IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (5, 1-7)
Umurima w’Umukama Nyeningabo ni wa muryango w’Israeli
Hinge ndongorore agahogo ndirimbire umukunzi wanje
Akaririmbo k’urukundo afitiye umuzabibu wiwe.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu
Mu kabande kamera cane.
Nya murima arawurima, awukuramwo amabuye,
awuteramwo umivyaro y’ibiti vyizavyiza vy’imizabibu.
Hagati yawo, ahubaka umunara,
iruhande ahimba urugarama.
Yari yiteze gusoroma imiabibu nyayo,
ariko uwo muzabibu wamye ibiturumbwe.
None bantu b’i Yeruzalemu n’abo muri Yuda,
ducire urubanza twe n’uwo murima wanje !
hari ico nari kugirira umurima wanje,
ntawugiriye ?
Nari niteze ivyamwa vyiza,
none raba haje ibiturumbwe !
Umve rero, murazi
Uko nzogira uwo murima wanje :
nzosambura uruzitiro,
intungwa zize kuharisha,
nsambure uruhome,
abantu bihonyangire.
Nzowugira umusaka,
ntihagire uwuwubagarira canke ngo awurimire,
habe ishamba ry’amatovu n’amahwa ;
ibicu na vyo nzobibuza,
ntibibe bikiharekurira imvura.
Uwo murima w’Umukama, Imana y’ingabo,
ni umuryango wa Israeli ;
ico giterwa yari yitoreye,
ni abantu ba Yuda.
Yari yiteze ubutungane,
None amaraso abarizwa iwabo ;
yari yiteze ukuri,
none birirwa mu marira no mu nduru.
IZABURI 79 (80), 9. 12. 13-14. 15-16. 19-20
Icit : Umuryango wa Israeli ni wo wa murima w’Umukama.
Wa muzabibu wabátura mu Misiri,
ukawubadika mu kwirukana ibihugu ;
amashami yawo agakurira ku kiyaga,
imivyaro yawo ikagarukira ku Rûzi.
Ni kuki warânduye uruzitiro rwawo ?
None abahita bose barawisoromera ;
ingurube zo mw’ishamba zikawutikiza,
na zo inyamaswa zo mu mwonga zikawuvumbura.
Mukama, Mana y’ingabo, n’ugaruke ;
n’urabire mw’ijuru, wihweze ;
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditswe n’ukuboko kwawe kw’ukuryo.
Ntaho tuzosubira kukuvirira,
uzodusubiza amagara, natwe twambaze izina ryawe.
Mukama, Mana y’ingabo, tugarure ;
twerekezeko inyonga zawe,
tuzoca turokoka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (4, 6-9)
Ivyo bibe ari vyo mukora.
Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.
Ncuti zanje,
Ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose, nimusabe Umukama, mumutakambire mu gukenguruka, kugira ngo ivyo mumuzamba bimenyekane mu nyonga z’Imana. Ni ho amahoro y’Imana, yo asiga ubwenge bwose, azobazigamira imishaha n’ivyiyumviro muri Kristu Yezu.
Ahasigaye, benewacu, ikintu mukwiye kwitwararika, ni ico cose kirimwo ukuri, ubutungane, ingingo, ubweranda, urukundo n’iteka, ingeso yose imota ubuntu, eka n’ineza yose abantu bashima bagashimagiza. Ivyo nabigishije n’ivyo nabahaye, ivyo mwanyumviseko n’ivyo mwambonyeko, murabe ari vyo mukora. Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Jewe nabatoye mbakura mu bandi,
kugira ngo mugende mwongere mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (21, 33-43)
Imizabibu azoyishinga abandi barimyi
Muri irya misi,
Yezu yabariye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ati : « Nimwumve uyu mugani. Habaye umugabo yari afise itongo rinini, atera imizabibu, arayizitiran shiramwo ubwato bw’ukugana, yubakamwo inzu y’abarinzi ; araheza ayisigarana abarimyi, aca yigra mu mahanga. Hageze gusoroma, atuma abasuku biwe kuri ba barimyi, ngo bamwakire ivyavuye muri ya mizabibu yiwe. Ariko ba barimyi bafata ba basuku, umwe baramukubita, uwundi barica, uwa gatatu bamutera amabuye. Yongera gutuma abandi barusha aba mbere ubwinshi, babagira kwa kundi. Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, yibwira ati : ‘Baza gusonera umwana wanje.’ Babonye umwana wiwe, abarimyi babwirana bati : ‘Ng’uyu samuragwa : ingo tumwice, tumutware iragi.’ Baramufata, bamujana inyuma y’umurima, baramwica. None nyenimizabibu niyaza, azogira ate abo barimyi ? »
Bamwishura bati : « Azokwica nabi abo bagome, imizabibu na yo, azoyishinga abandi barimyi, bazohengera yeze, bamuzanire ivyamuwe. »
Yezu rero ababwira ati : « Ntimurasoma mu Bitabu Vyeranda ngo : ‘Ibuye abubatsi bari bataye, ni ryo ryabaye iremezo ry’inzu ; ng’ico igikorwa c’Umukama kandi ni agatangaza mu maso yacu !’ Ni co gituma ndababariye ko bazobaka Ubwami bw’Imana bakabwihera igihugu kizokwamisha uwo murima. »