IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya (3, 14-18a)
Nezerwa mwigeme wa Siyoni kuko Umukama ari iwawe
Muhimbare wa Siyoni, vuza impundu ! Tamba utarike, Israyeli ! Mwigeme w’i Yeruzalemu, himbarwa, umutima wuzuye akanyamuneza ! Umukama yaragukijije urubanza rwari rukugeramiye, yaragukuyeko umwansi wawe ; Umukama ni we mwami w’Israyeli, araguhagarikiye : nta co ucinona. Kuri uyo musi, bazobwira Yeruzalemu bati: « Subiza umutima mu nda, Siyoni, ntucike inkokora. Umukama Imana yawe, ya ntwari mu rugamba, muri kumwe. Uzomutera agahimbare, urukundo rwiwe ruzogusubiza itoto : azokwiyereka, akuvugirize impundu, nko kw’isabukuru. »
IZABURl Izaya 12, 2-3, 4bcd, 5-6
Icit. : Nitunezerwe, duhimbarwe,
kuko Umweranda w’Israyeli ari hagati yacu.
Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, nta co ngitinya ;
kuko Umukama ari we bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.
Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israyeli !
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya
Urahiriwe Bikira Mariya wewe wemeye:
Muri wewe, Ijambory’Umukama ryaárarângūtse
Aleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 39-45)
Umusi umwe, Mariya yarahagurutse agenda yihuta mu misozi, aja mu gisagara co mu Buyuda. Ashitse yinjira mu nzu kwa Zakariya, aramutsa Elizabeti. Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, umwana arakakaza mu nda. Elisabeti yuzuwe na Mutima Mweranda, aca ashira ijwi hejuru, ati : « Warahezagiwe, mu bandi bagore, kandi n’umwana wibungenze arahezagiye ! Mbega, iryo teka ry’uko nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa, ndaritewe n’iki ? Mbaye ncumva amajambo y’indamukanyo yawe, umwana mfise arakakaza mu mbanyi, akanyamuneza kariko karamusya. Eka urahiriwe, wewe wemeye ko iryo watumweko n’Umukama rizotaha !
Mariya rero aca avuga ati:
«Umutima wanje uraninahaza Imana,
Umushaha wanje wahimbawe
n’Imana yo Mukiza wanje.
Kuko yibutse umuntu wiwe mutomuto,
kuva ubu abantu bose bazonyita muhirwe.
Nkako Rugira vyose yangiriye ibitangaza,
izina ryiwe ni ryeranda.
Agirira ubuntu abamwubaha bose,
uko imvyaro zikurikirana.
Yerekanye ico ukuboko kwiwe gushobora,
asanzaza bene umutima wishima.
Yarakuye ku ngoma abahambaye,
yimika abicisha bugufi.
Abashonje yarabahagije ivyiza,
abatunzi na bo abarungika zirayoye.
Yarabungabunze Israyeli umusavyi wiwe,
yibuka ubuntu bwiwe
yaraganiye Aburahamu n’uruvyaro rwiwe imyaka yose,
nk’uko yari yaravyemereye ba sokuru bacu.»
Araheza Mariya agumana na Elizabeti nk’amezi atatu, hanyuma arataha i muhira.