Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI

IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (34, 11-12. 15-17)

Imana, Umwami n’Umwungere wa Israyeli, ni We Mucamanza

Bon BergerNg’iri iryo Umukama Imana avumereye.
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje, ndazibungabunge. Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe zashwiragiye, ni ko nzobungabunga intama zanje, ndazikure aho hose zashwiragiriye ku musi w’igipfungu. Ni jewe nyene ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicura: – uko ni ko Umukama Imana avuze.- Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye; nzokanda iyakomeretse, mvure iyirwaye; iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho, ndayiragire mu butungane. Namwe, busho bwanje, – uko ni ko Umukama Imana avuze, – menye ko ngiye guca urubanza, nsobanure intama n’izindi, ntandukanye impfizi z’intama n’amasuguru y’impene.

IZABURI 22 (23) 1-2a, 2b-3, 5-6

Icit.: Umukama ni We mwungere wanje, nta co nokena.

Umukama ni We mwungere wanje,
sinzokena;
ni We amvyagiza mu canya c’ubwatsi buremvye.

Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.
Ni We anyoborera inzira nziza ku bw’izina ryiwe.

Untegurira ameza mu maso y’abansi;
waransize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu buzima bwanje
namana impore n’ubuhirwe;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubuzima bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 20-26. 28)

Azoheza ashikanire ubwami Imana Se, kugira ngo Imana ihangame muri vyose

Ncuti zanje,
Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ari we abatangurira. Ko urupfu rwazanywe n’umuntu umwe, n’izuka ry’abapfu rizanwa n’umuntu umwe. Nk’uko abantu bose bapfa muri Adamu, ni ko abantu bose bazozuka muri Kristu. Mugabo, umwe umwe wese azoronka ikibanza bikwiranye: Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire igihe azogaruka. Hanyuma vyose bizorangira, aho azoshikiriza Se wiwe ya ngoma yamuha, mugabo abanje gutsinda Inganji zose, Ubukuru n’Ububasha. Kuko birakwiye ko ahangama ku ngoma gushika umusi azoba yatsinze abansi biwe bose. Umwansi yanesheje ubwa nyuma, ni urupfu. Ibintu vyose nivyamara kumwegukira, Umwana w’Imana azoheza yishikane ku wamuhaye inganji y’ibintu vyose, kugira ngo Imana ihangame muri vyose.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Iragahezagirwa ingoma ya sokuru wacu Dawudi, ari yo ngoma y’ibihe bishasha! N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama!
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 31-46)

Azovyagira ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe, aheze abasobanure

Christ-RoiMuri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Aho Umwana w’Umuntu azogarukira mu buninahazwa bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe bose, azovyagira ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe. Abantu bose bazokoranira imbere yiwe, aheze abasobanure nk’uko umwungere asobanura intama n’amahushi: intama azoziherereza iburyo, na yo amahushi ibubamfu.

Umwami azobarira abari iburyo bwiwe ati: “Nimuze, batoni ba Data, muronke ubwami yabateguriye isi itararemwa. Narashonje murangaburira, naranyotewe murampa utwo nywa, nari akavantara murantora, nagenda gusa muranyambika, nari ndwaye murandaba, ndi mw’ibohero murandamutsa.” Aberanda na bo bazomwishura bati: “Mukama, twakubonye ryari ushonje tukakugaburira, unyotewe tukaguha ico unywa? Twakubonye ryari uri akavantara ngo tugutore, ugenda gusa tukakwambika? Twakubonye ryari urwaye canke uri mu ngoyi tukakuraba?” Umwami na we azobishura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye, ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo batobato mu bo tuvukana, ni je mwakigiriye.”

Azobarira abari ibubamfu na bo ati: “Nimumvireho mwa bivume mwe, mugende mu muriro udahera wateguriwe Shetani n’abamarayika bayo. Narashonje ntimwangaburira, naranyotewe munyima utwo nywa, nari akavantara ntimwantora, nari gusa ntimwanyambika, nararwaye, nja mw’ibohero, ntimwandaba. Na bo bazomwishura bati: “Mukama, twakubonye ryari ushonje, unyotewe, uri akavantara, uri gusa, urwaye, uri mw’ibohero, turaheza ntitwagutabara?” Azobishura rero ati: “Ni ukuri ndabibabwiye, ico cose mwanse kugirira umwe umwe muri abo batobato, ni je mwanse kukigirira.” Bano rero bazotabwa mu mahano adahera, aberanda na bo binjire mu buzima budahera.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :