IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (8, 2-3. 14b-16a)
(Yaraguhembuje imfungurwa utari bwabone
Kandi ba sogokuruza bawe batari bwafungure)
Muri irya misi, Musa yabwiye umuryango w’Israeli ati : « Israeli we, urame wibuka rwa rugendo Umukama Imana yawe yakugirishije mu gahinga imyaka mirongo ine yose, kugira ngo agucishe bugufi, akugerageze, amenye akari mu mutima wawe, kugira ngo arabe ko uzokwumvira amabwirizwa yiwe canke ko uzomugambararira. Yaragucishije bugufi, akwumvisha inzara, aguhembuza mana utari bwabone kandi na ba sogokuruza bawe batari bwafungure, kugira ngo akwereke ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko abeshwaho kandi n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.
Ntuze wigere wibagira ko Umukama Imana yawe ari We yagukuye mu gihugu ca Misiri, akagukiza ubuja. Ni We yagucishije muri karya gahinga gateye ubwoba bwinshi, karimwo inzoka zikomora n’utumina tw’ubumara bwica, mu gihugu cagadutse kitagira amazi. Ni We yaguhaye amazi ava mu gitandara c’ibuye, ni We yaguhembuje imfungurwa ikoroka iva mw’ijuru, ba sogokuruza bawe batari bwabone. »
IZABURI 147 (148), 12-13. 14-15. 19-20
Icit : Gihugu c’Imana, igine Umukama.
Canke : Alleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
nawe Siyoni, shemeza Imana yawe !
ni We yashimangiye ibikingi vy’ibirimba vyawe,
akaguhezagirira abana bawe.
Ni We atekakanya imbibe zawe,
Akaguhimbisha akanovera k’ingano.
Ni We arungika ijambo ryiwe kw’isi,
Rigaheza rikagenda riranyaruka.
Ni We yamenyesheje Yakobo ijambo ryiwe,
Agashikiriza Israeli amabwirizwa yiwe n’ingingo ziwe.
Nta kindi gihugu na kimwe yagiriye ben’uko,
Nta kindi gihugu na kimwe camenye ingingo ziwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 16-17)
(Umukate ni umwe, n’aho turi benshi, turi umubiri umwe.)
Ncuti zanje,
Mbega, igikombe c’umuhezagiro ari co duhezagira, si kwo gusangira amaraso ya Kristu ? Mbega, umukate tumanyura, si kwo gusangira umubiri wa Kristu ? None rero, ko hari umukate umwe, n’aho turi benshi, turi umubiri umwe, kuko dusangiye twese kuri uyu mukate umwe.
URURIRIMBO
(Bakoresha urwo ruririmbo babonye bibereye, bakarukoresha rwose canke bagatangurira kuri aya majambo « Ng’uwo umukate w’Abamarayika ».)
Siyoni we, shimagiza Umukiza wawe,
Shimagiza Umuyobozi n’Umwungere wawe,
Umuririmbire, umuvyinire.
Nk’uko ubishobora, n’abe ariko ubigerageza:
Kuko arengeye amashemezo yose,
Ntuzokwigera ushobora
kumushemeza uko bikwiye
Icatuzindukanye uyu musi
Uwo dushaka kuririmbira,
Ni wa mukate muzima kandi utanga ubuzima.
Ni wo nyene benewabo cumi na babiri bihereje Aho rero, impundu n’isamirane,
Hamwe bazimanwa inzimano nyeranda, inzamba nizasirane,
nk’uko dusanzwe tubizi. twuzure agahimbare.
Kuko turamutse twibuka uyu musi w’akaroruhore,
aho izo mfungurwa twihereza
zarenguka ubwa mbere
Kuri ayo meza y’Umwami mushasha, Ivya kera birabishije bishasha,
ni ho Pasika y’Isezerano rishasha icijiji kibisa ikiri ukuri,
yasubirira iya kera. ahari ijoro hasubiye umurango.
Ivyo Kristu yagize kuwa kane mweranda,
yabwirije abiwe kuzokwama babigira
Nk’uko twavyigishijwe, Ico abakristu bemera,
n’iryo tegeko ryeranda duhora ni uko umukate uhinduka
duhindura umukate n’umuvinyu Umubiri w’Umukama, umuvinyu na wo
mu nkuka y’ubukiriro. ugahinduka Amaraso yiwe.
Ico ubwenge budashobora gutegera n’amaso ntakibone,
ukwemera kuragishingira intahe,
n’aho bidahwanye n’uko ibintu vyari bisanzwe.
Muri ivyo bishusho bidasa,
hihishijemwo amabanga y’agatangaza y’Umukama.
ari ibimenyetso gusa atari ivyo bimenyesha,
Umubiri wiwe ni imfungurwa
amaraso yiwe ni inyobwa
ariko ntibibuza Kristu kaba wese
mu bishusho vyompi.
Mu kumwakira, ntibamumanyura,
ntibamuvungura, ntibamugabura;
bamwakira wese uko ari.
Umwe amuronka uko ashaka, Abeza baramuronka, ababi bakamuronka :
igihumbi ni kwa kundi, ariko ivyo bahakura ntibisa,
yamara ntibamumara. ni ubuzima canke urupfu.
Bibera urupfu ababi, bikabera ubuzima abeza;
raba nawe ingene mw’isangira rimwe
havuyemwo amaherezo atandukanye.
Iyo Ihostiya imanyuwe, Ntibamumanyura namba,
ntugire ukwemera guke hamanyuka ibishusho gusa;
aba wese mu kimanyu nawe akaguma kwa kundi,
nko muri Hostiya yose. uko angina n’uko asa.
Igisomwa kigufi gitangurira aha
Ng’uwo umukate w’Abamarayika, Ng’ibi ivyamuranze kera :
Wabaye imfungurwa y’abakiri ku rugendo; ugutangako inkuka Izahaki,
Ni ukuri, ni umukate ubereye abana, Umwagazi wa Pasika,
Atari uwo guterera intozo. na manna y’abasokuru.
Mwungere mwiza, mukate w’ukuri, Wewe uzi vyose ugashobora vyose,
Wewe Yezu, tugirire ikigongwe; wewe uhembura abaraririye gupfa,
n’uduhembure, n’uduhangaze, n’uduhe kuba abanywanyi bawe mw’ijuru,
maze uduhe kubona ivyiza ba samuragwa n’ababanyi
mu ntara y’abazima. bazokwamana n’Aberanda bawe.
AMEN. ALLELUYA.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa mukate muzima wavuye mw’ijuru.
Uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. »
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 51-58)
(Umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri.)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati : « Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru ; uwuriye uwo mukate, azokwamaho imyaka yose. Vyongeye, umukate nzotanga, ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima. »
Abayuda baja mu vyo guharira bavuga bati : « Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye ? » Yezu arababwira ati : « Ni ukuri, ni ukuri, ndabibabwiye : mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera, nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka.
Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyen’ubuzima yantumye ari We ambeshaho, niko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uwo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru : ntumeze nk’umwe ba sokuru banyu bariye, hanyuma bagapfa ; uwuzorya uwo mukate azoramba mu myaka yose. »
A reblogué ceci sur La Parole de Dieu nous éclaire au quotidien !et a ajouté:
L’amour du Seigneur pour les hommes l’a poussé à rester au milieu de nous à travers le Sacrement de l’eucharistie. Nous l’adorons et nous le bénissons. RESTE AVEC NOUS SEIGNEUR.
J’aimeJ’aime