Menya neza: Inama y’Abepiskopi Gatorika b’Uburundi n’Urwanda bahisemwo guhimbaza Umusi mukuru wa Karoli Lwanga na bagenzi be, Abamaratiri b’i Buganda, (usanzwe uhimbazwa ku wa 3 Ruheshi) ku musi w’Imana wa mbere ukurikira Imisi Mikuru y’inyuma ya Pentekoti, iyo ata wundi musi mukuru uhari.
Mu Burundi no mu Rwanda rero ejo bazohimbaza Abamaratiri b’i Buganda nk’Umusi Mukuru cane.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 8-11. 14-16a)
Imana ihezagira umukenyezi yakiriye umuhanuzi
Umusi umwe, Elize yari aciye mu gisagara c’i Shunemi, hanyuma umukenyezi atunze, yaba muri ico gisagara, amutumira iwe. Kuva ubwo, Elize aramutse atumbereye muri ico gisagara, yama aza gufungura iwe. Umusi umwe, wa mukenyezi abwira umugabo wiwe ati : « Urya muntu ahora aza kuturamutsa ni umweranda w’Imana. Ingo tumutegurire akumba gatoyi hejuru, dushirereyo uburiri, ameza, intebe n’itara. Niyagaruka kuturamutsa aheze aruhukireho. »
Umusi umwe, Elize ahaciye, ashikira muri kino cumba. Elize na we ngo abone ingene bamwakiriye, arondera ingene yokenguruka ; niko kubaza umusuku wiwe Gehazi ati : « Mbe ubona uyo mupfasoni ineza twomugirira ari iyihe ? » Gehazi asubizayo ati : « Raba nta kana agira kandu umugabo wiwe aramaze kugera mu zabukuru. » Elize aramutuma ati : « Genda umumhamagare. » Wa musuku aragenda guhamagara wa mukenyezi ; na we araza ashika ahagarara mu muryango. Elize amubwira ati : « Mu mwaka utaha, nk’aya mango, uzoba uhetse. »
IZABURI 88 (89), 2-3. 16-17. 18-19
Icit : Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya !
Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava,
ukudahemuka kwawe na kwo kurahangamye mw’ijuru ».
Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama,
bazogendera imbere y’inyonga zawe zikayangana, Mukama ;
izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose,
ubutungane bwawe bukarushirizaho kubahimbara.
Ububasha bwabo burangiranwa kubwawe,
ubutwari bwacu ubuserura mu kudutonesha ;
nkako, Umukama ni We nkinzo yacu,
uwo Mweranda w’Israeli ni We Mwami wacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (6, 3-4. 8-11)
Ko Ibatisimu yaduhamvye hamwe na We, nitugenzwe n’ubuzima bushasha
Ncuti zanje,
Ntimuzi ko twebwe twahawe Ibatisimu yaYezu Kristu, twabatijwe twese mu rupfu rwiwe ? Iyo Batisimu rero yaduhamvye hamwe na We. Nk’uko Kristu yazutse mu bapfuye kubera ubunihnahazwa bwa Se, niko natwe dutegerezwa kwigenza mu buzima bushasha.
Ariko, ko twapfiriye hamwe na Yezu Kristu, twemera ko tuzosangira n’ubuzima, kuko tuzi ko Kristu yamaze kuzuka atagisubira gupfa, urupfu rutakimushobora. Urupfu rwiwe rwarir urwo kuvavanura n’igicumuro.
Na bwo ubuzima bwiwe yabutuye Imana. Namwe rero niko kw’uko : murame mwigenza nk’abavavanuye n’igicumuro, bahererje ubuzima bwabo Imana muri Yezu Kristu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Muri indanga zitorewe n’Imana, musangiye ubusaserdoti na Kristu Umwami, muri igihugu gihunzweko ubweranda ; nimumenyeshe rero ubukomezi bw’Uwabakuye mu mwijima akabashira mu muco wiwe w’akatabonetse.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo
(10, 37-42)
Uwutakiriye umusaraba wiwe ntakwiye kuba uwanje.
Uwubakirije yompi aba yakiriye jewe nyene.
Umusi umwe, Yezu yabariye abatumwa biwe ati : « Uwundutisha se canke nyina, ntakwiye kuba uwanje. Uwundutisha umuhungu wiwe canke umwigeme wiwe, ntakwiye kuba uwanje. Uwutakiriye umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntakwiye kuba uwanje. Uwizigitiriye ku buzima bwiwe, azobubura ; na we uwuzobuheba kubwanje, azoburonka.
Uwubakirije yompi, aba yakiriye jewe nyene ; na we uwumfashe neza, aba afashe neza Uwantumye. Uwuzimanye umuhanuzi kuko ari umuhanuzi, azoronka impera y’umuhanuzi ; uwuzimanye intungane kuko ari intungane, na we azoronka impera y’intungane. Urya na we azozimya inyota y’umwe muri abo batobato, n’aho coba igikombe c’amazi asanzwe, akakimuha kuko ari umwigishwa wanje, ni ivy’ukuri ndabibabariye, uwo ntazobura impera yiwe. »