IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 25-28)
Imana iratwakura ngo idukebure
Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Mwebwe muhora muvuga muti: «Umukama agira ibitumvikana.» Tega amatwi, muryango w’Israyeli: Mbe ingiro yanje ni yo igoramye? Ubwo si mwe mwigenza ukutari ko? Iyo intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we, iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurirkiza ukuri n’ubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa.
IZABURI 24 (25) 4-5b, 6-7, 8-9
Icit.: Ibuka, Mukama, urukundo rwawe.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe. Urantumbereza ukuri,
uranyigisha, ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Ntiwibuke ubugaba bwo mu buto bwanje,
uranyibuka jewe nyabuna kubera urukundo rwawe.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama!
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato akabatumbereza mu butungane,
abicisha bugufi akabigisha inzira yiwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (2, 1-11)
Igisomwa kigufi : 2, 1-5
Muramane wa mutima Kristu yari afise
Ncuti zanje, ndabasavye nshimitse kw’izina ry’ijambo ry’akamarampaka mwashikirijwe muri Kristu, kw’izina ry’urukundo rumara amazinda, kw’izina ry’ubumwe twunze muri Mutima no kw’izina ry’igishika cuzuye impuhwe ndabafitiye, ndabasavye munyuzuze akanyamuneza mu kwamana umutima umwe: sangire urukundo, muhuze imitima, muname rimwe, mwigizeyo icobakwegera mu macakubiri, mureke kwishima; nimwicishe bugufi, umwe wese abone ko abandi bari n’ico bamurusha; ntihagire uwurazwa itiro n’ibimuteza imbere wenyene, niyiyumvire igiteza imbere abandi. Igihe cose muri hamwe, muramane wa mutima Kristu yari afise:
Igisomwa kigufi giherera aha.
N’aho yamanye akamere k’Imana, ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana; ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku, mu kwigira umuntu asa n’abandi; yigenjeje nk’umuntu asanzwe, arushirizaho mbere kwicisha bugufi, aragamburuka gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose, kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga, kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama, ngo Imana Se ininahazwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje,
kandi ndazizi, vyongeye zirankurikira.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (21, 28-32)
Arigaya, aragenda. Abatozakori n’abanyakabi bazobatanga mu Bwami bw’Imana
Muri irya misi,Yezu yabariye abaherezankuka bakuru n’abakurambere b’igihugu ati: «Mbega uru rubanza mworuca mute? Hari umugabo yari afise abahungu babiri. Yegera uwa mbere amubwira ati: “Mwananje, genda uyu musi gukora mu mizabibu yanje.” Na we ati: “Ntaho nja.” Ngo amare akanya, arigaya, aragenda. Nya mugabo yegera uwa kabiri, amubwira kwa kundi. Uwo arishura ati: “Ndagiye.” Ariko ntiyagenda. Muri abo babiri, ni uwuhe yakoze ico se wiwe ashaka?» Bishura bati: «Uwa mbere.» Yezu asubizayo ati: «Ni ukuri ndababariye: abatozakori n’abanyakabi barabatanze mu Bwami bw’Imana. Kuko Yohani yazanaye inzira y’ubutungane, muraheza ntimwamwemera, ariko abatozakori n’abakora ibiterasoni bo baramwemeye, namwe ngo mubibone, murabura n’agatima ko kwigaya kobatuma mumwemera.»