Menya neza:
Uwu mwaka, uwu musi mukuru uhwaniranye n’umusi w’Imana wa 18 wo mu mwaka A.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (7, 9-10. 13-14)
Impuzu yiwe yarêra nk’urubura
Ndashishikara ndaraba : mbona bateguye intebe, Umutama ayivyagirako. Impuzu yiwe yarera nk’urubura, umushatsi wiwe urtyoroye nk’ubwoya bw’intama itagira inenge. Intebe yiwe yaca ibibatsi nk’umuriro kandi ifise imizingo y’ibishirira. Uruzi rw’umuriro rwadudubiriza imbere yiwe. Abamukorera bari injojo n’injojo, na ho imbere yiwe hari hahagaze amajana n’amajana. Bariko baraca imanza ibitabu vyuguruye.
Mu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo mw’ijuru. Araheza aregera wa Mutama, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji, icubahiro n’ubwami, kugirango amoko yose, intara zose n’indimi zose zimusenge. Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho, ubwami bwiwe ni ubwami butazotituka.
IZABURI 96 (97), 1-2. 5-6. 9
Icit : Umukama ari ku ngoma, ni We Rudasumbwa asumba vyose.
Umukama ari ku ngoma ! Isi n’itarike !
Kandi amazinga menshi n’atarike !
Ibicu n’umwiza biramukikije,
ingoma yiwe ihagazeku butungane no ku ngingo.
Imisozi na yo ngo ibone umwami w’isi yose,
ica irashonga nk’ibishashara.
Ijuru rihaya ubutungane bwiwe,
intara zose zigaca zibona ubuninahazwa bwiwe.
Kuko Wewe, Mukama, uri Rudasumbwa asumba vyose,
ukaba hejuru y’ibigirwamana vyose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri ry’Umutumwa Petero (1, 16-19)
Iryo jwi twararyumvise rivuye mw’ijuru
Bakunzi banje,
Erega, hamwe twabamenyesha ububasha hamwe n’amaza y’Umukama wacu Yezu Kristu, ntitwakurikiye imigani yarementanijwe n’incabwenge, ni uko twiboneye imbonankubone inganji yiwe. Nkako, yahawe n’Imana Se iteka n’ubuninahazwa, hamwe ijwi ry’ubuninahazwa bw’agahore rigiriye riti : « Uyu ni Umwananje nyagukundwa, ni We ampimbara.» Iryo jwi twararyumvise rivuye mw’ijuru hamwe twari kumwe na We kuri wa musozi mweranda.
INKURU NZIZA
Mu mwaka A
Alleluia, alleluia.
Muri ca gicu gica ibikeke,
ijwi rya Data rirumvikana riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane:
nimumtege amatwi. »
Alleluia
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 1-9)
Mu mâso hîwé hākāka nk’îzûba
Umunsi umwe,
Yezu yihereranije Petero na Yakobo na mwenewabo Yohani, abajana ku mutumba muremure. Araheza arahinduka imbere yabo : mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe na zo zaca ibibatsi nk’umuco. Buno nyene Moshe na Eriya barababonekera baganira na Yezu.
Petero rero abwira Yezu ati : « Mukama, hano hatumereye neza ! Ubishatse twohaguma, tukahaca insago zitatu, urw’iwawe n’urwa Moshe n’urwa Eriya. »
Buno nyene akivuga, igicu gica ibikeke kirabahwikira, ijwi rikivugiramwo riti : « Uyu ni Umwananje nkunda cane mfise ku mutima ; nimumutege amatwi ! »
Ba bigishwa ngo bumve iryo jwi, barahundagara, bagwa igihumura, bubika amaso hasi. Hanyuma Yezu arabegera, arabakorako, ababwira ati : « Ve hasi kandi mureke gutinya ! » Na bo ngo bataramure amaso, ntihagira uwundi babona atari Yezu we musa.
Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, Yezu ababwira ati : « Ntihagire uwo muzobwira ico mwabonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. »
Mu mwaka B
Alleluia, alleluia.
Muri ca gicu gica ibikeke,
ijwi rya Data rirumvikana riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane:
nimumtege amatwi. »
Alleluia
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (9, 2-10)
Uyu ni Umwana wanje nkunda cane
Umusi umwe,
Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abajana bonyene ahiherereye ku musozi muremure. Araheza arihindura babona : impuzu ziwe zirakayangana nk’umwerasi wahejeje, bimwe ata mumeshi kw’isi yoshobora kweresha impuzu ukuraho.
Hanyuma, Eliya na Moshe barababonekera, baganira na Yezu. Buno rero Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : ingo, tugire insago zitatu, rumwe rw’iwawe, urundi rwa Moshe n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari azi ico yariko aravuga kuko bari bacitse ivutu.
Haza igicu kirabatwikira, muri nya gicu kandi hava ijwi riti : « Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumwumve ! » Buno nyene, baravye irya n’ino, nta wundi n’umwe babona hamwe na bo, atari Yezu musa.
Bariko baramanuka nya musozi, Yezu arababuza kugira uwo babwira ico bari babonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. Na bo bakora uko ababwirije ; ariko babazanya bonyene ivyo ari vyo ‘ukuzuka ava mu bapfuye’.
Mu mwaka C
Alleluya, alleluya.
Muri ca gicu gica ibikeke,
ijwi rya Data rirumvikana riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane:
nimumtege amatwi. »
Alleluia
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 28b-36)
Ariko arasenga, arakayangana mu maso
Umunsi umwe, Yezu yihereranije Petero, Yohani na Yakobo, aduga ku musozi, aja gusenga. Hano akiriko arasenga, mu maso harahinduka, ivyambarwa vyiwe vyera de, bica ibibatsi. Ng’abo abantu babiri bariko baramuganiriza : ni Musa na Eliya. Baboneka mu buninahazwa, bavugana na We rwa rugendo agira arangure i Yeruzalemu.
Petero na bagenziwe bari baremerewe n’itiro ; ngo bikangure, barabona ubuninahazwa bwiwe n’abantu babiri bahagararanye na We. Aho bari mu kumwikebanura, Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : tugire insago zitatu : rumwe rw’iwawe, urundi rwa Musa n’urundi rwa Eliya.» Ntiyari akimenya ico avuga.
Hano akibivuga, haza igicu kirabatwikira, na bo ubwoba burabatekera hano kibatwikiriye. Muri nya gicu kandi hava ijwi rivuga riti : « Uyo ni Umwana wanje natonesheje, nimumwumve !» Iryo jwi rimaze kuvuga, Yezu asigara wenyene. Abigishwa biwe barabihora, muri ico gihe ntihagira n’umwe biganira ivyo bari babonye.