Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Vivons en Eglise » Eglise locale » Eglise Catholique au Burundi » Abarundi barungitswe mu butumwa i Roma barakiriwe icese

Abarundi barungitswe mu butumwa i Roma barakiriwe icese

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 14 gitugutu, harabaye ihwaniro ryo kwakira Abasaserdoti n’abihayimana baherutse gushika mu gisagara ca Roma no mu micungararo yaho, akaba ari naryo ritorerwamwo inzego zifasha gutunganya ivy’umugwi muri uwo mwaka uba utanguye. Inkuka y’imisa yatanguye isaha zitanu z’igitondo irongowe na Patiri Albino Bukuru (imvukira ya Diyoseze ya Ngozi) yari asanzwe arongoye uwo mugwi mu mwaka w’ubutumwa n’ivyigwa uheze, ari kumwe n’abasaserdoti batari bake bava mu madiyoseze yose y’i Burundi n’abihebeyimana bava miryango isanzwe ikorera ubutumwa mu Burundi.

Ni akamenyero keza ko umugwi w’Abarundi ugizwe n’Abasaserdoti, Abihayimana n’abari muri iyo nzira wakira abarungitswe mu butumwa i Roma no mu micungararo yaho. Abo nabo benshi muri bo baba barungitswe mu butumwa bw’ukwiga n’ugukabura ubwenge, abandi nabo bakaza mu butumwa buranga Abihayimana nyene.

Muri iryo hwaniro rya mbere ritangura umwaka, rikaba risanzwe ryakira abasaserdoti n’abihebeyimana gusa, Patiri Albino yarakiriye n’abashitsi badasanzwe. Abo nabo ni Musenyeri Bernardo Ntahoturi, Umwepiskopi wo mw’Ishengero ry’aba Anglikani, aheruka kugenwa ngo ariserukire ku kirimba ca Papa, akaba yashimye kuza gusangira igisabisho natwe, ubona ko turi abasangirarugendo mu vy’ukwemera gushingiye kuri Kristu, kandi dusanzwe dufashanya vyinshi mu Burundi no kw’isi yose (œcuménisme), nk’uko yabivuze na we nyene ahawe ijambo mu mwanya wari wabigenewe. Abandi nabo ni abavyeyi babiri (uwo muri diyoseze nkuru ya Bujumbura n’uwo muri diyoseze ya Muyinga) bariko bávūza abana babo mu bitaro Bambino Gesù vy’i Roma, uwo mugwi w’Abarundi ukaba usanzwe ubaba hafi uko ushoboye nyene.

Lire la suite à la source : Abarundi barungitswe mu butumwa i Roma barakiriwe icese


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :