
Mukama Mana yanje, uri mukuru cane!
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza nk’igikwemu.
Isi warayitsindagiye urayigumya
Nta kizoyinyiganza mu myaka yose;
wari wayorosheje inyenga y’amazi ayikikiza hose,
mu mitumba ni ho amazi avyagira.
Imyonga uyikura ku bucokwe,
ishororonga hagati y’imisozi;
inyoni z’ijuru zibera hafi yayo, mu mashami y’ibiti ni ho ziryogorera.
Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga;
isi ihinda itunga ryawe.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje!
IYINDI ZABURI 32 (33), 4-5. 6-7. 12-13. 20. 22
Icit.: Isi yose, Mukama, isagiriwe n’urukundo rwawe.
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.
Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zirarema inteko z’ijuru;
akoraniriza hamwe amazi y’ibiyaga
nk’uwuyabuganiriza mu gakunga,
ayabika mu nyenga.
Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana,
hahiriwe intara We nyene yitorereyeko iragi!
umukama ahangama mw’ijuru,
akaraba abana b’abantu bose.
Umutima wacu witeze Umukama,
ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
kuko ari Wewe twama twizigiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (22, 1-18)
Igisomwa kigufi tugisanga inyuma y’iki
Ishikanwa rya sokuru wacu Aburahamu
Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Aburahamu, iramwakura iti: «Aburahamu!»
Ayishura ati: «Sabwe, Mukama!»
Imana na Yo iti: «Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka.»
Aburahamu avyuka umutwenzi, afata igitwazi, ahitana abasuku babiri n’umuhungu wiwe Izahaki, arasatura inkwi z’ugucanira ituro ry’Imana, aterera mu nzira, aragenda mu gihugu Imana yari yamubwiye.
Ku musi ugira gatatu, Aburahamu atereza amaso, abona nya musozi akiri kure. Niko kubwira abikorezi biwe ati: «Nimugume ngaha hamwe n’igitwazi. Jewe n’umuhungu wanje, tugende dushikeyo dusenge, duheze tugaruke kubahitana.» Aburahamu afata inkwi aziremeka Izahaki, na we afata ifumba y’umuriro n’inkota, barashishikara urugendo rwabo uko ari babiri.
Izahaki bimutera amazinda, abaza se wiwe Aburahamu ati: «Mbe da!»
Uwundi ati: «Ni iki ga mwananje?»
Amubwira ati: «Umucanwa ng’uyo, inkwi ng’izi, ariko umwagazi wo guherezako ituro ry’Imana uri hehe?»
Aburahamu amwishura ati: «Imana Yo nyene iraza kwimenyera umwagazi dutangako ituro.»
Baca barabandanya uko ari babiri.
Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Aburahamu yubaka uruhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Aburahamu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.
Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati: «Aburahamu! Aburahamu!»
Aramwishura ati: «Sabwe, Muhanyi!»
Umumarayika na we ati: «Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe! Ntihagire ikibi umugirira! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende.»
Aburahamu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Aburahamu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe. Aho hantu Aburahamu ahita «Umukama arabona»; ni co gituma bavuga ubu bati: «Ku musozi ni ho Umukama abonwa.»
Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Aburahamu ubwa kabiri, ati: «Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana.»
Igisomwa kigufi
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (22, 1-2. 9a. 10-13. 15-18)
Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Aburahamu, iramwakura iti: «Aburahamu!»
Ayishura ati: «Sabwe, Mukama!»
Imana na Yo iti: «Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka.»
Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Aburahamu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Aburahamu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.
Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati: «Aburahamu! Aburahamu!»
Aramwishura ati: «Sabwe, Muhanyi!»
Umumarayika na we ati: «Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe! Ntihagire ikibi umugirira! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende.»
Aburahamu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Aburahamu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.
Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Aburahamu ubwa kabiri, ati: «Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana.»
IZABURI 15 (16) 5. 8, 9-10, 11
Icit.: N’unzigame Mukama Mana yanje,
kuko ari Wewe musa nizeye.
Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje;
mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.
Umutima wanje urahimbarwa
kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje nawo ukaruhuka, ata co winona;
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.
Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose;
ku buryo bwawe, akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.
IGISOMWA CA GATATU
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (14, 15-15, 1a)
Abanyisrayeli baciye mu kiyaga hagati humutse
Umukama abwira Musa ati: «Ni kuki untakambira gutyo? Barira Abanyisrayeli bakomeze urugendo rwabo. Nawe, fata inkota yawe, uramvure ukuboko, uyerekeze ku kiyaga, ikiyaga na co gicikemwo kubiri, kugira ngo Abanyisrayeli bace mu nzira yumutse. Jewe rero, nca nirabuza umutima w’Abanyamisiri, maze na bo bace bakurikirana Abanyisrayeli mu kiyaga. Niho nzobona kuninahazwa kubera Farawoni n’ingabo ziwe, kubera imikogote yiwe n’abiwe barwanira ku mafarasi. Abanyamisiri bazoca bamenya ko ndi Umukama, aninahazwa kubera Farawoni, imikogote yiwe n’abiwe bagendera ku mafarasi.»
Umumarayika w’Imana yarôngōra inteko z’Israyeli, araheza ahindura ikibanza, agenda azimirije. Inkingi y’igicu na yo nyene irahindukira, iva imbere ija inyuma, igumaho; irahagarara hagati y’ingabo z’Abanyamisiri n’iz’Abanyisrayeli. Ico gicu cari umwiza, kikongera kikabonesha ijoro, maze burinda buca izo nteko zitigeze zegerana na gato.
Musa aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga; Umukama arungika mw’ijoro ryose umuyaga mwinshi uvuye mu buseruko, urigizayo ikiyaga, maze harumuka. Amazi yisaturamwo kubiri, Abanyisrayeli baca hagati humutse, iburyo n’ibubamfu amazi amera nk’uruhome. Abanyamisiri na bo babiruka inyuma n’amafarasi yose ya Farawoni, imikogote yiwe be n’ingabo ziwe zirwanira ku mafarasi, barabakurikirana n’aho mu kiyaga humutse.
Buri mu guca, Umukama abirabira muri ya nkingi y’umuriro n’igicu, akubitije ijisho kuri za ngabo z’Abanyamisiri, zica ziraburanirwa. Aravunagura imigurudumu y’imikogote bagenderamwo, ntiyaba ikiva hasi. Abanyamisiri baca basemerera bati: «Ingo duhunge, tuve inyuma y’Abanyisrayeli, kuko Umukama abarwanira ngo baduhonye!» Umukama abwira Musa ati: «Ramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga, amazi yose acuncubukire ku Banyamisiri, ku birwanisho vyabo no ku mafarasi barwanirako.» Musa araramvura ukuboko, maze aha buriko buraca, ikiyaga gisubira aho cahora. Abanyamisiri, mu guhunga, bahungira iyo ari, Umukama abatsinda hagati mu kiyaga. Ya mazi asubiye mu kibanza cayo, ahura n’izo ngabo be n’imikogote yazo, inteko zose za Farawoni na zo zari zakurikiranye Abanyisrayeli mu kiyaga, ziramirwa. Nta n’umwe yarokotse. Ariko Abanyisrayeli bo bijabukiye baca ahumutse, hagati y’uruhome rw’amazi iburyo n’urundi ibubamfu.
Uwo musi, ni ho Umukama yakura Israyeli mu minwe y’Abanyamisiri, ni ho Israyeli yabona imivyimba y’Abanyamisiri ku nkombe y’ikiyaga. Israyeli iba icabona c’ububangutsi bw’Umukama yatsinze abanyamisiri. Igihugu gica gitinya Umukama, kirizigira Umukama na Musa umutoni wiwe. Niho rero Musa n’Abanyisrayeli bashira ijwi hejuru, bakaririmbira Umukama bati:
URURIRIMBO: Ihunguka 15, 1-2. 3-4. 5-6. 17-18.
Icit.: Nidushimagize Umukama,
kuko intsinzi yiwe ari agahebuza!
Ndaririmbira Umukama,
kuko intsinzi yiwe ari agahebuza!
Amafarasi n’abayagenderako
yarabahonereje mu kiyaga!
Umukama ni We ankomeza, ni We nohayagiza;
yankuye ikuzimu, ansubiza ibuntu!
Ni We Mana yanje ntangarira,
ni We Mana ya data, ndamuhaya.
Umukama ni We ntwari mu rugamba,
We yitaziriye «Uwuriho».
Ibirwanisho vya Farawoni
arabikwegakwegera mu kiyaga;
intwazangabo ziwe na zo
zisoma nturi mu Kiyaga Gitukura.
Amazi yo mu nyenga arabarengera,
baribira mw’ibenga.
Ukuboko kwawe kw’iburyo, Mukama,
ni agatangaza katananirwa;
ukuboko kwawe kw’iburyo, Mukama,
kurajanjagura abansi.
Abo wabohoye uzobajana ngo bagerere
ku musozi wabemereyeko iragi,
aho wiyubakiye ingoro yawe, Mukama,
muri nya ngoro nyene, Mukama,
witeguriye wewe nyene.
Umukama azohangama imyaka n’imyaka.
IGISOMWA CA KANE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (54, 5-14)
Kubera urukundo rw’intakama agufitiye,
Umukama, Umucunguzi wawe yakugiriye imbabazi.
Umuremyi wawe ni we azoba umunega wawe,
Izina ryiwe ni «Umukama Nyeningabo»;
Umweranda w’Israyeli ni we azoba Umucunguzi wawe,
Izina ryiwe ni «Imana y’isi yose».
Ego cane, Umukama yakwakuye,
Nka kurya bibuka umugore w’intabwa yatuntuye ku mutima.
Umukama Imana yawe yavuze ati:
«Mbe hari uwirukana umugeni bubakanye
akiva mu busore?
Nari naguhevye akanya gatoyi,
none vyanyanse mu nda, ngiye kukwigarurira
hari igihe nari natwawe n’ishavu,
ndakwinyegeza;
ariko, kubera urukundo rw’intakama ngufitiye,
nakugiriye imbabazi.»
Uko ni ko Umukama Umucunguzi wawe avumereye.
«Nagize nko muri ca gihe ca Nowa,
hamwe narahira ko isegenya itazosubira gutikiza isi.
N’ubu nyene ndarahiye
ko ntazosubira kugushavurira no kugutonganya.
Imisozi ishobora guhera,
imitumba igasanzara,
ariko urukundo ngufitiye ntiruzotituka,
isezerano ry’amahoro nasezeranye nawe sinzorihemukira.»
Umukama agufitiye imbabazi yaravyemeje.
«Wewe wagowe menshi, Yeruzalemu,
wewe wazungagijwe n’umuyaga, ukabura ikiguhoza;
buca nja guhumbira, nshinge umuganda,
nkwubakire inzu y’akaroruhore,
ndayisezere, ndayisharize,
ndayubakire n’urugo ruteye igomwe.
Abana bawe bose bazokwigishwa n’Umukama,
eka bazoronka ubuhirwe bwinshi.
Uzoshinga imizi ku butungane,
wikinge abagucura bufuni na buhoro,
uzoshira ubwoba,
ntibazoba bakiguturubika.»
IZABURI 29 (30) 2-4, 5-6, 11. 12a. 13b
Icit.: Ndaguhaya, Mukama,
Wewe wambogoye.
Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye;
ntiwampaye amanyo y’abansi.
Mukama, wankuye mu cobo,
unsubiza amagara.
Curarangire Umukama, abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho;
ku mugoroba, barabogoza,
mu gitondo bagatārīka.
Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe!
Mukama, n’uze kundokora!
Wankuye kugandara, unjana kuvyina;
Mana mfise, nzoguhaya imyaka yose!
IGISOMWA CA GATANU
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 1-11)
Nimunyegere ngo mubone gukira,
niho nzosezerana namwe isezerano ryamaho
Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,
n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawudi.
Ehe raba, nakugize icabona mu makungu,
nagutoye ngo ube umukuru n’umutegetsi mu mahanga.
Uzohamagara intara utari uzi,
abantu utari bwabone bace bakwirukira,
kubera Umukama Imana yawe,
kubera Umweranda w’Israyeli azoba yaguteye iteka.
Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati:
«Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
ni ko amayira yanje arengeye ayanyu,
ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu.
Nka kurya imvura n’urume bigwa biva mw’ijuru
ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore,
ibiterwa bikamera,
umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa,
ni ko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje,
ritangarukako ritagize akamaro,
ritaranguye ico nshaka,
ridakoze ico naritumye.»
URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6
Icit.: Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, nta co ngitinya;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
n’ukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.
Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israyeli.
IGISOMWA CA GATANDATU
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Baruki (3, 9-15. 32-4, 4)
N’ugendere mu muco uhimbaye w’Umukama
Israyeli we, umviriza amategeko y’ubuzima, banga amatwi, kugira ngo ushikire ubwitonzi. Israyeli, mbega, ni kuki uri mu gihugu c’abansi bawe, ugasazira mu ntara utavukiyemwo, ukihumanya mu kwamana n’abapfu, ugaharurwa mu gitigiri c’abaja mu nyenga? Ni uko wataye Isôko ry’Ubwitonzi! Iyo uba warakurikiranye inzira y’Imana, uba wibereye mu mahoro ya misi yose. Menya ahari ubwitonzi, ubukomezi n’ubwenge, kugira ngo umenye kandi ahari ukuramba n’ubuzima, umuco w’amaso be n’amahoro. Ariko rero, ni nde yamenye iyo Ubwitonzi buba, ni nde yashikirijwe amatungo yabwo?
Uwumenya vyose ni we ategera Ubwitonzi, akabuzirikana n’ubwenge bwiwe; ni we yaringanije isi imyaka n’imyaka, akayuzuzamwo ubusho bw’ibitungwa. Ni we arungika umuco, na wo ugaca ugenda; arawuhamagara, na wo ugaca umugamburukira utetemera. Inyenyeri zakaka akanyamuneza mu kurarira; arazihamagara, na zo zikitaba ngo: «Turarengutse!», zigaheza zikakakana akanyamuneza kubera Uwaziremye.
Uyo ni We Mana yacu, nta wundi angana na We. Ni We yategereje inzira zose z’ubumenyi, akazimenyesha umusavyi wiwe Yakobo, n’umukunzi wiwe Israyeli. Uko ni ko Ubwitonzi bwabonetse kw’isi, bukabana n’abantu. Ni bwo gitabu kirimwo amabwirizwa y’Imana. Itegeko rizokwamaho na ntaryo; uwuryihambirirako wese azoramba, uwuriheba na we ntazobura gupfa.
Yakobo we, niwigarure uheze ubwakire; n’ugendere mu muco wabwo ngo ushikire umuco: ntuhebere uwundi ubuninahazwa bwawe, ntuhebere amahanga iteka watewe. Turahiriwe noneho, twebwe Israyeli, kuko twahishuriwe ibinezereza Imana.
IZABURI 18 (19) 8, 9, 10, 11
Icit.: Mukama, ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.
Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.
Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.
Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete;
Umukama ashinga intahe y’ukuri
Intahe yama itunganye.
Isumvya inzahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange;
irusha kuryoha
ubuki bw’umutsama.
IGISOMWA C’INDWI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (36, 16-17a. 18-28)
Nzobasukako amazi y’umusarara kandi nzobaha umutima mushasha
Ng’iri iryo Umukama yambwiye:
«Mwana w’umuntu, igihe baba mu gihugu cabo, ab’umuryango w’Israyeli baracononesheje ingeso zabo n’ibikorwa vyabo. Niho rero nabereka ishavu ndabafitiye kubera ko basheshe amaraso mu gihugu no kubera ko bacononye n’ibigirwamana vyabo. Narabasanzaje mu mahanga, nkabashwiragiza mu bihugu. Narabaciriye urubanza rukwiranye n’ingeso zabo be n’ibikorwa vyabo. Bamaze gushika muri vya bihugu vyaho, baratukisshije izina ryanje ryeranda, bigatuma mbere abantu bavuga bati: «Aba ni abantu b’Umukama, bavuye mu gihugu ciwe.» Ariko, narubahirije rya zina ryanje ryeranda Abanyisrayeli batukishije mu mahanga bagiyemwo.
Ni uko rero, barira umuryango w’Israyeli uti:
«Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana:
“Ivyo nza gukora, sinzobikora kubwanyu, muryango w’Israyeli, ariko nzobikora ku bw’izina ryanje ryeranda mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo. Nzokwubahiriza izina ryanje ry’agakura ryatukishijwe mu mahanga, izina ryanje mwatukishije hagati muri yo. Niho ibihugu bizoheza bikamenya Jewe Umukama igihe nzobamenyesha muri mwebwe ko ndi mweranda. Nzobakura mu mahanga, muve mu bihugu vyose, ndabakoranirize mu gihugu canyu. Nzobasukako amazi y’umusarara, mutyororwe ; nzobatyorora umwanda wanyu wose, mbakure mu bigirwamana mwari mwemeye vyose. Nzobaha umutima mushasha, mbashiremwo ubwenge bushasha; nzobakuramwo wa mutima w’agatimatare, mbasubizemwo umutima woroshe. Nzobashiramwo umutima wanje, ndabahe gukurikiza amabwirizwa yanje, kuzigama amategeko yanje n’ukuba intatanamundagano. Muzogerera mu gihugu nagabiye ba sokuru banyu, muzoba igihugu canje, nanje mbe Imana yanyu”.»
Iyo batanga ibatisimu:
URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6
Icit.: Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, ntaco ngitinya;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
nimukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.
Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israyeli.
IZABURI 50 (51) 12-13, 14-15, 18-19
Icit.: Duhe, Mukama, umutima mushasha.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Ababi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.
Imperezwa nari kuguhereza ntuzibabaye,
imbagwa nari kuguhako iciru ntiwozishima.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburire kure, Mana yanje.
Iyo badatanga ibatisimu baca batora:
IYINDI ZABURI 41 (42) 3, 5bcd ; 42 (43) 3, 4.
Icit.: Kumwe inyemera inyotewe yirukira isôko,
ni ko umutima wanje uguhurumbira, Mana mfise.
Umutima wanje uranyotewe Imana,
ari yo Mana nzima.
Mbega, nzogenda ryari
kuyihweza imbonankubone?
Nzogenda mu ngoro yayo y’agatangaza,
mu ngoro y’Imana yanje,
tugenda turaririmba indirimbo z’agahimbare,
mpagatiwe n’isinzi ry’abantu banezerewe.
Ndungikira umuco wawe be n’ukuri kwawe,
maze bindongore, binjane
ku murwa wawe mweranda,
nshike no ku kirimba cawe.
Nzoheza nshike ku ruhimbi rw’Imana,
kwa Mana nyene ari yo kanyamuneza kanje;
Nzonezerwa, nkuninahaze, ngucurarangire,
Mukama, Mana mfise.
IBARUWA
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (6, 3-11)
Kristu yamaze kuzuka mu bapfuye ntagisubira gupfa
Ncuti zanje,
Ntimuzi ko twebwe twahawe Ibatisimu ya Yezu Kristu, twabatijwe twese mu rupfu rwiwe? Iyo Batisimu rero yaduhamvye hamwe na We. Nk’uko Kristu yazutse mu bapfuye kubera ubuninahazwa bwa Se, ni ko natwe dutegerezwa kwigenza mu buzima bushasha. None, ko twe na Kristu twacitse umwe kuko twapfuye rumwe, ni ko tuzoba umwe mw’izuka risa n’iryiwe.
Ntituyoberwe : umuntu wacu wa kera yarabambanywe na We, kugira ngo wa mubiri w’igicumuro ucike ubusa, tureke kuba abaja b’igicumuro. Nkako, uwapfuye aba akize gucumura. Ariko, ko twapfiriye hamwe na Yezu Kristu, twemera ko tuzosangira n’ubuzima, kuko tuzi ko Kristu yamaze kuzuka, atagisubira gupfa, urupfu rutakimushobora.
Urupfu rwiwe rwari urwo kuvavanura n’igicumuro; na bwo ubuzima bwiwe yabutuye Imana. Namwe rero ni ko kw’uko: murame mwigenza nk’abavavanuye n’igicumuro, bahereje ubuzima bwabo Imana muri Yezu Kristu.
IZABURI 117 (118) 1-2, 16-17, 22-23
Icit.: Aleluya, aleluya, aleluya!
Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
na bwo ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose!
Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti:
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose!
Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa, nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Imana.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.
INKURU NZIZA
Mu mwaka A
Aleluya, aleluya, aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (28, 1-10)
Yezu yazutse kandi yabatanze mu Bugalile
Mu buca bw’umusi wa mbere w’indwi, isabato yaraye ihavuye, Mariya Madalena na Mariya wundi bazindutse kuraba imva.
Buno nyene isi iranyiganyiga cane, Umumarayika w’Umukama yururuka ava mw’ijuru, atembagaza ikibuye, araheza acicarako. Yakirana nk’umuravyo, impuzu ziwe zera nk’urubura. Abarinzi bamubonye, bagwa igihumura, baradegedwa n’ubwoba, bacika ibiyingiyingi.
Umumarayika araheza abwira ba bagore ati: «Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yezu yabambwe. Ntari aha, yazutse nk’uko yari yabivuze. Nimuze murabe aho bari bamushinguye. Kandi ce mubandanya, mubwire abigishwa biwe muti: “Yazutse mu bapfuye kandi yabatanze mu Bugalile, ni ho muzomubonera”.»
Baca bakura hasi, bajana ubwoba buvanze n’urweze rwinshi; biruka gushikiriza inkuru abigishwa. Baza babona Yezu aje kubasanganira, ababwira ati: «Ndabaramukije.» Na bo baramwegera, bamugwa ku birenge, baramusenga. Yezu na We arababarira ati: «Ntimutinye, nimuje kubwira benewacu, baje mu Bugalile, ni ho bazombonera.»
Mu mwaka B
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (16, 1-7)
Yezu w’i Nazareti, umwe babamba, urya yazutse
Isabato ihavuye,
Mariya Madalena na Mariya nyina wa Yakobo na Salome bagura ibimoga neza, bajana gusiga ikiziga ca Yezu. Ku musi ukurikira isabato, bazinduka mu gitondo kare, bashika ku ruhafu izuba rirashe. Barabazanya rero bati: «Mbega uwuza kudutembagariza rya buye ryugaye uruhafu, tuza kumukura hehe?» Ngo barabe, babona rya buye ryatembagariye iruhande, na ryo ryari amahanga. Binjiye mu ruhafu, babona umusore yicaye ku ruhande rw’iburyo yambaye ikanzu yera; ubwoba buca burabatekera. Na we ati: «Ntimutinye! Yezu w’i Nazareti murondera, umwe babamba, urya yazutse ntakiri ngaha. Ehe rabe aho bari bamubitse. Gende rero mubarire abigishwa biwe, mubwire na Petero, ko yabatanze mu Bugalile. Ni ho muzomubonera kumwe yari yabibabwiye.»
Mu mwaka C
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (24, 1-12)
Igituma murondera umuzima mu bapfuye ni iki ?
Ku musi wa mbere w’indwi, hakiri kare cane, abagore barora ku ruhafu bajanye za mbazi bari bateguye. Basanga rya buye ryugaye uruhafu ryatembagaye. Ngo binjire, ntibabona ikiziga c’Umukama Yezu. Bikibateye amazinda, haseruka imbere yabo abantu babiri bambaye ivymabarwa bisayangana. Baratinya, bunamika amaso hasi. Bano rero bababarira bati: «Igituma murondera umuzima mu bapfuye ni iki? Ntakiri ngaha, yazutse! Ibuke uko yababwiye akiri i Bugalile, ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa kugwa mu minwe y’ababisha, akabambwa ku musaraba, akazuka ku musi ugira gatatu”.» Barahava rero bibuka ivyo yari yaravuze. Ngo bave ku ruhafu, babwira ivyo vyose bamwe Cumi n’umwe n’abandi bose. Abo bagore ni Mariya Madalena na Yohana na Mariya nyina wa Yakobo. N’abandi bagore bari kumwe na bo, baza kubibarira abatumwa. Ayo majambo ababera nk’umuyaga, ntibabemera. Petero yamara arahaguruka, yiruka ku ruhafu, arunama, abona impuzu zera ziri zonyene. Araheza asubira inyuma, atangajwe n’ivyari vyabaye.