Umwaka A, B na C (ibisomwa ntibihinduka)
IGISOMWA CA MBERE
Igisomwa ca mbere, bagitora mu bisomwa bine bikurikira :
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 11, 1-9
Aho hantu bahita Babeli, kuko ariho Umukama yayoberanirije ururimi rwabo
Muri ico gihe, abantu bose bavuga ururimi rumwe, bagakoresha amajambo amwe. Ni uko : bariko barimuka bagana i Burasirazuba, babona ikiyaga mu gihugu c’i Shinari : bagereraho. Baraheza barvugana bati : « Ngo tubumbe amatafari, tuyaturire neza. » Bakoresha amatafari ha gukoresha amabuye, na kaburimbi mu kibanza c’ubudongo. Bavugana bati : « Ngo twiyubakire igisagara n’umunara uzoshika kw’ijuru, kugira ngo twironkere izina rurangiranwa, twoye gusabagira kw’isi yose. »
Maze, Umukama amanuka ngo arabe ico gisagara n’uwo munara abana b’abantu bariko barubaka. Umukama avuga ati : « Bose bagize igihugu kimwe, kandi bose basangiye ururimi rumwe ; iyi ni yo ntango y’imigambi yabo ! Erega, ntaco bazokwituma kizobananira. Ngo tumanuke, tuyiberanye ururimi rwabo, boye kuba bacumvikana.»
Ni uko rero, Umukama abasabagiza kw’isi yose ; baca baheba kwubaka ca gisagara. Nico catumye aho hantu bahita Babeli, kuko ari ho Umukama yayoberanirije ururimi rwabo kw’isi yose, kandi ari ho Umukama yabashwiragirije kw’isi yose.
II
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 19, 3-8a. 16-20b
Umukama azomanuka ku musozi wa Siyoni imbere y’igihugu cose
Kuva aho Abanyisrayeli baviriye mu Misiri, bagashika mu gahinga ka Sinayi, bagacumbika ahatumberanye n’uwo musozi, hari mu kwezi kugira gatatu. Niho Moshe yaduga aho Imana iri.
Kuri uwo usozi nyene, Umukama aramwakura ati : « Ng’ibi ivyo uja kubwira umuryango wa Yakobo, ukabimenyesha n’abana b’Israyeli :
Mwarabonye ayo nakoreye Abanyamisiri, namwe nkabatwarira mu kirere ngo ndabiyegereze. Kuva ubu rero, nimwanyumvira, mukagumya isezerano ryanje, ni mwebwe muzoba igihugu niharije mu bindi vyose. Isi yose ni rwanje, ariko mweho muzoba igihugu c’abasaserdoti, igihugu ceranda. Ng’ayo amajambo uzoshikiriza Abanyisraeli. »
Moshe yaciye akoranya abashingantahe b’igihugu, abashikiriza ivyo Umukama yamutegetse vyose. Igihugu cose cishurira rimwe giti : « Ivyo Umukama yavuze vyose, tuzobikora. »
Bukeye ku musi ugira gatatu, haza igicu kininiya gitwikira umusozi, inkuba zirasana, imiravyo irenyeza, inzamba zirayaga. Abantu bose baca baratetemera aho bari mu nsago zabo. Moshe aca akura abantu mu nsago, abajana gusanganira Imana ; baraheza bahagarara hepfo y’umusozi. Umusozi wa Sinayi wari ukikijwe n’umwotsi mwinshi, kuko Umukama yari yururukanye n’umuriro ; umwotsi waduga nk’uwuvuye mw’itanure, kandi umusozi wose waranyiganyiga. Inzamba zirushirizaho kuyaga. Moshe yaravuga, Iman ana Yo ikamwishurira mu mituragaro. Umukama araheza amanuka ku musozi wa Sinayi, aca abwiriza Moshe gusubira ku musozi.
III
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri : 37, 1-14
Magufa yumye, ngiye kubaha umutima wanje, mube bazima
Umukama yamfashe ukuboko anjana mu kabande, ako kabande na ko kari kuzuye amagufa. Arangenduza hose iyo hava hakagera ; ayo magufa yariho na yo yari isinzi nk’iryo, mugabo yose yari yarumye.
Araheza ambarira ati : « Mwana w’umuntu, ayo magufa azoteba abe mazima ? » Nanje nti : « Mukama, urandusha kubimenya ! »
Na We arasubizayo ati : « Barira ayo magufa uti : Magufa yumye, nimwumvirize iryo Umukama avumereye ati : Ngiye kubasubiza ubuzima, ndabaterateranye, mbahe imibiri n’ubwenge, maze muce mubaho kandi mwemere ko ari je Mukama. »
Aho mvugiye ivyo natumwe, naciye numva igihuhusi, hanyuma ya magufa atangura kwegerana. Ngo ndabe, mbona imitsi, inyama n’urukoba bimaze kworosa ya magufa ; mugabo hari habuzemwo umutima w’ubwenge.
Umukama asubira kumbarira ati : « Hamagara imitima na yo uti : Ng’iri irivumerewe n’Umukama Imana : Ngw’ino, muve ku miyaga ine, mwa mitima, muhumekere kuri aba bapfu, bahinduke bazima ! » Nanje nca mvuka nk’uko ambariye, imitima ibinjiramwo, barahagarara ari bazima, ari ingabo nyinshi cane.
Umukama aca ambarira ati : « Mwana w’umuntu, ayo magufa ni wa muryango wose w’Israeli. Na kare bahora bavuga ngo : amagufa yacu yarumye ; nidukure ikizigizigi, ntaco tukirorereye ! None nawe wobabarira uti : Umukama agiye gufurura imva zanyu, abakureyo, abasubize mu gihugu canyu c’Israeli. Uti agize ivyo, niho muzomenya ko ari We Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize igihugu canyu, gutyo niho muzomenya ko ari Je Mukama : narabivuze kandi nzobirangura. » Ng’iryo iryo Umukama avumereye.
IV
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoheli : 3, 1-5
Umuzirikanyi wanje nzowushira kandi mu basuku no mu ncoreke
Ng’iri iryo Umukama ayaze :
Nzokwiza mu bantu umuzirikanyi wanje ;
abahungu n’abakobwa banyu bazobūra ibizoza,
imisore yanyu izobonekerwa.
Muri irya misi, umuzirikanyi wanje nzowushira
Kandi mu basuku no mu ncoreke.
Kw’ujuru no kw’isi nzohaserura ibitangaro :
haseruke amaraso, umuriro n’ibipfungu vy’umwotsi.
Izuba rizohinduka umuzimagiza,
ukwezi na kwo gucike umutuku w’amaraso,
umwanya umusi w’Umukama uzoba utarashika,
ariwo musi w’agahambaye n’agaterabwoba.
Ariko, uwuzotakambira izina ry’Umukama azokizwa.
IZABURI 103 (104), 1-2a. 24. 35c. 27-28. 29bc-30
Icit : Mukama, tuma umuzirikanyi wawe,
uhindure n’isi.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama, Mana yanje, uri mukuru cane !
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza nk’igikwemu.
Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga ;
isi ihinda itunga ryawe.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Bose narindiriye
Ko wobakora mu minwe igihe kigeze ;
urabibaha, bakavyakiriza yompi,
uragaranzura ibiganza, bagahazwa n’ivyiza vyawe.
Winyegeje, igihumura gica kibica,
baca barumara, bagasubira mw’ivu.
Ubasubije agatima, ng’abo barakomeye ;
kandi ugaca uhindura n’isi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 8, 22-27
Mutima aradusabira
Ncuti zanje,
Turazi neza yuko gushika ubu isi yose yiganyira nk’umuvyeyi ari ku nda. Kandi ga, si yo gusa ; na twebwe nyene, n’aho tumaze kuronka ingabirano za mbere za Mutima Mweranda, turaciganyira mu mutima, twiteze ko umubiri wacu urokoka. Erega, ubukiriro turabwizigiye ; ariko, uwubonye ico yari yizigiye, ntaba akicizigiye : ibimaze kuboneka, boshobora kuvyizigira gute ? Ariko, ukwizigira ico utarabona, ni kwo kubirindira udatezuka.
Niko, na Mutima Mweranda arasdufasha mu ntege nke zacu, kuko tutazi ico twosaba ngo dusenge nk’uko bikwiye. Mutima we nyene ubwiwe aradusabira, mu kunihira. Uwusoma mu mishaha na We, aramenya ico Mutima yipfuza, kandi arazi ico asabira aberanda gihwanye n’ico Imana ishaka.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Ingo, Mutima Mweranda, niwuzuze imitima y’abakwemera !
Gira ko urukundo bagufitiye rwomera muri bo
Nk’umuriro waka !
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 7, 37-39
Ku musi ufundikira ya misi mikuru ariwo waruta iyindi, Yezu yari ahagaze mw’isengero, ashira ijwi hejuru ati : « Uwunyotewe, n’anyegere anywe ! Uwunyemera, inzuzi z’amazi abeshaho zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’uko inyandiko zibivuga. »
Ivyo yabivugira Mutima abamwemera bazoronka ; na none, Mutima ntiyari bwaze kuko Yezu atari bwaninahazwe.