Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IDOMINIKA YA 16 YO MU MWAKA (Umwâka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (12, 13. 16-19)

Abacumuye urabaha uburyo bwo kwisubirako

Nta yindi Mana atari Wewe yitwararika abintu vyose, kugira ngo werekane ko udaca urwa ngondagonde. Ubutungane bwawe bushimikiye ku bubasha bwawe, kandi ntutwaza umukazo kuko vyose ari ivyawe. Abanse kwemera ubukuru bwawe, urabumvisha ububasha bwawe ; ababuzi na bo iyo bimonogoje, urabatetereza. Ariko, kuko atawokunanira, ubacira uruciye ku ngingo, kandi udutwara utwengenga ; kuko upfa kubishaka, ububasha bwawe bugaca bwibonekeza. Mu kugenza utyo, washatse kwereka igihugu cawe ko umuntu w’intungane ategerezwa kwigenza runtu, atuma abana bawe bizera ko, n’aho bazoba bagucumuyeko, uzobaha uburyo bwo kwisubirako.

IZABURI 85 (86) 5-6. 9-10, 15-16a
Icit : Uri mwiza, Mukama, uri Umunyakigongwe.

Weho, Mukama, uri mwiza, uri Umunyakigongwe,
ukunda rwinshi abagutabaza.
Shima igisabisho ngushikirije, Mukama,
ntiwiyobagize akajwi kanje gacura intimba.

Intara zose waremye zizoza
Zikubite ibipfukamiro imbere yawe, Mukama,
ngo zininahaze izina ryawe.
Na none uri Umugabo w’abagabo, ivyo ukora ni agatangaza,
ni Wewe Mana nzima kandi uri umwe rudende.

Ariko, Wewe Mukama,
uri Imana Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
ntugira uko ishavu rigize,
urakundana kandi ntuhemuka,
ngarukira, ugireko ungirire ikigongwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abayaroma (8, 26-27)

Mutima Mweranda ni we adushiramwo agatima ko gusenga

Ncuti zanje,
Niko na Mutima Mweranda aradufasha mu ntege nke zacu, kuko tutazi ico twosaba ngo dusenge nk’uko bikwiye. Mutima we nyene ubwiwe aradusabira, igisabisho ciwe si ic’amajambo. Uwusoma mu mishaha na we aramenya ico Mutima yipfuza, kandi arazi ko ico asabira aberanda gihwanye n’ico Imana ishaka.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (13, 24-43)

Igisomwa kigufi (13, 24-30)

Reka, bikurane vyose gushika kw’igesa

blé et ivraieMuri irya misi,
Yezu yaciriye ishengero ry’abantu uyu mugani, ati : «Ubwami bw’ijuru busa n’umuntu yabivye imbuto nziza mu murima wiwe. Umwansi na we ahengera abantu basinziriye, abiba urwamfu mu ngano hagati, arigira. Ingano zirakura, zimaze kuyangika, urwamfu na rwo ruraseruka. Abasuku bagenda kubwira senaka bati : ‘Mbega Mukama, ntiwari wabivye imbuto nziza mu murima wawe ? None ko harimwo urwamfu, vyagenze bite ?’ Abishura ati : ‘Ni uwunyanka yarubivye.’ Ba basuku bamusubiza bati : ‘None, ushaka ko tuja kururandura ?’ Na we abishura ati : ‘Oya, mururanduye, mwohava murandurana n’ingano. Reka, bikurane dushikire igesa ; rigeze, nzobwira abagesa nti : ‘Banze murandure urwamfu, murutekere mu mikama izoturirwa ; ingano na zo muzimburire mu kigega canje’.»

Igisomwa kigufi giherera aha

Yezu yongera kubiganira uwundi mugani, ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’agatete k’isinapi umuntu yateye mu murima wiwe ; ni gato mu zindi ntete zose, ariko gakuze, gasumba izindi mbuto zose zirimwa, kikaba mbere igiti, n’inyoni zo mu kirere zikaza kwarika mu mashami yaco ! »

Abacira uwundi mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’umwambiro umukenyezi yakiriye agasuka mu ngero z’ifu zitatu gushika vyose bikakame. »
Ivyo vyose Yezu yavyiganiye ishengero mu migani, kandi ntaco yababwira atakivuze mu migani, kugira ngo iryavuzwe n’umuhanuzi ritahe, ngo : « Iryo nzovuga rizoza mu migani, nzohishura ivyanyegejwe isi itararemwa. »

Hanyuma ahejeje kurungika ishengero, Yezu aza imuhira. Abigishwa biwe baramwegera bamubaza bati : « Dusigurire wa mugani w’urwamfu. » Na we arabasubiza ati : « Umubivyi yibibira imbuto nziza, ni Umwana w’umuntu ; umurima na wo, ni isi ; imbuto nziza na zo, ni abana b’Ubwami ; urwamfu, ni abana b’Umubi ; umwansi yarubivye, ni shetani ; igesa, ni umuhero w’isi ; abageshi, ni abamarayika. Nk’uko rero barandura urwamfu ngo baruturire, uko ni ko bizogenda no ku muhero w’isi. Umwana w’umuntu azorungika abamarayika biwe, bakure mu Bwami bwiwe abo bose batirimukije abandi be n’inkozi z’ikibi, babatembagarize mu nyenga y’umuriro, bazoharirire, baharyanishirize insya z’amenyo. Intungane na zo zizokwakaka nk’izuba mu Bwami bw’Imana Se.
Uwufise amatwi niyumve ! »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :