IJAMBO UMWEPISKOPI WA NGOZI ASHIKIRIJE ABAKRISTU MU GUTANGAZA IVYAPFUNDITSWE MU NAMA YA MBERE Y’UMURYANGO WA DIYOSEZE YA NGOZI
Nyenicubahiro Mwepiskopi mukuru, Ntumwa ya Papa mu Burundi,
Nyenicubhiro Mwepiskopi wa Muyinga ukaba urongoye Inama y’Abepiskopi gatorika b’i Burundi
Benicubahiro Bepiskopi b’Ekleziya gatorika bo mu Rutana, Ruyigi na Bubanza
Banyenicubahiro mwaserukiye Intwaro y’igihugu cacu n’izindi nzego
Ba nyenicubahiro mwese muvuka muri Diyoseze yacu, namwe mwese bagenzi ba Diyoseze,
Basaseredoti b’Umukama, Ntore za Rugira muri mw’ibanga ry’ukwihebera Imana,
Banyakwubahwa banyenama mwaserukiye abandi mw’isasa ry’Inama y’Umuryango wa Diyoseze,
Banyakwubahwa bakristu balayike mwese ba Diyoseze ya Ngozi: Kristu Umwami !
- Ng’uyu umunsi Ekleziya – muryango y’i Ngozi yari imaze igihe irindiriye. Imana ishimwe kandi ishimagizwe, ko iwudushikanyeko tugishobora kuyihaya. Nkundire mbere tuyihe impundu kuri uyu munsi wayo ! Uyu munsi twatanguye kuwitegurira kuva ku wa 27 Munyonyo mu 2005, igihe ka Mwungere wa Diyoseze ya Ngozi navuga nti: birakwiye ko tugira Inama y’Umuryango wacu wa Diyoseze ya Ngozi. Mfatiye kuri rya jambo ry’Imana rigira riti : “ Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana” (Mat.5,9), ihangiro nahaye iyi Nama ryabaye iri ngo: “Duhinduke, twijukire ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe”.
Muti mbega iyo Nama yaje gute ?
- Imvo nkurunkuru zatumye dutunganya iyi Nama y’Umuryango wa Diyoseze ya Ngozi, ni zibiri. Imvo ya mbere iboneka dusangiye na Ekleziya yose y’i Burundi, ifatiye ku butumwa bw’Ekleziya mu vy’ukuremesha amahoro. Kuva igihugu cacu kigiye mu bihe vy’ukwikukira, ntici geze gihengeshanya kuja kiragwa mu rwimo, mbere ukamengo ni nk’akaroge ! Urwo rwimo na rwo rwerekana inzankano, ugukumirana, agakengerwe, induru n’i ngwano, biciye kubiri n’inkuru nziza y’urukundo n’amahoro, dushinzwe kumenyesha. Ivyo rero ntivyashobora kureka gusimbisha umutima abantu nka twebwe, dushinzwe kwigisha inkuru nziza ya Yezu Kristu, tuzi ko ivukanisha kandi igatumirira abantu kubana mu mahoro. Ni co gituma twese Abungere b’Ekleziya y’i Burundi twahavuye tubona ko hakwiye kuba Inama z’imiryango ya Diyoseze mu Burundi bwose, kugira ngo, muri rusangi, nka Ekleziya, twijukire kandi turushirizeho kuba umwambiro w’amahoro n’ugusubiza hamwe.
- Imvo ya kabiri twashize imbere muri Diyoseze yacu ya Ngozi, ni iyifatiye ku karangamutima k’Ekleziya ubwayo. Kuva mu myaka 1951, Ekleziya y’i Ngozi ntiyari bwashobore gutunganya Inama yayo nkuru y’Umuryango, kugira ngo ije mu gihe ca none, mu karangamutima kayo. Kuva ku “Ndinganizo nyobozi y’Ekleziya y’i Burundi yo mu 1951”, Ngozi yaronse ikiri Icibare ca kabiri c’Ubutumwa bwa Papa mu Burundi, naho Ngozi hagati aho yari yahavuye ironka irembo ikitwa Diyoseze, yari yameze nk’iyigumye ha handi. Hari rero akari kagihaze, kuko hagati aho hari ibintu vyahindutse, haba mu vy’Inyigisho vyasubiwemwo mu Nama Nkuru y’Ekleziya yabereye i Vatikano ubwa kabiri mu 1962, canke mu vy’Amategeko y’Ekleziya yatangajwe icese mu 1983. Ni imvo rero yerekana ko Ekleziya yari ikeneye cane kwinagura, kugi ra ngo yinjire mu ntumbero nshasha y’inyigisho n’amategeko bigezweko, ibone gurtyo kurangura neza ubutumwa yashinzwe.
- Ico ni co cantumye mu guha ubwahuro iyo Nama y’Umuryango wa Diyoseze, nitiza aya majambo y’Umuhanuzi Izaya, nti : “Ni muze tuduge ku mur ambi w’Umukama, Umukama atwiyigishirize inzira y’amahoro” (Iz.2,3). Nkako nyene, kumwe k’umurimyi mwiza yama abanza kugongora n’ugukarisha isuka, iyo bikenewe mbere akabanza n’ukuyinaguza imbere yuko aza kuyirimisha, ni ko nanje nabonye ko bikenwe ko twese ababatijwe bo mu gisata ca Diyoseze y’i Ngozi, twobanza kwemera tukaduga ku murambi w’Umukama, kugira twinagure, dusubire ku karanga k’Ekleziya – muryango, nkuko tubisanga mu ntango z’Ekleziya. Ni muri ubwo buryo nabonye ko Ekleziya yacu ishobora kurangura neza ubutumwa bw’ukuremesha amahoro n’ugufasha abantu gusubiza hamwe. Nkako nyene, ntawutanga ico adafise : abadashize hamwe ngo babane mu mahoro, boshobora gute gufasha abandi gusubiza hamwe n’ukubana mu mahoro ?
Muti none ivyamwa mwakuye muri iyo Sinode ya Diyoseze ni ibihe ?
- Tumaze kuja ku murambi w’Umukama, tukumviriza kandi tukinovora Ijambo Imana ituyagira, tukanoganza inyigisho Ekleziya idushikiriza, hanyuma tugahindukira tukaraba ivyo twabayemwo n’ivyo tubayemwo muri iki gihugu cacu, twasanze iyo Mana i twoh e je kugira ibintu bibiri bikuru bikuru. Kwubaka Ekleziya – muryango n’ukuba Ekleziya ndemeshamahoro. Kandi ivyo bibiri, uretse ko tubisanga mu karanga k’Ekleziya nkuko Kristu yayishatse kandi n’abakristu bambere baka biduhako akarorero, ni ibintu bifatanye. Turabwirijwe kuba Ekleziya – muryango, Ekleziya y’abantu biyumvanamwo, bakundana nk’abavandimwe, bafashanya , kugira ngo tubashe kuba Ekleziya ndemeshamahoro, kuko ntawutanga ico adafise. Ntitwoba indemeshamahoro tutabanye twebwe nyene mu mahoro nk’abantu basang iye umuryango.
- Muri ico gihimba ca mbere c’ukwubaka Ekleziya – muryango, twabanje kwihweza neza akaranga k’iyo Ekleziya twiyemeje kwubaka. Twabihereye mw’Ijambo ry’Imana, turabona ko n’abakristu bambere ari yo Ekleziya bari bubatse; turaja mu nyigisho y’Ina ma Nkuru ya Vatikano ya kabiri aho yigisha ko Ekleziya ari “igihugu c’Imana”; “ikoraniro ry’abasangiramutima”: Duca twibukanya ko Inama nkuru y’Abepiskopi yari yerekeye umuce w’Afrika mu 1994, yaciye ibona ko mu majambo yumvikana ku banyafrika, Ekleziya tw oyigereranya n’umuryango. Kuko mu muryango, abantu barashize hamwe, bariyumvanamwo, ntibangana bose kandi ntibakora bimwe, mugabo baranganya iteka. Kandi, mu muryango mwiza, ntawigira sindabibazwa mu bitunga umuryango no mubiwutera iteka. Vyongeye, abagize umuryango baritwararika gufashanya badasigana, kuko bazi ko basangiye ugupfa n’ugukira, kumwe ibisangiye imizi bisangira n’ukwuma.
- Twandurutse ngaho tuvuga ko iyo Ekleziya – muryango ikeneye abatumwa. Twaraciye irya n’ino abatumwa bose iyo Ekleziya ikene ye, ingene bo torwa bakarerwa kandi bakigenza, kuko muri iyo Ekleziya bose babwirijwe kuba nk’abasuku. Duca ture rekana ikibanza n’uruhara rw’abasaseredoti, abihebeyimana, abalayike muri rusangi, abamenyeshamana n’abandi batumwa balayike muri iyo Ekleziya – muryango. Twarashimangiye ko inkingi remezo z’iyo Ekleziya – muryango zibwirijwe kuba ubwa mbere ingo z’abakristu, zizi ibanga ryazo kandi zirigendera, na cane cane mu kwitwararika kuvyara neza n’ukurera neza. Ubwa kabiri imibano mitomito y’abakristu izi kwiriho ngo ize irasanganirira iwayo Yezu Krist u ayizanira inkuru nziza ibavukanisha ikabigisha kuba indanga z’urukundo rwitwara rikana rugatezanya imbere. Twaciye twibukanya ko icukurya gihambaye kibeshejeho kandi giteza imbere iyo Ekleziya – muryango mu maparu wase no mu zindi nzego zose, ari imbere ya vyose : Ijambo ry’Imana ryakiriwe n’abakristu bakemerea ko ribahindurira ubuzima bakaba bashasha, ari co gituma babwirijwe kwijukira gutunga ibitabu vy’Ijambo ry’Imana ngo babashe kurisoma n’ukurizirikana bitabago ye. Ubwa kabiri ni amabwirizwa y’Imana n’ay’Ekleziya, amasakramentu, ugusenga n’ayandi masabamana kuko bidufasha kwubaka iyo Ekleziya – muryango, cane cane iyo tugiye turazirikana ayo mabwirizwa n’ayo masakramentu tuyerekeza ku buzima bw’imibano yacu ya m insi yose.
- Muri ico gice ca mbere, aho hose hari hakenewe ko dutanga intumbero canke dufata ingingo zitomoye, twarabigize, muzobisangamwo. Vyongeye, ico gihimba gisozerwa n’indinganizo zirimwo ingingo zitomoye kandi zibwirizwa gufatwa nk ’amategeko mu bisata bitanu. Mu gisata c’ugutunganya Inama nkuru ya paruwase; mu c’ugutunganya Inama ntunganyamatungo ya paruwase; mu c’itorwa n’indero y’ab agomba kuba abasaseredoti; mu c’ugutunganya ubuzima n’ubutumwa bw’abasaseredoti no mu c’itorwa n’ubutumwa bw’abamenyesh amana muri Diyoseze ya Ngozi. Izo ndinganizo zose muzozisanga mu vyo twise imperekeza ziri mpera y’igitabu. Imperekeza ya gatandatu ni inyigisho – ntangamuco mu vyerekeye imperezwa muri Ekleziya yacu.
- Icamwa ca kabiri c’iyi Nama y ’Umuryango wa Diyoseze ari na co kigize igihimba ca kabiri c’iki gitabu c ’amateka ya sinode ya Diyoseze, cerekeye rero ukwubaka Ekleziya – ndemeshamahoro mu bantu. Tubanza kwibutsa uruhara ruhambaye rw’Ekleziya mu vy’ukuremesha amahoro n’ugusubiza hamwe, mbere tukerekana ko Ekleziya ataco yoba ibereyeho kandi riho yoba ihemu kiye Uwayishinze, mu gihe itokwitwararika ico gikorwa c’ukuremesha ama horo. Kuko ku bwacu, kiri mu karamutima n’akarangabutumwa kayo. Turavyerekana neza mu kwihweza ko na Yezu yaje ari Umwami w’amahoro kandi akabaho yig isha ko banyaguhirwa ari abaharanira amahoro, kuko ari bo bazotorana iteka ry’ugusa na we mu kuba abana b’Imana. Ntawushobora rero gusa na Yezu, Umwana w’Imana, n’ukuvukana na we ataremesha amahoro. Ariko duca twerekana ko n’aho Yezu yadusigaranye amahoro, we nyene yivugiye ko atayaduhaye nk’uko isi iyatanga; kandi mbere ko amahoro yiwe asho bora n’ugutangaza abatari bake , kuko aho ashitse hari batanu, batatu baca kubiri na babiri, babiri bagaca kubiri na batatu (raba Luka)
- Tumaze kuzirikana ayo majambo yose, tugasubira n’ukwiyibutsa inyigisho z’Ekleziya mu vyerekeye imibano, tukaraba n’ivyo igihugu cacu cabayemwo kandi n’ubu kirimwo, twasanze Ekleziya yaraharashe mu kutwigisha ko amahoro arama Yezu yatwigishije, ashingiye kuri za nkingi zine twibukanya muri ca gisabisho c’ugutura Imana Inama y’umuryango wa Diyoseze. Ni ukuvuga : ukuri, ubutungane, urukundo n’ikigongwe. Ngaha rero duca tuhashimikira, tukahi tondera , kuko ari ho hari akarangamutima k’amahoro Ekleziya ibwirijwe kuremesha , n ’uburyo ibwirijwe kuy aremeshamwo. Mu nkundire ngerageze kubibabwira mu majambo make.
- Muri izo nkingi zine, ukuri ni ko kumeze nk’umuzi w’igiti cama amahoro. Ni ko gutuma n’ubutungane nyabwo bugira ifatiro. Uko kuri tuvuga, ni kwa kumenya ko twese turi ibiremwa vy’Imana, twe se tukaba twaremwe tunganya iteka, kuko Imana yaremye zina muntu wese imwishushanijeko (Amamuko 1, 27). Nkako, hari uwo mwomenya Imana yaremye nk’umuja w’abandi ? Uko kuri ni ko na Yezu yashize imbere mu buzima no mu butumwa bwiwe, mu kwitwararika no mu gutunganiriza bose, ahereye mbere ku batagira iteka mu maso y’abantu. Iyo rero tumaze kumenya n’ukwemera uko kuri kwa mbere, ni ho ubutungane bw’ukuri bwiganza, bukaba ubwo uguha ininahazwa Imana, be n’uguha zina muntu wese ivyo vyose bikenewe kugira ngo iryo teka yiherewe n’Iyamuremye ryubahirizwe, ryongere ritezwe imbere. Ntituba tukirondera gutunganiriza abantu dufatiye ku koko canke ku karyango, ku mugambwe canke kw’idini iri canke ririya. Turondera nyabuna gutunganiriza umwe wese, kandi bose, twisunze iryo teka tunganya. Dukubitije agatima mpembero mu vyatumy e amahoro abura muri kahise, n’ibiriko biratuma abura muri kubu, dusanga nyene ari muri uko kwirengagiza uko kuri kwa mbere k’uko twese tunganya iteka, bica bituma dukumira aba canke bariya, tukaba turenganije rero, ako karenganyo na ko kakavyara amashari, inzankano, induru n’ingwano.
- Ariko naho mwumva ukuri kumeze nk’umuzi, ubutungane nabwo bukamera nk’umutumba w’igiti c’amahoro, igiti kibuze amata agitembamwo, nticama. Ahubwo kiruma. Uko ni ko tubona vyomera mu vy’amahoro. Iyo ukuri n’ubutungane bibuze uru kundo, na cane cane urukundo mpuhwe rushobora kurekurira abandi, nta camwa c’amahoro n’ugusubiza hamwe igiti gihava ngo came. Ni co gituma kuri twebwe, urukundo mpuhwe n’urukundo kigongwe rurekurira abandi, ari ko gahivu gahwanya za nkingi z’amahoro, Ekleziya yacu ibwirijwe kuremesha. Ni ivyo tuzi, ukuri kurondewe canke kukavugwa ata rukundo, gushobora gusambura aho kwubaka, co kimwe n’ubutungane burondewe ata shaka ry’impuhwe n’ukurekuriranira, usanga bishobora kuvyara umutima w’inzigo n’ukurondera kwihora na, ntivyigere bishikana ku mahoro n’ugusubiza hamwe. Ni co gituma na Yezu, Umwami w’amahoro, yaje ari Rukundo rwa Data, aza ari Kigongwe ca Data mu bantu. Nitwibuke ingene Yezu we nyene ubwiwe yatanze ikigongwe gushika no ku bariko baramubamba ku musalab a. Twibuke ingene inyigisho ziwe zishimikira kenshi k’ukugiriranira ikigongwe ubudaharura; gushika no ku mwansi wawe ubwirijwe gukunda n’ugusabira. Aranasaba mbere ko uwacumuweko yoba ari we agira intambwe ya mbere ngo aze gusubiza hamwe n’uwamucumuyeko. Ivyo vyose na none umuntu abigira ngo ase na Data wo mw’ijuru, nkuko Yezu yabidusavye. Mugabo kandi agira iyo ntambwe ya mbere nk’uwihutira kuza gushayura uwamucumuyeko abona ko yatosekaje rya teka ryiwe yaremanywe mu gucumura. Ivyo ni vyo bica inzira y’ ugusubiza hamwe, kandi bigatanga amahoro y’umutima kuri bompi. Ayo mahoro y’umutima, ni yo atuma abantu baba abanyamahoro, gurtyo bakaba abaremesha amahoro.
- Mu kurondera no mu kuremesha amahoro, Ekleziya ifise igikorwa nk’ic’umwambiro mu gikandu, ic’umunyu mu mfungurwa, ic’umuco mu mwijima w’isi. Umunyu ntusubirira imfungurwa, umwambiro ntusubirira igikandu. Amahoro Ekleziya iharanira ntatunganywa nk’ayapolitike. Uruhara runini rwa mbere rw’Ekleziya ruca ruba urw’ukwigisha n’uguhanura. Kandi ntibigira ngo n’uko yinginzwe, canke ibona biryohera ab’isi. Ibwirijwe kubigira nyabuna ngo igamburukire uwayishinze, kuko biri mu karanga kayo. Nkako nyene, iyo umunyu uba wabanza kubaza ibifungurwa ko wobirunga, ubwo imfungurwa zokunze igihe cose ? Iyo umwambiro uba wabanza kubaza igikandu ko kiwukeneye, ubwo cowemereye igihe cose ? Ariko murabona ko vyose bikorana, kugirango umukate ube umukate, inzoga na yo ishe kandi iryohe. Turemera rero ko Ekleziya ibwirijwe gukora ishimitse mu vy’ukuremesha amahoro, mugabo igakora bwa mwambiro mu gikandu. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “ndabasigaranye amahoro, mugabo sindayabahaye nk’uko isi iyatanga”. Iyo ni yo ntumbero yacu. Twiyemeje rero kwigisha ivy’amahoro dushimikiye ku nkingi zine zishigikirana, twemeye kandi kwitang ako akarorero mu kuba Ekleziya muryango, aho abayigize bemera ko bose banganya iteka nko mu muryango, naho bose badakora kimwe. Tuzobigira tubicishije mu nyigisho zitangirwa cane cane mu nzego z’Ekleziya: mu ngo z’abakristu, mu mibano mitomito y’abakristu, mu maparuwase. Twiyemeje ko muri izo nzego zose twoza turaba nk’ibimuri bituma abandi babona iyo boja mu rugamba rw’ukurenesha amahoro n’ugusubiza hamwe. Twiyemeje kandi kwama dukorana n’ayandi madini, kuko urugamba rw’amahoro rusaba inguvu za bose.
- Bakunzi mwese, ukuvuga ni ugutandukanya. Ukuremesha amahoro kwacu nka Ekleziya, ntikuza gusubirira abashinzwe gutunganya ivy’igihugu ngo amahoro aronke aho ashikira. Ukuremesha amahoro kwacu, kugirwa mu buryo bw’ukwigisha no mu buryo bw’ugushingira intahe ama horo n’ugusubiza hamwe mu nyifato yacu. Ni muri iyo ntumbero, mu gihe Inama yari igishashe, twagiye kuninahaza Imana mw’iparuwase ya Mubuga, dukenguruka ko Imana, iciye kuri rya jambo ryayo rivukanisha, yari yafashije abari batandukanijwe n’amacakubiri y’amoko y’abahutu n’abatutsi, barasubira gusubiza hamwe. Uwo mugirwa wabaye kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2009. Kabaye akarorero kamwe mu turorero twinshi twerekana ivyamwa vyiza biboneka, iyi Nama y’Umuryango wa Diyoseze y adushikanyeko. Muri iyo ntumbero nyene y’ugushinga intahe, abanyenama baradusavye ko twoshinga umunsi mpuzamuryango wa Diyoseze, ugenewe kwibuka mu gisabisho abahitanywe bose n’ibiza vy’indyane iki gihugu caciyemwo. Tuzowugira mu ntumbero y’ugushira ahabona abapfiriye Imana kuko banse gu hemukira inkuru nziza y’umuvukano, kugira ngo batubere akarorero keza; no mu ntumbero rero y’ugusabiranira ngo duhinduke ku mut ima dusubize hamwe ibitari ivyomekerano.
- Muri iki gice ca kabiri, turerekana ko intererano y’Ekleziya ibwirijwe guca mu nyigisho no mu nyifato yayo, mugabo kandi iga ca mw’iterambere rizana amahoro, cane cane rishimikiye mu ndero nziza y’amashure y’ingirakamaro, kuko nta bworo buruta ubwenge buke ! Duheraheza twerekana ko igikorwa c’ukure mesha amahoro Ekleziya yacu yiyemeje kugikora iri mu bumwe bw’ayandi madini, kuko yemera ko urugamba rw’amahoro rusaba inguvu za bose.
- Banyenicubahiro mwaduteye iteka mu kaza kudushigikira muri uru rubanza aho dushikiriza icese amateka y’Inama ya mbere y’umuryango wa Diyoseze, ndahimbawe n’ukubamenyesha ko inyigis ho y’umurava y’ayo mateka iri mu duce 340, maze ingingo twafashe mu buryo bw’impfunyapfunyo zikaba 35, zikurikiwe n’indinganizo mperekeza 6 zirimwo amategeko agenda ibisata binyuranye. Ivyo vyose twavyanditse mu gitabu c’Inama y’umuryango wa Diyoseze kir i mu Kirundi no mu gifransa kikagira impapuro 344 udashizemwo impapuro zibir i z’urutonde rw ’ibirimwo, twongeyemwo kuko zari zibagiwe mw’iyandikiro.
- None rero, ku bw’ububa sha nahawe n’Ekleziya, kuva uyu munsi ndatangarije Ekleziya – muryango yose ya Ngozi, kandi ndashikirije abo bose amategeko y’Ekleziya ansaba gushikiriza, ivyapfunditswe mu Nama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze ya Ngozi, nkuko Imana yampaye kubizirikana kugira ngo nigishe Ekleziya – muryango w’Imana y’i Ngozi. Ibi nshikirije uyu m unsi, nabishizeko umukono n’ikimangu ca Diyoseze ku wa 16 Nyakanga 2012, nibuka isabukuru igira iya cumi na kabiri y’iteka natewe ry’ukuba mu murwi w’abasubirizi b’Abatumwa. Uretse ibivuzwe muri iki gitabu c’amateka twandikishije, n’ibizokwisunga ivyo nyene, nta bindi birekuriwe kwitirirwa Inama ya mbere y’Umuryango wa Diyoseze ya Ngozi, yashashe muri Myandagaro 2009.
- Nkundire mperaheze nsaba nti : Imana iratuja imbere, imigambi twashinze idufashe kuyishitsa. Turishize no mu minwe y’Umuvunyi w’iyi Diyoseze yacu, Bikira Mariya w’umutima utartyoye, ngo aze yame atwigisha kwumviriza n’ukugamburukira umwana wiwe, Umwami w’amahoro. Turi kumwe na we, muri Ekleziya – muryango, nk’ababigishwa ba mbere mw’isenakulo, ntakibuza ko Mutima Mweranda azodukoresha, tukarushirizaho kuba umwambiro w’amahoro arama muri ubu Burundi bwacu. Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu nihezagirwe, Mutima Mweranda abandanye atuyobora, ubwami bwa Kristu bwiganze mu mitima yacu no mu gihugu cacu cose.
Bigiriwe i Ngozi, ku wa 26 Munyonyo 201 7
+ Gervais BANSHIMIYUBUSA
Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi.