Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA- Umwâka A (Yezu, Umwungere mwiza)

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA- Umwâka A (Yezu, Umwungere mwiza)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa  (2, 14a. 36-41)

(Imana yamugize Umukama, imugira Kristu)

Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atareza ijwi ati : « Banyisraeli mwese uko mungana, bimenye kandi si ivy’imbeshere, uyo Yezu mwabamvye, Imana yamugize Umukama, imugira Kristu. »

Abantu bari aho bumvise ayo majambo, umutima urabatonganya. Niko kwegera Petero n’abandi batumwa, bati : « Mbega, benewacu, none tugire dute ? » Petero na we arishura ati : « Nimwisubireko, vyongeye umwe wese muri mwebwe n’abatizwe kw’izina rya Yezu Kristu, ngo abashe kuronka ikigongwe c’ibbicumuro vyiwe ; niho rero muzoronka ingabirano za Mutima Mweranda. Bisubiye, abahawe wa muhango, ni mwebwe n’abana banyu hamwe n’bari kure bose, eka abo bose Umukama Imana yacu izohamagara. »

Petero yongera kubabwira n’ayandi majambo menshi, abahanura ati : « Nimwirinde abo bantu b’ubu bazimiye. » Abakiranye igishika ayo majambo barahava rero barabatizwa, kandi uyo musi abiyongeyeko barashika nk’ibihumbi bitatu.

IZABURI 22 (23), 1-3a. 3b-4. 5. 6

Icit : Umukama ni We mwungere wanje, ntaco ndibukene.

Canke : Alleluya.

Umukama ni We mungere wanje, sinzokena ;
Ni We amvyagiza mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremesha umutima wanje ubudasiba.

Ni We anyoborera mu nzira nziza, kubw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya n’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje, kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu buzima bwanje, namana impore n’ubuhirwe ;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubuzima bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (2, 20b-25)

(Mwaragarutse ku mwungere abazigamira imitima)

Ncuti zanje,
Nimwaba muhorwa ivyiza mwakoze mukabirinda rugabo, iyo ni ingabirano mu maso y’Imana. Ico noneho ni co mwahamagariwe, kuko na Kristu yababaye kubwanyu, abasigarana akarorero kugira ngo mukwirikize inzira yaberetse : We nta gicumuro yari yakoze, nta kinyoma cigeze mu kanwa kiwe, We yaratutswe ntiyabasubiza, yarababajwe ntuyabahigira, ariko yizera uwuca urubanza rw’ukuri ; We nyene yaratwaye ibicumuro vyacu mu mubiri wiwe, abambwa ku giti, kugira ngo dupfe ku gicumuro, tube bazima mu butungane ; inguma ziwe ni zo zabakijije.
Erega, mwari mwazimiye nk’intungwa, ariko noneho mwaragarutse ku mwungere abazigamira imitima.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Jewe ndi wa Mwungere mwiza ;
Ndazi intama zanje, na zo zikamenya.
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 1-10)

(Jewe ndi irembo ry’intama)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abafarizayo ati : « Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye : Uwutinjiriye mw’irembo ariko akamenera mu canzo mu rugo rw’intama, ni umwivyi n’umushimusi. Uwinjiriye mw’irembo we, ni umwungere w’intama. Ni we umurindarembo yugururira, intama na zo zikumva ijwi ryiwe : ahamagara intama ziwe, imwe imwe mw’izina ryayo, akaziturutsa. Amaze kuzisohora zose, akazitembera imbere, na zo zikamukwirikira, kuko zizi ijwi ryiwe. Ntizikwirikira umuvamahanga, ziramuhunga ariho kuko zitamuzi ijwi. »

Uwo ni wo mugani Yezu yabaciriye, ariko ntibategereye ico yashaka kubabwira. Yezu rero asubiramwo ati : « Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : jewe ndi irembo ry’intama. Abaje imbere bose ni abivyi n’abisuma, ariko intama ntizabumvirije. Jewe ndi irembo : uwinjiye mw’irembo ryanje azokira, azokwinjira ateko asohoke, arishe n’ubwatsi. Umwivyi azanwa n’ukwiba, kuniga n’ugutikiza gusa. Jeho naje ngo intama zironke ubuzima, kandi ubuzima nya buzima. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi