Ibisomwa : Ib. vy’Abatumwa 2, 14. 22-33; IZABURI 15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11; 1 Petero 1,17-21; Luka 24, 13-35
Bavukanyi, tukoranye nk’Abakristu, kuri uwu musi urōngôra Umusi w’Imana wa 3 wa Pasika, ngo twibuke kandi dusabire Abarundi dusangiye igihugu c’Amavukiro bishwe mu 1972. Dukoranye nk’Abakristu bemera ko Yezu Kristu yapfuye akazuka, Imana “ikamukura mu vyara vy’urupfu: kanatsinda ntivayri gushoboka ko rumutsinda”, nk’uko twavyumvise mu gisomwa wa mbere. Ukwo kwemera izuka ry’Abapfuye rero ni kwo gutuma dukoranira hamwe tugasenga, dufise umwizero, ariko kandi turangura ibintu bibiri tubwirizwa nk’Abakristu: la mémoire et le pardon
- Ukwibuka (la Mémoire) kw’abakristu si ukuzura akaboze. Nkako, mu nkuka Nyeranda ya Pasika dusangira na Kristu twibuka ugupfa kwiwe, tugashemeza n’Izuka ryiwe, twemeza ko atari akahise, ariko ari ibirangukira no muri twebwe bikagira ico bihinduye mu buzima bwacu. La mémoire nous porte donc vers le Mémorial, soutenus par le Mémorial (Zikkaron) des Mémorials qu’est la Vie-Mort-Résurrection du Christ. Nk’Abakristu bemera izuka, turazi ko urupfu rudafise ijambo rya nyuma, ari naco gituma uwaka ubuzima uwundi nawe adashobora kugira ijambo rya nyuma. Ni ko, birashobora guteba, ariko ukuri kurateba kukaja ahabona, ababwirizwa gutunganirizwa bagasubizwa iteka n’agateka kabo. None jewe na wewe, uruhara rwanje ni uruhe kugira ngo abo bose bambuwe canke bamburwa iteka ryabo, bakakwa ubuzima, bubahirizwe batunganirizwe? Nta Mukristu yokwigira Sindabibázwa, kuko ico dusaba Imana ica iturungika ngo abe ari twebwe nyene tugikora.
- Impuhwe n’ikigongwe: Dúkoranye ngo twibuke abacu, ntitworengerwa n’amarira yonyene. Ni vyo, ukurira nta caha na kimwe kirimwo, kuko na Yezu yatewe imbabazi n’ababuze ababo, ( umupfakazi yari yabuze umuhungu wiwe: Raba Luka 7,11-15 ) canke we nyene yabuze umugenzi wiwe Lazaro, akamuririra (Raba Yohani 11,35). Ariko ko twemera ko inabi idashobora kugira Ijambo rya nyuma, tuba aba mbere mu kuyivamwo, kuko tuzi kandi twabonye ko yatugejeje habi, gutyo ntihagire uwo twipfuza ko vyoshikira. Turaheza tukaba maso, kugira ntihagire uwurondera kudusubiza inyuma, kuko ivyatubabaje tutokwemera ko hari uwundi bisubura gushikira. Nous tournons la page, après l’avoir lue bien évidemment. Ico tugaye, twanse, cane cane catubabaje, ntitwogikora, tugahamagarirwa kuvavanura n’imigenzo mibi yose yoba yararanze ababayeho muri ivyo bihe dukubitizako agatima, tukuzura agahinda, nk’uko twavyumvise mu gisomwa ca kabiri.
Twîshimikije rero Ijambo ry’Imana Ekleziya idutegekaniriza kuri musi w’Imana wa gatatu wa Pasika, tugire inyigisho tuhakuye.
Mu Nkuru Nziza twumvise, batubwiye abantu babiri bari baburaniwe kuko umwizero wose bari bafise wari wari waheze. Batubwiye uwitwa Kleofasi, uwundi baramuhora izina, kugira ngo jewe na wewe tuharonke ikibanza. Egome cane, uwovuga ko atarashika igihe abona ko umengo vyose biraheze, vyose bigafyondoka kuko ico twari twizeye, canke uwo twari duhanze amaso tumubuze, bimugoye, bamwivye utwo yahorana, canke bamwishe, (uwovuga uko) yoba ari umubeshi. Iyo bigenze uko turashobora guta umutwe (hari abasaze kubera amabi babonye mu vyago Uburundi bwagiye buracamwo). Turazimagirika kandi izuba ryaka, tugatsitagurika ahatéze. Nivyo twumvise kuri aba bigishwa babiri ngo bagenda baraharira. Uko navyumvise, ntibazi n’ukubivuga, bagira ngo ni ivyabaye. Murazi ko iwacu twagiye turatora amazina y’ivyo twabayemwo, bamwe ngo ni ihonyabwoko, abandi ngo ni ikiza, abandi ngo ni amagume…
Yezu rero arabegereye, abafasha kuvuga aho bagwaye, abafasha kuvyita izina, gutyo yendera aho abaha umuco. Ababajije ati: ivyo muvuga vyabaye ni ibiki? Baraheza bamubwira uko babibona. Araheza afata Ijambo, arabasigurira iyo ibintu biva n’iyo bija. Ngo “inyana igira amaso manini ariko ntiyibonera”. Iyo twiyugaranye mu twacu gusa, tuvugana n’abo tuvyumva kumwe, abo dusangiye imyidodombo n’amarira, hari ico tudashikako. Nk’abigishwa ba Kristu, turahamagariwe kwugurukira Imana n’abantu, tugasubiza amaso inyuma, tukarimbura kahise kacu, tukubakira hamwe kubu, tugategura kazoza keza kacu n’ak’abacu. Ijambo ry’Imana riraheza rikatumurikira, kuko ritwibutsa iyo tuba n’iyo tuja: twese turi “Bene-Mana”, dusangiye iteka rimwe, ari naryo shimikiro ry’agateka umw’umwe wese abwirizwa guhabwa n’uguha abandi (la dignité humaine, fondement des droits et devoirs).
Abakiriye Imana, abamenye Yezu Kristu baraheza bagatera iyindi ntambwe. Ils tournent la page. Ngo “muri iyo saha nyene, barahaguruka basubira i Yeruzalemu”. Ubwoba bwaheze, bamwe bariko binginga wa muntu ngo “Ingo tugumane aha burije n’izuba ryarenze”, ntibasubiriye kuvyibuka. Icabashitse ku nyota ntibagishoboye kucigungana, bagiye kugisangira n’abandi bibaza ko bacijiriwe. Noneho Imana yacânye, basanze na bo bamenye iyo Nkuru Nziza.
Bavukanyi, ntitwahawe Mutima w’ubwoba, ico twemera kandi twemeza ko ari ciza, ntitwocigungana. Nk’abakristu, ntidushobora gutekana hakiriho abantu bijiriwe, bugarijwe n’amaganya kuko agatongo kabo kanyazwe kandi ariho bari bazeye vyose, ntidushobora kurya ngo turyame hariho abatazi n’aho ababo bahamvye, ubona ko atari bake kubera indyane n’ingwano twagiye turacamwo. Ntidushobora gutekana hariho abatagira aho bakika umusaya: aba bigishwa babiri babwiye mugenzi wabo bati “gumana na twe burije”. Ngo “nta wusomera induru zivuga”. None jewe na wewe, ubwo hari ico tugira ngo abijiriwe, abumva ko baherewe basubire kumwenyura? Ntidushobora kwemera gutsindwa n’inabi, kandi ntitwokwemera ko haba n’abibaza ko ibintu bidashobora guhinduka ngo bibe vyiza kuruta. Ve hasi rero, ntimutinye, tanga intererano yawe kugira ibintu bihinduke, ariko wibuke ko uri ku rugendo hamwe n’abandi, ushire hamwe na bo, mugire ico mushitseko, mwuzuzanye. Erega Imana yaduhaye twe isi ngo tuyisangire, yaduhaye Uburundi ngo butubere Umuvyeyi wa twese.
Ntitwibagire ko Imana yamana na twe igafatanya urugendo na twe, n’aho tutobimenya nk’aba bigishwa. Ntiyaduhevye rero, yaratwemereye ko izokwamana na twebwe, abo yacunguye, gushika ku muhero w’isi (raba Matayo 28,20). Twumvirije Ijambo ryayo, tugakomezwa n’Ukaristiya, nous tournerons nos pages sombres. Iri Jambo ry’Imana tuzirikana kuri uwu musi, ni ridufashe twese, natwe dufashanye mu guhanahana ivyiyumviro, umwe wese mu vyo ashoboye, abwirijwe kandi ahambije, ngo imitima igituntuye isubire kuremerana, amaso yijiriwe asubire kuronka agahimbare ko kumwenyura n’ugutwenga. Amen.
Tugire Kristu.
Roma, 29 Ndamukiza 2017.
Patiri Lambert RIYAZIMANA.