Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwaka A)

IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwaka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (45, 1. 4-6)

Ubukuru bwose buri mu minwe y’Imana

Ng’iri ijambo Umukama yashikirije umwami Sirusi, yari yitoreye, akamufata ukuboko kw’ukuryo, ngo agende guhonya intara, anyage abami bo kw’isi, asambure amarembo y’ibisagara, inzugi ntizibe zicugarwa.
«Naguhamagaye mw’izina kubera umusavyi wanje Yakobo,
kubera Israyeli nitoreye,
ndagutera iteka n’aho utari unzi.
Ni jewe Mukama kandi nta wundi,
nta yindi Mana iriho atari jewe.
N’aho utari unzi, narakurungitse mu rugamba,
kugira ngo kuva mu buseruko gushika mu burengero,
bamenye ko vyose ari ubusa, ndetse jewe.»

IZABURI 95 (96) 1. 3, 4-5, 7-8, 9-10a

Icit.: Hereza Umukama ikaze n’iteka.

 Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama.
Mwiganire abapagani ko ari We aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Na none, Umukama ni kamiranzovu, akwiye kuninahazwa,
ariganje ntabangabanganwa n’ivyitwa imana iyo biva bikagera;
ivyiyita imana vyose vyo mu ntara ni ubusa,
Umukama ni We yaremye amajuru.

Hereze Umukama, mwa miryango y’intara,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe,
mumushikanire, mushike imbere yiwe.

Senge Umukama arangwa n’ubweranda;
nawe wa si, hinda agashitsi mu nyonga ziwe.
Cire agace abapagani muti: «Umukama ari ku ngoma,
ni We aca urubanza akurikije ubutungane.»

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (1, 1-5b)

Ntiduhengeshanya kwibuka ukwemera, urukundo n’ukwizigira mufise

Twebwe Pawulo, Silivano na Timote, turandikiye Ekleziya y’Abanyatesalonika ishimikiye ku Mana Data no ku Mukama Yezu Kristu, tubipfurije inema n’amahoro. Twama dukengurukira Imana kubera mwese uko mungana, uko tubibutse mu bisabisho vyacu: ntiduhengeshanya kwibuka, imbere y’Imana Dawe wa twese, umwete mufise mu kwemera, uburuhe bw’ibikorwa murinda kubera urukundo, ukudatirigana kwanyu mu kwizigira, ivyo vyose tukamenya ko bikomoka ku Mukama wacu Yezu Kristu.

Erega, benewacu bakunzi b’Imana, turazi yuko muharurwa mu bo yitoreye. Inkuru Nziza twabigishije ntiyagarukiye ku majambo gusa, ariko yarangukiye mu bukomezi, muri Mutima Mweranda no mu mwizero utagira amazinda n’intete.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Murasayangana nk’amatara kw’isi,
kuko mutwara Ijambo ry’ubuzima.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 15-21)

Nimuhe Sezari ivya Sezari, ivy’Imana na vyo nimubihe Imana

Dieu et CésarUmusi umwe,
Abafarizayo bagiye kuja inama y’ingene bofatira Yezu ku majambo yiwe. Ni ko rero kurungika abigishwa babo n’abantu ba Herodi ngo bamubaze bati: «Mwigisha, turazi neza ko uri imvugakuri kandi wigisha inzira ishikana ku Mana udacishije iruhande, kandi nturinda kuraba umuntu uwo ari we, abantu bose ubafata kumwe. Tubwire rero ico wiyumvira kuri ibi: Ubwo, uguha ikori Sezari canke kurimwima, igishemeye ni ikihe?»

Yezu na we yabona ububi bwabo, abishura ati: «Mwebwe ba berahino, ni kuki muntega imitego? Nyereke ifaranga ritangwako ikori.» Baraheza bamuzanira idenariyo. Na we ababaza ati: «Iyi shusho iriko, ni iya nde? Iki candiko co, ni ica nde?» Bati: «Ni ivya Sezari.» Araheza ababwira ati: «Nimuhe rero Sezari ivya Sezari, ivy’Imana na vyo nimubihe Imana.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :