Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA -Umwaka A

IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA -Umwaka A

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (31, 10-13. 19-20. 30-31)

Umukenyezi yitonda aba ari n’agaciro

Ni nde azoronka umukenyezi atagira akanenge? Ibimuciye biruta na kure ibiciye intabonwa nziza cane. Umunega wiwe yama amwishimiye, amuzeyeko ivyiza vyinshi. Imisi yose babana, ni we gahimbare kiwe, nta magorwa azomutera. Arajisha, agatāka, eka arabangutse mu bikorwa. Yamana inyuzi mu ntoke, intoke ziwe ziraberereye. Aboro abakiriza yompi, agatabara abakene.
Ugushaza kurahenda, ubutore bw’umubiri na bwo nta co bumaze, ariko umukenyezi akwiye gushemezwa, ni urya yubaha Umukama. Muramuronsa igice c’ivyo yakoreye, ibikorwa vyiwe na vyo bimurange mu marembo y’igisagara.

IZABURI 127 (128) 1-2, 3, 4-5

Icit.: Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama.

Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe!
Uzotungwa n’ibikorwa vy’amaboko yawe,
uzohirwa, uzonezerwa!

Umugore wawe azoba nk’ingundu y’ibitoke vyama cane,
ari ikare mu nzu yawe ;
abana bawe bazoba nk’amashami akikije ingundu,
bakikije ameza yawe.

 Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa umuntu yubaha Umukama.
Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire,
ubone Yeruzalemu iroraniwe
mu misi yose y’ubuzima bwawe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (5, 1-6)

Umusi w’Umukama ntububire nk’igisuma

Ncuti zanje,
Ivyerekeye igihe n’isango vy’amaza y’Umukama, ntimukeneye ko ndabibandikira. Namwe nyene murazi neza ko umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma mw’ijoro. Aho bazoba bavuga bati: «Hari amahoro, nta nkomanzi!», ni ho ya makuba azobarwako giturumbuka, nka kurya imbanyi ifata umukenyezi yibungenze, kandi ntazobasiga.

Ariko, mweho, benewacu, ntimuri mu muzimagiza ngo uwo musi ububire nk’igisuma, kuko mwese muri abana b’umuco n’abana b’umutaga. Ntimuri ab’ijoro canke ab’umwijima. None rero, ntidusinzire nka ba bandi, ariko nitwame tugavye kandi nitwigerere.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe;
uwuguma muri jewe ni we yama vyinshi.»
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 14-30)

 Igisomwa kigufi: 25, 14-15. 19-21

Washirutse ubute mu bitobito, ingo unezerwe hamwe na shobuja

Parabole-des-talentsMuri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati: «Ibizoba mu gihe Umwana w’umuntu azozira, ni nk’ivy’umuntu yagira ngo amare urubanza, agahamagara abasuku biwe akabasigarana ibintu vyiwe. Uwa mbere amuha itarenta zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu imwe; eka umwe umwe wese ico bikwiranye. Aca aragenda.

Igisomwa kigufi kiba kiragarukiye aha

Umwe yaronse zitanu aragenda, aracuruza yunguka izindi zitanu. N’umwe yaronse zibiri agira kuno nyene, yunguka izindi zibiri. Uwari yaronse imwe na we aragenda, yimba ikinogo, azikamwo itarenta ya shebuja.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Imisi ihaciye, shebuja wa ba basuku aragaruka, abaza umwe umwe ingene yakoresheje ibintu vyiwe. Noneho, uwari yaronse itarenta zitanu araza, amuhereza izindi zitanu, ati: “Muhanyi, wari wansigaranye itarenta zitanu, ng’izi izindi zitanu nungutse.” Shebuja aramubwira ati: “Ni vyiza, uri umusuku w’umutima. Ko washirutse ubute mu bitobito, nzogushinga n’ibiruta ivyo. Ingo, unezerwe hamwe na shobuja.”

Igisomwa kigufi giherera aha

Umwe yaronse itarenta zibiri na we araza ati: “Muhanyi, wari wansigaranye itarenta zibiri, ng’izi izindi zibiri nungutse.” Shebuja aramubarira ati: “Ni vyiza, uri umusuku w’umutima. Ko washirutse ubute mu bitobito, nzogushinga n’ibiruta ivyo. Ingo, unezerwe hamwe na shobuja.” Umwe yaronse itarenta imwe na we araza ati: “Muhanyi, ndazi ko uhambara, ugesa ivyo utabivye, wimbura ivyo utarimye. Nagize ubwoba, mpisha itarenta yawe mu kuzimu, none ng’ibi ivyawe.” Shebuja aramwishura ati: “Musuku mubi, wa kinebwe we, wari uzi ko ngesa ivyo ntabivye, nkimbura ivyo ntarimye. Uba washiriye ivyanje abadandaza, ngo ngarutse ndonke ivyanje, ndonkane n’inyungu. Nimumwake itarenta yari yaronse, muyihe uwufise cumi.”

Uwutunze bazomwongerereza atunge ibiruta, na we uwutaco afise, bazomwaka n’ico yagira ngo arafise. Nayo iyo mburakimazi, nimumute hanze mu mwijima, ni ho amarira abarizwa, ni ho bakomaniriza amenyo.»


Un commentaire

  1. Nijimbere Gilbert dit :

    Kristu Shemezwa Nukuri Ndabashimiye Kurako Kigoro Mugira Mukudushikiriza Ingaburo Y’umutima.

    J'aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :